Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuvukanyi wa Jose Chameleon,Weasel yavyaye umwana wa35 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuvukanyi wa Jose Chameleon,Weasel yavyaye umwana wa35

Umuvukanyi wa Jose Chameleon,Weasel yavyaye umwana wa35

lundi 26 Nzero 2015

Weasel akunze kumenyekana cane mu murwi witwa Goodlife aho aririmbana na mugenzi we Radio, yavyaye umwana wa 35 n’umukunzi wiwe Samira Tumi.

Weasel n'umugore wiwe, Samira Tumi

Weasel n’umugore wiwe Samira Tumi baheruka kwakira mu muryango wabo ikibondo, kuri weasel agize umwana wa 35 ku bagore 25 batandukanye.Weasel kuva agiye mu rukundo na Samira Tuni yiyemeje guheba ingeso mbi yo kugendana n’abakobwa benshi mbere aremera Tuni ko babana nk’umugore wiwe.

Umwana wa Weasel na Samira Tumi

Aho avyariye uwo mwana, abantu batari bake bamukeje harimwo umuryango wa mukuru wiwe Jose Chameleone. Mugabo ku mbuga ngurukanabumenyi nka facebook na twitter, abantu benshi ntibaryohewe bumvise iyo nkuru bakavuga ko weasel atarakwiye kuvyara uwundi mwana kuko abo asanzwe afise ari benshi bikagora kubitaho vyongeye harabo atibuka kubera ubwinshi bwabo.

Umugore wa Chameleone ateruye umwana wa Weasel

Mwomenya ko uwo mugore wa Weasel yahoze akundana na murumuna wa Weasel yitwa AK 47, ivyo bikaba vyateye icuka kibi hagati yabo bavukanyi ba Jose Chameleone, AK 47 akavuga ko Weasel yamutwaye uwo yari yihebeye. Ubukwe hagati ya Weasel na Tuni buteguwe mu minsi iri imbere mbere weasel yaramaze gutanga inkwano.


Lorene Nubwabo

Messages

  • iconiyumvira nuko
    ak 47 koyamaze kuvana nuwoyariyihebey yomuheba akarondera uwundi kuko yaramaze kuvyara umwana ataruwiwe weasel nawe yokwirinda kuza avanga abagore kuko abariko abateranyaad

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.