IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umutahe wa gatatu ntawo yitavye

Umutahe wa gatatu ntawo yitavye

jeudi 15 Rusama 2014

Ku mutaha ugira gatatu wo kurenguka mu butungane, Pierre Claver Mbonimpa ntiyawitavye, kuko yari mu rugendo mu makungu nk’uko bimenyeshwa n’uwumuburanira Armel Niyongere.

Ku ncuro ya gatatu asabwe kurenguka mu giporisi gikorana n’ubutungane, uyu munsi ukaba wagira irya kabiri mu ndwi imwe gusa, kuko yaheruka kwitaba ku wa mbere, igenekerezo rya 12 Rusama uyu mwaka, aho yari yagiye ndetse yibangikanije amwe mu masanamu y’urwaruka bivugwa ko ruri mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Muri ayo masanamu Mbonimpa yari yarengukanye, hakaba harimwo amwe y’abapfiriyeyo, abashoboye gutoroka, abari mu myemenyerezo ya gisirikare n’ayandi.

Tukabamenyesha ko Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike risanzwe rigwanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa APRODH, yasavye ko uwitwa Kazungu asanzwe akorera ibiro vy’igendereza ry’Uburundi yohamagarwa, akagirwako amatohoza, kuko ariwe adomwako urutoke cane, mu bantu boba bakorana cane n’uyo murwi uri muri ico gihugu kibanyi ca Kongo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Komera mutama kandi nibakuvane kwinduru.mbe ahoyabisiguriye ubunaho bashaka kumenyiki?ivyobamaze gutohoza muvyowavuze nibihe?!barihenda cane vyose tuzobimeneya nibarindire gato.

  • Ntanakamaro kokubitaba kuko babaza icobazi nkamwarimu,ivyabontawutabizi nibareke kuguteshumwanya wawe ibandanirize nayandi ma dossiers,haogera aho babizwa neza.bagupfunge bareke abarundi tuzotegerezwa kumenya ico baribagamije.nukomere kwibanga uburundi bukeneyeabantu nkawe

  • Ewe mutama baraguhanze,none ubu naho bashakibindibiki?birya ntibikwiyeko bobikorerako?!none ububutungane bwuburundi bumeze gute!canke bashaka ngobamupfunge!nicokimwe uta inkoko ntuta icibitse abarundi ububarakanura

  • Ntaho ikinyoma catsinzukuri!je nasanze arabahinga barashobora kumira umwotsi unzu yahiye bakawufuka pepeee ntunabonumwotsi,nibareke kwibazisha ivyobazi.murumwanya barashobora kumufunga canke bakamwica nivyovyabo..muga ukuri kuzojahabona mberekuza kwarabonetse,nta lois de la gingle muri democratie.nohanura ko bogezaho kuko abarundi twarambiwe dukeneyeamahoro,kwica gufunga gutoteza babihagarike.none bahanze Mbonimpaumuntu mutoya bicuriki?nibagarukane agatima kubuntu kuko buraca bugacanayandi abarundi twaraciyubwenge dukeneyeamahoro.tugiramahoro nitwa Burakeye

  • Bamwe ngokomera mutama, abandi ngontanakamaro kokubitaba! Nikomuvyibaza? Haruwivugiyengo Satani agutuma gukora ibibi bwaca mumwanya akagutwenga!!! Satani murumva kwari sesankuyose! Namwe mwinyegeje inyuma yamazina atabaho ngo mutama kandi nibakureke, abandi ngo ntanakamaro, Nikomuvyibaza!?

  • ico nzi coco nuko ikinyoma ciwe cagaragaye !!!! dushaka kumenya ukuri natahera hanze atagerezwa kugaragaza ukuri ababuze ababo bararindiriye kumenya baheze bahambane iteka ababo ... ndore ngiyo ifoto aho yayivanye nayandi iperereza dyamaze kumenya aho yayavanye amakuru yose kubijanye namafoto yagiye habona naze abazwe.http://wandimoyi.wordpress.com/2008/10/13/lapr-presente-en-rdc/#respond nukuri turakwiye kwisubirako kugira ibintu nkibi ushaje ni akambaro kibara

  • Mutama tweseturi impunzi ariwewe bizokugora ntaho uzoja kuko waturiye igihugu nonesevyakugendeyegute impuzikotwakwemera nabapfungwa nibande baguhenze umviriza rero hitamwo winjiremumigambwe uhe akokazi icegeracawe

  • ubona ahayeahunga iki? atariibinyoma vyiwe yamazekubona kwibisaka vyimbwa kovyahiye basesankuyoze nabo ngokomera mtama

  • Mutama tweseturi impunzi ariwewe bizokugora ntaho uzoja kuko waturiye igihugu nonesevyakugendeyegute impuzikotwakwemera nabapfungwa nibande baguhenze umviriza rero hitamwo winjiremumigambwe uhe akokazi icegeracawe

  • Iyi ntagondwa nitahe ibazwe iby’amasanamu ya M23. Nawe ameze nka Kagame warimbuye abahutu yarangize akarunda amagufwa yabo mu Rwibutso rwa Gisozi aho abeshya ngo ni abatutsi bazize Genocide. None murumuna we Mbonimpa nibyo agira nga azane iburundi ! Ndabandoga agomba gufungwa kuko abangamiyeumudendezo w’abarundi!!!!

  • AKATARETSE KABA GASEMA, FOCODE,FORSC,APRODH,RPA MURARABE NEZA KUKO AKAJE KATAZIRA UMWE. BARUNDI MWIBUKE IVYO ABO BANTU BAVUZE (CANKE BASHIKIRIJE ) KURIBABANTU BIMURWA KUMASE NGO IKIMASHINI CAHAMVYE ABANA. MWIBUKE IVYAWAMUNYAGIHUGU WO MUKAMENGE UMUGORE WIWE BAMURIRISHA KURI RPA, NGO UMUGABO WIWE YATOWE IKIZIGA MURI RUSIZI NAWE YIKOMEREYE. MWONGERE MWIBUKE INDURU YACIYE KURI RPA BAVUGA UBWICANYI NDENGERA BUTUNGANE, MURI DOSSIER ABEL NSHIMIRIMANA BWABANYESHURI BATATU BISHWE NGO VYAGASHINYAGURO. BACIWE AMAGARA, AMAZOSI N’AMARASO YABO AKANYOBWA, ARIKO AKABA ATIGEZE YEREKANA IZOMVA ZABOBANA, CANGE N’IMIRYANGO YABO IBONEKE NGWIBARONDEZE. NIMWIBUKE IVYO UMWUMWE WESE MURAYO MASHIRAHAMWE MVUZE, IVYO YAVUZE KURI ZONKURU MBIBUKIJE. NUKURI NOVUGANTI KUDAHANA KUGWIZA ZA MUJERI, BAMAZE KURENDEGERA, ARIKO MUKIRUNDI NAHO BACA UMUGANI NGO BARENDEGERE YAGIZENTE............ NIMUHERAHEZE.

  • nave iyoyinyegeje aze bamubwire ivyavuye mumatohoza

  • UWO MBONIMPA,AHO GUHARANIRA AGATEKA KA MUNTU KENSHI ARAGAHONYANGA.UTI GUTE?KO YIVUGIYE KO AFISE IVYEMEZO,VYIVYO ASHIKIRIZA,NONE UWO KAZUNGU ASAMBANA,ARIMWO MUVYEMEZO?CANKE CAMERA YA MBONIMPA,YAFASHE AMAFOTO YA BAMWE ABANDI IKABAREKA?NIMBA MUVYO YEREKANYE KAZUNGU ATARIMWO,ASUBIRA KUMUSAMBANA GUTE?NAGUME HAMWE<IKINYOMA KIMARA UMUSI NTIKIMARA UMWAKA>NAYO GUKWEPA KWITABA NTACO BIMAZE.AHUBWO VYEREKANA KO YATINYE KO INTAHE IMWOKERAAA!

  • Ivyanditswe mwiyi article nivyo naho batatomoye neza. Abantu bagwanya ubutegetsi barimwo imice itatu. Aba mbere ni aba extremist babatutsi nubu batumva ukungene bashobora gusangira ubutegetsi na bahutu. Aba kabiri ni abahutu b’inda nini biyibagiza ivyo u Burundi bwaceyemwo, abo bakabiri ni bo babi kurusha bose. Aba gatutu, ariko umuntu ashobora kubereka ukuri bakumva ni abana bakuze ubu, batazi neza akahise kuburundi bahendwa na modern technology bakiyumvirako ubuzima ari automatic.

  • Mbonimpa ni Mutama koko . Iyo umuntu ashaje ubwenge buba nk’ubwumwana. None uwo mupfayongongo ni Mbonimpa utekerereza mu kibuno nka Murumuna we Kagame arashaka ngo namwe abahutu b’iburundi babakone kandi babica. None batangije gusebya abarundi ngo bafatanyije n’interahamwe ngo kandi bari gutegura kwica abatutsi i I Burundi. Abo bene Kanjogera na Bikomagu wagandaguye Ndadaye ni ukubamagana hakiri kare..!!!

  • Ndakomeje kurindira numwe icoyamashirahamwe avuga ngo ntaharanira ivyicaro muri reta icahava abivugako ibibintu vyamugenzi wayo APRODH Pierre Claver (http: worndingi.wordpess.com/2008/10/13/lapr-presente-en-rdc/ #repond) Natagira icavuga vumvikana, bazobabaharanira gicimbataza ububeshi. ARIKO
    URYAMUNTU YAVUZE MWIZINA RYISHIRAHAMWE SOCIC NARABABWIYE KWARUMUNYABWENGE VYAHATARI; NUBUNDABIBASUBIRIYEMWO, URYANUMUNYABWENGE VYAHATARI KANDI NDABIMWUBAHIRA, YAVUZENGO IMBONERAKURE BAZANKIRA UMUKOMEZI ZIFISE, UKWONUKURI. UWANDITSE NAWE NGAHA MWIZINA RYITWA UKURI, NDAVUZENTI IZINA NIRYOMUNTU KOMERA KARAMBA. HANYUMA UWIYISE MACEDOINE AHOYANDITSE AVUGAKO MUNJAVYI ZABARUNDI ZIRIMUMIRWI 3 JEWE NDUWAMBERE AGUSHIGIKIYE MBERE WABIRYOHEJE AHUMVUGIYEKO KURURYA MURWIWA 2 KARIWO MUBI GUSUMBA IYOYINDI, NDAVYEMERA NIVYO.

  • Harikintu cantangaje gose mubantu bagizama comments hano!nabonyemwo abantu bavuga ikinyarwanda kurusha uko vyahora!nuko hano hariko havugwa ivy’i foto yimbonerakure zaguye muri congo intumbero kukaba kwari ukuzivanayo none zendwabo interahamwe zumva ubwoba k indagala n’umukeke Kazungu yahora ashira imbonerahamw interahamw zikahatorerakajisho zigomba zigende nka yamata ya kanyomvya?yeee heeeheee!kumbura mwishikane kwa kagame mwa bigoryi mwe abanzabavugutirumuti w’ubuntu!hemw,reka abo bana b’uburundi tubacure tubasubize muruhongore namw mwanyamaswa mwariyabantu muzogwaho mu birunga murakicwa n’inzara!KAGAME arababona mwa misegamwe azobakona muragashira!mwe murabona!mwandika ngaha ivyiburundi birabaraba!pfa mwipfane inzigo n’ubunyamaswa bwanyu bizobatsinda ngaho i Congo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.