Accueil > Kwidagadura > Umusore asumvya ibisusu abagore
Umusore asumvya ibisusu abagore
jeudi 15 Nzero 2015
Micah afise imyaka 20 yamenyekanye n’abantu kubera ukuntu ateye nk’abagore. Uwo musore afise ibisusu binini mbere agasumba na Nicki Minaj na Kim Kardashian bavugwa ko bari mu bafise ibsusu binini
Micah ni umuririmvyi w’umudiho wa R&B, afise imyaka 20 y’amavuko. Uwo musore aratangaza abantu benshi kubera ukuntu ateye nk’abagore kandi ari umuhungu. Micah afise ibisusu binini nk’ivya bakobwa aho biboneka ko ashaka gusumvya aba Congomanikazi. Abantu benshi bibajije ko ari vyo yateyeko mugabo ubushakashatsi bwakozwe n’abanyamahanga batandukanye bwaremeje kandi barerekana ko uwo musore ariko aremwe.
Naho uwo musore afise ibisusu binini bisumba n’ivy’abagore benshi, no mu maso biraboneka ko asa n’umukobwa kandi n’inyifato yiwe canke ukuntu yitwara n’ivy’abakobwa. Ivyo bikerekana ko n’ivyiyumviro vyiwe ari ivy’abakobwa kandi yoba akunda abahungu bagenzi we kubera ukuntu yitwara.
Ivyo vyose abantu bakavyerekwa n’amafoto atandukanye Micah akunda gushira ku rubuga rwiwe rwa Instagram, kenshi aba yambaye impuzu z’abakobwa canke ahagaze nk’abakobwa ariko arifotora.
Micah avuga ko ataco bimutwaye, ko yakiriye uko Imana yamuremye ahubwo abifata nk’umugisha yahawe abandi basore badafise, bigatuma amenyekana atarize kwiruhisha.
Lorene Nubwabo
Messages
15 Nzero 2015, 16:20, par Nwari
Uwo numu (omoo)uwo nicokimwe na nuwera na ndiho na hakiza na question bakeneye ibinyaruka kuronka bagapfuma bahemuka mugabo uwo ntaguhemuka uruva ko ariko imana yamuremye
15 Nzero 2015, 16:46, par Mwamikazi
Mana we! Ivyo bintu ntibishoboka! Isi irarwaye n’ukuri murabe neza! None nk’umuvyeyi wuwo mwana twovuga yuko afise umwana ki? umukobwa, umuhungu? Kobwa-gihungu? Tumusengere!!!!!!!!!!
16 Nzero 2015, 02:45, par Gervais
Ntibitangaje kuko imana irema uko igomba ishatse irarema ikimuga.