Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi (...)
Umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi yitavye Imana
lundi 21 Ntwarante 2016, par
Uwahora ari umuyobozi mukuru w’ishengero rya Zion Temple Celebration Center mu Burundi yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 20 Ntwarante 2016. Bishop Kajabika Ruben asanzwe ari mukuru wa Apotre Paul Gitwaza umuyobozi mukuru w’ishengero Zion Temple Celebration Center kw’isi yose.
Amakuru dukuru ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ishengero Zion Temple Celebration Center mu Burundi amenyesha ko abakirisu b’iryo shengero bakiranye umubabaro urupfu rwa Bishop Kajabika Ruben bamwe bafata nk’umuvyeyi wabo, abandi umuvukanyi, abandi nabo umukozi w’Imana, bose hamwe bakamusabira kuruhuka amahoro, ndetse n’Imana igakomeza abo asize.
- Bishop Kajabika Ruben, imfura mu bana indwi, akaba mukuru wa Apotre Paul Gitwaza
Bishop Kajabika Ruben yakoreye cane ahitwa mu Bijombo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, akorera kandi i Kinshasa, aho asanzwe yakurikiraniye amashure.
Bishop Kajabika Ruben, imfura mu bana indwi, akaba mukuru wa Apotre Paul Gitwaza yahitanwe n’ingwara y’igisukari yari amaranye iminsi.
IGIHE
Messages
21 Ntwarante 2016, 12:56, par Gakozi Emmanuel
Imana imwakire mu bwami bwayo agire uburuhuko bwiza. Yaru muvyiyi wi mpfuvyi, umukozi mwiza w’Imana atagira ubudyadya umuhanuzi mwiza. Imana imwakire.
21 Ntwarante 2016, 13:35, par INTAGOHEKA
NTAKUNDI IMANIMWAKIRE MUBWAMI BWAYO AMEN
21 Ntwarante 2016, 16:08, par Mpozamarira Erias
Imana imwakire muri paradiso yayo, tukongera guhumuriza Abakristo bose bokwisi yose bari bamaze kumvubutumwa bwiwe twihangane umusumwe tuzokwongera kumubona igihe YESU azobagarutse gutora abamwizeye bakamukorera mukuri.... murakoze.
21 Ntwarante 2016, 16:44, par bonheur
RIP
21 Ntwarante 2016, 19:00, par james
Turahojeje umuryango inshuti na bavandimwe ndetse ni torero rusangi imana imuhe iruhuko rindashira kandi tuzahora tumwibuka kumbuto nziza ya bibye kwisi Amen
21 Ntwarante 2016, 22:56, par Ismail
Arahomvye Kuko Apfuye Ataramenya Ko Imana Arimwe Rudende,itabangikanywa,nkokuba Yahora Yigisha ko Hari Imana 3,imwe Ngo Ni Yesu,iyindi Ngo Ni data,iyindi Ngo Ni Mpwemu,ikibabaje Ngo Yitavye Imana? Mbe Murizo Zi 3,yitavye Iyahe ?Yohana,17,3, Gal,3,1,
22 Ntwarante 2016, 19:51, par 0788807903
Imana iguhe iruhuko ridashira asanze se wakoreye imana cyane kumisozi yimurenge
25 Ntwarante 2016, 11:20, par J-claude Ngendakumana
Mukomeze Kwihangana Kuk Ico Imana yari Yateguye Kubwiw Categerezwa Gushika Ntakundi Imana Imwakire