Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutahe mpuzamakungu wo guhagarika Samantha wasohotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umutahe mpuzamakungu wo guhagarika Samantha wasohotse

Umutahe mpuzamakungu wo guhagarika Samantha wasohotse

vendredi 27 Nyakanga 2013

N’ubu abandanya akekwa kuba yari mu bateguye kandi bagashira mu ngiro umugambi mubi wo gutera ikibanza westgate, ikibanza c’ubudandaji mu gisagara ca Nairobi, muri Kenya, uwo nawe akaba ari Samantha Lewthwaite batazira umupfakazi w’umuzungu, avuka mu gihugu c’Ubwongereza, naho abandi bavuga ko yoba yaraguye muri iyo nyubakwa.

Igihugu ca Kenya rero kikaba casohoye umutahe mpuzamakungu wogufata uyo mupfakazi w’umuzungu Samantha. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abapolisi rikaba ryarakiriye uyo mutahe w’ugufata uyo mugore w’umwihevyi aho azoba ari hose kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 26 Nyakanga uyu mwaka. Ico gipolisi ca Interpol kikaba casavye ko izina ry’uyo mugore nyina w’abana babairi Samantha Lewthaite yagirizwa kuba yafashe ingwati abantu bari muri Westgate n’ukwica, afashanije n’umukomanda w’umu shebab.

Samantha Lewthwaite w’imyaka 29 y’amavuko, azwi kandi kw’izina rya Nathalie Webb, akaba kandi atazirwa umupfakazi w’umuzungu, yagirizwa na Kenya ko kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2011 yariko arategura ico gikorwa c’ukwica abantu, akoresheje ibirwanisho bicira umuriro, nk’uko iryo shirahamwe ry’igipolisi risanzwe rikorera i Lyon mu gihugu c’Ubufaransa ribivuga. Uyo mugore rero akaba ariko akoresha murekarengane yo mu gihugu ca Afrika Yepfo, akaba yayironse mu nzira z’ubusuma.

Abihevyi bo mu muhari wa al shabab rero bakaba bariyemereye ko aribo bateye inyubakwa ya Westgate. Ubu naho biyemereye kandi ko aribo baraye bateye ikirindiro c’abasirikare kiri ku rubibe ico gihugu gihana n’igihugu ca Somaliya, mu Buraruko, mu gace kitwa Mandera, aho hasize ubuzima abasirikare babiri. Izo nkozi z’ikibi, zikaba zararashe n’imiduga igera kw’icumi inyuma y’uguca zugururira umuriro ku mazu abamwo abasirikare muri ako gace.

Umukuru w’igipolisi muri ako gace ka Mandera Charlton Mureithi, akaba yavuze ko izo nkozi z’ikibi zateye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nyakanga, igihe c’isaha y’icenda z’umuhingamo, kw ‘isaha mpuzamakungu ya GMT. Abandanya avuga ko ubu bariko barabarondera aho binyegeje. Ico gitero c’abo bicanyi kikaba cononye vyinshi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.