Accueil > Ubutunzi > Umuyobozi mushasha wa OBR yiyemeje kurwanya ibiturire
Umuyobozi mushasha wa OBR yiyemeje kurwanya ibiturire
jeudi 24 Mukakaro 2014
Inguvu zigiye kwongerezwa bimwe biboneka mu kurwanya icitwa igiturire, urudandaza rwa magendu hamwe no guhana bimwe vy’akarorero abakozi b’ikigo OBR boba baja mu bikorwa nk’ivyo bigayitse. Ubwo ni ubutumwa bwatanzwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo OBR gitoza amatagisi n’amakori.
Kuri uno wa kane, umuyobozi mukuru w’ikigo gitoza amatagisi OBR yatunganije inama ihuza abakuru bo ku mipaka hamwe n’abajejwe amatohoza mu bijanye n’urudandazwa rwa magendu (fraude). Iyo nama yari ifise intumbero yo gutanga ubutumwa bwo kurwanya bivuye inyuma icitwa magendu (fraude) n’igiturire, bongere kubasaba gukora akazi kabo neza mu kwakirana ubwira ababitura hamwe no kwirinda abo bose babakwegera mu bikorwa vy’ukurya ibiturire.
Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR amenyesha ko mu ntumbero yo kurwanya ivyo bikorwa bigayitse, yamaze gushiraho ibiganiro, kugira umwe umwe wese asubire yibutswe uruhara afise kandi ko ata mukozi n’umwe wa OBR yemerewe kubonwa mu bikorwa nk’ivyo, mbere ibihano bisanzwe bitegekanijwe, biva ku gihano co gukeburwa gushika kwirukanwa burundu bizohabwa abazofatwa.
- Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR
Ikindi mu kigo OBR bazokora kugira barwanye ayo mabi ajanye n’igiturire, n’ugufashanya n’abanyagihugu hamwe n’inzego zitandukanye zijejwe kurwanya ayo mabi.
Muri iyo nama, abakozi b’ikigo OBR ntibariye umunwa ahubwo ndetse baronkeyeho akaryo ko gushikiriza umuyobozi mukuru mushasha w’ikigo OBR, ingorane bahura nazo mu kazi kabo ka minsi yose. Izo nazo akaba ari ikibazo c’abakozi basa n’abadakwiye, ingorane y’uburyo n’ibikoresho vyo kwiyunguruza hamwe n’umutekano w’abakozi ba OBR usa n’uwudakingiwe aho bakaba batanze akarorero ko mu gihe baba batahutse bashobora guhura n’abagizi ba nabi bashobora kuba badakunda ikigo OBR.
Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR avuga ko ivyo bibazo bari babizi, ko bariko barakora kugira babikure mu nzira. Ariko avuga ko muri kino gihe boba bararaba bagasangira ibikoresho baba basanzwe bafise uko bingana. Ku cerekeye abakozi naco, gisa n’igiheruka gukemurwa kuko ikigo OBR giherutse kwinjiza abakozi bandi bashasha.
Tubamenyeshe ko Domitien Ndihokubwayo, umuyobozi mukuru wa OBR akura amakenga ku bibaza ko igiturire kigiye kwirara mu Burundi, kuko ikigo OBR gisigaye gitwarwa n’umurundi. Domitien Ndihokubwayo arabakurira inkoni ku gishitsi abiyumvira uko, mbere akavuga ko ata bwoba afise na gato kuko abahoze bakora muri OBR hatwara umuzungu n’ubu nibo aribo bagihari, eka mbere akavuga ko akami ka muntu ariko gafasha umuntu, ahubwo akamenyesha ko agiye gushira inguvu nyinshi mu kurwanya urudandazwa rwa magendu n’igiturire.
Floxella Karire
Messages
25 Mukakaro 2014, 09:22, par mukobwajana
NTAVYO YOKORA KUKO ABAMUSHIZEHO NICO BASHAKA GUUUSA..LE SYSTEME DD NUKUVUGA IGIURIRE KUYORA VYOOSE,,,NTIDUTE UMWANYA...ABAMUSHIZEHO BIBA BOOSE NONE?????