IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umusore w’imyaka 17 yaguye mw’ibohero rikuru rya Muyinga

Umusore w’imyaka 17 yaguye mw’ibohero rikuru rya Muyinga

mercredi 27 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umubabaro ni mwinshi mu banyororo bo mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga, inyuma y’urupfu rwa Elias Nishemezwe, umusore w’imyaka cumi n’indwi yahitanwe n’ingwara muri iryo bohero. Abanyororo bagenzi we bavuga ko ubuyobozi bw’iryo bohero butamuhaye uruhusha rwo kuja kwa muganga, ivyiyamirizwa n’ubwo buyobozi.

Elias Nishemezwe yitavye Imana kuri uwu wa kabiri ashitse ku bitaro bikuru vy’i Muyinga, amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Muyinga akavuga ko yari amaze iminsi myinshi aremvye, kandi yarabuze uruhusha rwo gusohoka hanze kwivuza.

Bamwe mu banyororo bagenzi b’uwo yitavye Imana bavuga ko ubuyobozi bw’iryo bohero bwari bwamenyeshejwe ko aremvye, ariko akaba atacakozwe.

Ubuyobozi bw’iryo bohero buriyamiriza ivyo bwagirizwa, bukamenyesha ko kuva aho bamenyeye ko umuhisi Elias Nishemezwe aremvye, yaciye ajanwa ku bitaro, naho atagize amahirwe.

Uwo yitavye Imana ari mu bantu barenga ijana bari bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, bagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.