Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuvugabutumwa Dr Myles Munroe yapfiriye rimwe n’umugore wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuvugabutumwa Dr Myles Munroe yapfiriye rimwe n’umugore wiwe

Umuvugabutumwa Dr Myles Munroe yapfiriye rimwe n’umugore wiwe

lundi 10 Munyonyo 2014

Umuvugabutumwa mpuzamakungu Dr. Myles Munroe akomoka muri Amerika, yitavye Imana mw’isanganya ry’indege. Dr Myles Munroe yapfiriye rimwe n’umutambukanyi wiwe bari kumwe muri iyo ndege.

JPEG - 72.9 ko
Dr Myles Munroe n’umugore wiwe Ruth baguye mw’isanganya ry’indege

Muri iryo sanganya y’indege ryabereye ku kibuga mpuzamakungu Grand Bahama, ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, abantu icenda nibo bitavye Imana. Abo bapfuye bari mu ndege (jet privé) yari yunguruje umuvugabutumwa Dr Myles Munroe, asanzwe ariwe yari arongoye ishengero rya Bahamas Faith Ministries.

Muri abo basezeye isi, harimwo uwo muvugabutumwa Dr Myles Munroe, umupfasoni wiwe Ruth, bikavugwa ko na bamwe mu bana b’uwo muvugabutumwa boba bari muri iyo ndege yagize isanganya.

Umuvugabutumwa Dr Myles Munroe yitavye Imana mu gihe ata n’indwi zibiri zari bwahere avuye mu Burundi, kuko kuva kuwa 25 gushika kuwa 27 Gitugutu 2014, yari yaje mu Burundi gutanga inyigisho z’uburongozi bwiza zahawe abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, abakuru b’amashengero, hamwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari mubakurikiranye izo nyigisho.

Dr Myles Monroe umwungere w’ishengero rya Bahamas Faith Ministries yavutse kw’igenekerezo rya 20 Ndamukiza 1954. Yitavye Imana ku myaka 60 y’amavuka.

JPEG - 79.8 ko
Dr Myles Munroe yaheruka mu Burundi gutanga inyigisho z’uburongozi bwiza

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.