IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuti woba ugira uboneke ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro mu Burundi?

Umuti woba ugira uboneke ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro mu Burundi?

mercredi 4 Kigarama 2013

Inyuma y’aho integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro igiriye mu nama nshingamateka, iyo nayo yamenyesheje mw’itangazo ishize ahabona ko, igiye guhamagarira imigambwe yose n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike kugira bavugane ku kibazo c’ihinduka rya zimwe mu ngingo zigize ibwirizwa nshingiro.

Iryo tangazo risohowe n’inama nshingamateka y’Uburundi, rikaba rije mu gihe imigambwe iri mu runani ADC Ikibiri yari yamaze guhamagarira abanywanyi bayo ndetse n’abarundi bose, kwihereza amabarabara kugira iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa nshingiro bayiyamirize. Abari muri ADC Ikibiri rero co kimwe n’iyindi migambwe iri muri Reta nka Uprona na Sahwanya Frodebu Nyakuri bakagiriza umugambwe CNDD FDD ko wigunganye iyo nteguro na rirya ari ibwirizwa nshingiro rizogenga abarundi bose.

Karori Nditije umukuru w'umugamwe Uprona

Mu mugambwe wa Rwagasore ho bagirije CNDD FDD, umugambwe uri ku butegetsi, ko wahengereye abadasigana ba Uprona bari muri zuguru zuguru yo gukura Terensiyo Sinunguruza yari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Reta ica ijana iyo nteguro muri Reta, abadasigana imitwe yashushe, bariko biyumvira ukwo bakura Sinunguruza muri Reta.

Wa wundi ati ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka, inama nshingamateka isa n’iyitanze umuti, ngira wohava uzovura benshi! Ibiganiro vyagiye birasabwa n’abarundi batandukanye eka n’amakungu, ni vyo inama nshingamateka ishize imbere. Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, amashengero n’imigambwe nka yose, barasavye ko hatojamwo igikenye mu gutosora ibwirizwa nshingiro, canke ngo CNDD FDD ikoreshe ibitigiri ufise mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu gutegura no kwemeza iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro.

Ubu rero igisigaye kumenya, akaba ari namba ADC Ikibiri,urunani rutavuga rumwe na Reta, ruzobandanya guhamagarira abanywanyi bayo mu mabarabara kuri uyu wa 9 Kigarama uyu mwaka, canke ko bagiye kurindira ibiganiro bahamagariwemwo n’inama nshingamateka y’Uburundi, yo yemeye gutunganya ivyo biganiro ku berwa n’ikibazo co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ibiganiro Nibabijemwo Batumire Abaserukira Abandi Bose, Amashirahamwe Yigenga, Ayadaharanira Inyungu Za Politike, Amadini..... Baheze Bayage Kuvyohinyanyurwa Ntihagire Uwuvuga Ngo Yakumiriwe Knd Ivyo Bavuganyeko Babikurikize, Bikuremwo Umutima Wogukumir’abandi. Igihugu Ni ca Twese. Maze Abarundi Tucubake Tugiteze Imbere Amahoro Aboneke Mugihugu.

  • hari ibibazo vyinshi ni bareke kudutera izindi nibarigarukane bumvikane kuko biraturab atwese !!Mbe aba dd barwaye kuniga abandi!!!nibitonde babanze barwaze na Adolphe bavuze ko arwaye!!!

  • Cndd fdd nireke kwigungana amabanga yigihugu kuko ntabwo abarabu barusha abarundi kurinda amasase barayamenyereye

  • Nivyiza ko bemeye kugira ibiganiro nibaje hamwe bunvikane kuko namatwegeko atugenga twese abarundi:ADC nayo niyihangane imanze irindire ivyo biganiro ntabaje mumabarabara

  • ico nohanura Nkurunziza i bwirizwa nshingiro ntakoreke ufite abasirikare ntidushobora kwemera kuduta mu manga.abo bahanuzi babi ufise mu mitwe yabo arukwica nka Adolph na bandi.ntagura wibaze ni kuki inama mugira zose zimenyekana ahozabereyen; amasaha.nimwaba mwibaza koterezwa ngusubira kwitoza uteshwe ute.mbega Buyoya koyatanze i gihungu nuko atabwenge yarafise ushaka womuhanuza ukareka abo bahanuzi babi ufise arukwica biba.Kadafi na ex president cote d;ivoire warabonye ivyabo!!!!!!izo mudoka ugiramwo uravye nabi urashobora kubura vyose.muri cnd uwuvuze ukuri ntavugana abo bageneraux erega ntimukiri mwishamba aho muguma mwica mukibaza niho gotora umuti muriko abantu babarinda cane.

  • Mbega igisirikare nigiporisi bijejwe iki?
    igisirikare kijejwe gucungera imbibe zigihugu no kwivuna abansi bigihugu ariko sugutera ubwoba abenegihugu
    igiporisi naco kijejwe gucungerera umutekano Wabanyagihugu muvyabo no mubabo ariko sukubatera ubwoba
    Ababo bivugira ko ntarushinge ntagikwashu eka ntakintu nakimwe bazoba bafise muntoki bobo rero bazikurasa no kwica uti tuzobereka
    Barabahenze Abanyagihugu ico bashatse nicokiba
    Nibabaze mubihugu biteye imbere gusumba Uburundi ingene vyagenze
    Ico dusaba twebwe igisirikare ni giporisi ntivyisuke murivyo bintu ahubwo bicungere umutekano wabene gihugu kuko Reta zirahinduka unomunsi naba ejo naho nabandi ntibahendwe rero
    Ahubwo abanyeporitike nibicare hamwe baganire kubibazo bihanze Abarundi na Barundikazi ntihagire abavyihererana bonyene
    Hama Inama Igasumba Ingimba

  • Wewe wiyita Democrate 1,uvuga nabi kweli mugabo ntibitangaje uko usa nabi niko unavuga nabi.

  • poritike niki?
    politike nukwishira nukwizana kumunyagihugu agaserura ivyiyumviro vyiwe atagitsure atewe
    Kuvuga gutyo nugushaka bamenye amabi yose bakora ko twebwe Abanyagihugu tuyabona wewe bakorera ivyiza uze ubavuge neza ariko nawewe burya barakubona
    ico noguhanura ntimuze mumere nkaya ngurube yabura ivyo irya ikarya abanabayo.ibintu biduga ku munsi ku munsi:ibiciro biduga ku munsi.amehera atagaciro ku munsi...abantu baguma bicwa nigipolisi.abacamanza babandanya bacazagondegonde.ubu turabanyuma kwisi muri vyose.none peter ariko adashira he!ubu RDC irasuvya amahera yagaciro.none twebwe tubaye abande

  • poritike niki?
    politike nukwishira nukwizana kumunyagihugu agaserura ivyiyumviro vyiwe atagitsure atewe
    Kuvuga gutyo nugushaka bamenye amabi yose bakora ko twebwe Abanyagihugu tuyabona wewe bakorera ivyiza uze ubavuge neza ariko nawewe burya barakubona
    ico noguhanura ntimuze mumere nkaya ngurube yabura ivyo irya ikarya abanabayo.ibintu biduga ku munsi ku munsi:ibiciro biduga ku munsi.amehera atagaciro ku munsi...abantu baguma bicwa nigipolisi.abacamanza babandanya bacazagondegonde.ubu turabanyuma kwisi muri vyose.none peter ariko adashira he!ubu RDC irasuvya amahera yagaciro.none twebwe tubaye abande

  • Jewe Mbona Ingoranezose Tuzogirangaha Muburundi zobazwa Abiyitakobadaharanira Inyunguza Politiq (Kukonibobagumabahamagarira Abenegihugu Kugumuka) <Eheraba Sibomana Tasiyano Bamukurikirane Cane Kukoyaraye Avugiye Kwisanganiro Ngo Abanyagihugu Bahaguruke Bakoreshe Imigere mukuGWANYA Ubutegetsibwa CNDD FDD Bizohere munzu iwe vyongerebihaherere.

  • bega Ugo Runani Adc Ni Bwokoki?Mbega Bomenya Ko Aho Babukaranga Twari Musi Yurujo?Mbega Bahenda Bande?Ko Baheza Kuwucana Bagaca Bomoka Bagatinya Kuwota Twaramaze Kubahinyura Nta Murundi Bazokongera Guhenda Pe!Barageza Turabe Ugo Runani Rwabo Natwe Nkabarundi Dufise Urunani Hamwe Nimana Yomwijuru.%

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.