Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarahawe agashimwe na Mike Ross
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarahawe agashimwe na Mike Ross
lundi 15 Mukakaro 2013
Mw’isozerwa ry’igikorane cari kimaze iminsi kibera mu Nyakabiga, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza nawe nyene yari asanzwe ari muri ico gikorane yarahawe agashimwe n’umuvuga butumwa w’umunyamerika Mike Ross yari yaje kwigisha.
Mike Ross yakengurutse cane ibikorwa vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu w’igihugu mu murimo w’Imana, amenyesha ko ari hake kw’isi wosanga umunyecubahiro nk’uwo ari no mu bikorwa vy’Imana cane ku rugero rwo kuba umwungere w’ishengero.
Yabandanije avuga ko ako gashimwe atagateguriye mu Burundi, ahubwo yavuye muri Amerika yabiteguye kuko n’aho umutambukanyi w’umukuru w’igihugu atari kuza muri ico giteramoyari kugashikirizwa.
Mike Ross yabandanije avuga ko imvo nyamukuru zatumye amuronsa agashimwe ari uko yakoze ibikorwa bigaragara mw’iterambere ry’igihugu mu bijanye n’ubuvugabutumwa. Ikindi n’uko ari umwe mu batambukanyi b’abakuru b’ibihugu bashigikira ibikorwa vy’Imana bakanabibonekamwo nk’uko bigaragara mu gihe ari umwungere w’ishengero mu gihugu c’Uburundi.
Umuvuga butumwa Mike Ross yaboneyeho akanya ko kuremesha abarundi bose ababwira ko bafise Imana, ko itazohengeshanya guha igihugu imihezagiro, ikazonabafasha mu gikorwa c’amatora yimirije kuko uburongozi bwose buva ku Mana.
Joel Sengurebe
Messages
6 Ruheshi 2015, 15:15, par Nt. John
jewe nibaza kw’imana Ikunda U Burundi N’abarundi