Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutekano wahungabanye mu ntara za Kirundo na Cankuzo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutekano wahungabanye mu ntara za Kirundo na Cankuzo

Umutekano wahungabanye mu ntara za Kirundo na Cankuzo

vendredi 1er Ntwarante 2013

Muri komine Gitobe yo mu ntara ya Kirundo abantu3 Barishwe n’abagizi ba nabi, muri komine ya Mishiha yo mu ntara ya Cankuzo naho Bus ya OTRACO yaguye mu mugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho abantu 6 barakomereka. Abikekwa bafashwe n’igipoolisi muri ivyo bice.

Aho hose umutekano wahungabanye mw;ijoro ryo kuri uyu wa kane italike 28 Ruhuhuma umwaka w’2013.

Ngo hari nk’isaha zitatu z’ijoro aho abantu bitwaje ibirwanisho vy’ama grenades binjira mu nzu y’umuntu ku musozi Nyenzi komine Gitobe intara ya Kirundo. Baciye bica umugore n’abana biwe babiri. Se rugo nawe ngo yarakomeretse bikomeye.
Ntawamenye abo bagizi ba nabi kuko ngo baciye bahunga, nico abo bantu bazize ntikiramenyekana.

Igipolisi caciye gitangura amatohoza hanyuma gifata abantu batatu bikekwa. Muri abo harimwo umuhungu w’uwo mugabo yakomeretse ariko ngo yamuvyaye kuwundi mugore atari uwo yishwe.

Uyo mugabo se rugo yakomeretse ngo yari afise abagore babiri kandi umugore wa mbere ngo ntiyakundana n’umugore wa kabiri. Ngo kumbure ubwo bugizi bwa nabi bwoba bufatiye kumatati yo mu rugo hamwe n’amatati y’amatongo.

Muri komine Mishiha intara ya Cankuzo naho, imodokari yunguruza abantu y’ishirahamwe OTRACO yaguye mu mutego w’abantu barenga 20 bitwaje inkoho, amacumu n’imipanga mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane. Iyo modokari yari ivuye i Bujumbura igiye muri komine Mishiha.

Abo bantu bitwaje inkoho baciye batangura gukubita izo ngenzi, baratema n’imipanga bongera babambura impuzu. Abantu batandatu bari muri iyo modokari barakomeretse umwe muri bo akaba aremvye cane. Barivye n’ibidandazwa n’impuzu zarimwo hamwe n’amafaranga arenga imiliyoni 6.

Abantu batatu bari muri iyo modokari ya OTRACO ntaco babaye, abo bagizi ba nabi ntibabakozeko, muri harimwo n’umusirikare w’igihugu. Igipolisi cabahagaritse kuko cabiketse. Ngo boba bakorana n’abo bagizi ba nabi kandi ngo nibo boba baratanze inkuru bavuga aho iyo modokari igeze kugira bayitangire bayisahure.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.