Accueil > Poritike > Imigambwe > Umutahe wo kurengutsa umukuru wa MSD mu gisagara ca Bujumbura
Umutahe wo kurengutsa umukuru wa MSD mu gisagara ca Bujumbura
dimanche 21 Ruheshi 2015
Umukuru w’umugambwe MSD mu gisagara ca Bujumbura yatumweko mu butungane, aho abwirijwe ku bwitaba kuri uyu wa 23 Ruheshi.
Peggy Karwire umukuru w’uyo mugambwe mu gisagara ca Bujumbura, akaba yatumweko ku mvo z’amatohoza. Umukuru w’umugambwe MSD akaba yari amaze igihe atarara mu muhana iwe, ndetse hakaba n’amakuru avuga ko uwo mukenyezi wo mu muhari w’inzirabugunge za MSD, yoba yaramaze kuyanyaga, akaba yoba ari hanze y’igihugu. Uwo mukenyezi arongoye MSD bikavugwa ko yoba yari amaze igihe aronderwa n’igiporisi, kuko yoba yagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Uwo mutahe wo kumurengutsa Peggy Karwire, ukaba ushitse mu gihe uwurongoye ukwiyamamaza mu mugambwe MSD Jean Marie Harahagazwe yarekuwe , inyuma y’aho afatiwe kuri uyu wa 15 Ruheshi, akajanwa mu biro bikuru vy’igendereza, afatiwe muri komine ya Kanyosha, aho nawe yoba yagirizwa gutunganya imyiyerekano.
Ariko uwurongoye uwo mugambwe mu ntara ya Gitega Epithace Nshimirimana we, n’ubu akaba akiri mw’ibohero rya Rumonge, inyuma y’aho afatiwe na bamwe mu bakorera urwego rw’igendereza, ndetse akemeza ko yasinzikarijwe ubuzima, aho n’aho apfungiwe abo mu muryango iwe, bemeza ko amagara yiwe yifashe nabi.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2015, 11:38, par Lucky
Hazagera Igihe Vyose Birangire.
21 Ruheshi 2015, 12:01, par VITAL
NIYITABE NIYABA ATACO YIYAGIRIZA NIYAGIGWA NICAHA UBUTUNGANE BUMUKOREREKO
21 Ruheshi 2015, 14:08, par Gigi
Iyo mitahe yose yo kumarira abatavuga rumwe na reta mu gasho. Ico gihugu nta butungane bugihari birazwi aho umugambwe cndd fdd ariwo uca imanza kandi ukica abene Burundi. Akarenganyo barwanije niko bariko barakora ubu.
21 Ruheshi 2015, 14:51, par cyriaque
mvugakuri,nzirabugunge,murikirakuri namwe dusangiye urugamba gwokubohoza amategeko! mwihangane iyurugamba rukomeye ruba rugiye kurangira!kandi ntawaraziko bagbo yogiye hariya hantu abarizwa ubu.kandi ntawaraziko usama,kadafi,bopfuye nukuri imana yishurira kugihe.
21 Ruheshi 2015, 16:06, par niyo mugatunguru yishe abantu benshi yarahis
niyo mugatunguru yishe abantu besnhi yarahise
21 Ruheshi 2015, 16:42, par Pascal
Ntamuntu ashobora kubura ico yagirizwa kubutungane dusigay dufise muburundi.
21 Ruheshi 2015, 19:08, par Kugihe
Vital, urikigugu kabisa, uzosigara wenyene muriyo DD yamwe na petero, ntiwumviseko umuchingamateka Moise bucumi yavuze ingene inkoho zatanzwe. Nubu woharirako atankoho zahawe imbonerakure?
21 Ruheshi 2015, 19:20, par Chretien
Niwitabe mwana wamama kuko uburundi bwacu hazogeraho twitaba twese ababubamwo.
21 Ruheshi 2015, 19:23, par Soumando
Nagumy Umutima Muga Namba Yateguy Itavugwa Niyitab Yiregure Kuko Kiraga Ari Kinini Murakoz
22 Ruheshi 2015, 04:26, par PITA
NIMUREKE TURABE MUGABO UBUTABERA BUZAGARAGARA BURYA IYO NKURUNZIZA PETER ABOMORA MPIMBA KUKO NATAJAMO NTIHAZOBURA ABOBARIKUMWE BAZINJIRA UMUSI UBUTABERA BUZAGARAGARA UKWOKUTOTEZA MWISANGIJE NURUPFU=RUZOPFA.A
22 Ruheshi 2015, 08:55, par NIYU8
MUBURUNDI IBINTU BIRACURITSE UWIBWE NIWE AKUBITWA.
22 Ruheshi 2015, 21:27, par ongeya
habwo nibosohore imitahe yabarundi bose badasangiye ivyumviro maze turabe amaherezo yabo
23 Ruheshi 2015, 13:40, par gasore
ivyo binywamaraso mbega vyibazako bizogotomea amaraso yabo batavugarumwe ngo bayamare!Barihenda ntawumarira Imana,
24 Ruheshi 2015, 09:25, par kelly
jew abantu barantangaz nn ubutungan bumutumyeko buba bugiz nabi baca babiha imvo za politik ahubwo nibarek ubutungan bukor