Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umutahe w’uguhagarika Moise Katumbi wasohotse
Umutahe w’uguhagarika Moise Katumbi wasohotse
vendredi 20 Rusama 2016, par
Moise Katumbi, umwe mubamaze kumenyesha ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, yagirijwe na Reta y’ico gihugu icaha co gukoresha abarwanyi b’abacangero b’abanyamahanga mu gutegura guhirika ubutegetsi.
Umuvugizi wa Reta ya Congo yavuze ko Moise Katumbi yariko ategura umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila yorangije ikiringo ciwe mu kwezi kwa Kigarama uwu mwaka, mu gihe ibwirizwa shingiro ryokurikizwa.
Inyuma y’isohoka ry’uwo mutahe, Lambert Mende umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo avuga Moise Katumbi yahoze ari Buramatari w’intara ya Katanga ashobora gutabwa muri yompi umwanya uwariwo wose agashikirizwa ubutungane, canke agapfungwa ic’amaso.
IGIHE
Messages
20 Rusama 2016, 17:44, par CAKIRA
Bien,bien! uwushaka gutembagaza ubutegetsi wese fata kuko vyarataye igihe izo mbwa, bakongomani mucubwenge basha mumenye aho abasoda ba MONUSCO birigwa bikuruta ngaho iwanyu mwibaza ko ari urukundo? kuki ikambi yabo iri harya hari inzahabu? bimba burizindege,mbe Kagame igihe yarafise M23 mwibaza ko yariko arondera iki? ibaze kandi mwisubize nimba mufise ubwenge! kuki umuji wa kigali yawubatse kurya? amahera yavuye iwanyu, ngaha i Burundi yaravyipfuje ariko vyamutaye kuwamazi kuri za or,cortan na petrol na za cigarette nayandi mabuye yagaciro yagomba!! twamuhaye umusaraba tuvuga duti :Pima uwone kwa inci yetu we umbwa toka: none namwe bandanya nufyina mutazi ko muri kugahiye twe carakemutse kuko nuwarungitse bwamaneko emwee duca ducakira!!!
22 Rusama 2016, 09:20, par Kabango
@ Cakira kobagiye gufunga Katumbi umwitiranyije na kagame, ugomba kuba warasaze.