Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet yirukanywe yagirizwa gusuma (...)
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet yirukanywe yagirizwa gusuma urusaku
lundi 11 Rusama 2015
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Wireless Burundi yirukanywe na Reta y’Uburundi, yagirizwa kuba ari umusumyi w’urusaku hagati y’Urwanda n’Uburundi.
- Anthony Masozera
Amakuru yo kwizera ikinyamakuru IGIHE cashoboye kuronka mbere akemezwa yaba n’ibiro vy’umukuru w’igihugu canke ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu, ni uko Anthony Masozera aturuka mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yirukanywe na Reta y’Uburundi, kuva kuri uyu wa 10 Rusama uwu mwaka. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire bashoboye kuduha ido ni do ry’icatumye yirukanwa, bavuga ko ari umusumyi w’urusaku, yumviriza bamwe mu bategetsi, mbere akanatanga akazi yisunze kamwana wa mama, aho hari abimwa akazi muri iryo shirahamwe, abagirije ko ari interahamwe.
Mwomenya ko ukwo kwirukana uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Anthony Masozera, vyoba vyanasabwe n’urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Mw’ishirahamwe Econet kugeza ubu ntaco barabivugako.
Aristide Nizigire
Messages
11 Rusama 2015, 10:23, par Tea
Nivyaba arivyo nibamurunghke kuko yohava ateranya ibihugu bibanyi.
11 Rusama 2015, 11:02, par mutabazi
Ntagitangaza kirimo kuko abo bene Gahini barangwa n’ivangura. Kuko kuribo umuhutu wese ni interahamwe. Ahubwo iyo mumutobora iyo nda. I Burundi si mu Rwanda
11 Rusama 2015, 11:20, par yves ndihokubwayo
biragoye pe!ico numva nuko bilimwo imvo ya politique!!yihangane!
11 Rusama 2015, 11:58, par noel
Ahubwo nkurunziza arasara ntabwenge afise mumbarize ico yakoze kuva aronka ubutegetse ko nisoko yariho yayituriye a
11 Rusama 2015, 13:09, par Fleury Olisys
Turazi yuk iyi Leta ya nkurunziza, ariyigikenye,umungo ntidufise democratien,knd tuziyuk, Ndadaye yararivumerey, mgb ntayirwa idahita. Nimuz tubandanye urugamba
11 Rusama 2015, 16:33, par bebe
Ibiba iburundi ntawo vyatagaza canke go bishavuze !kimwe gusa umwe wese namenye ico akwiye gukora .
11 Rusama 2015, 19:00, par Ange
Bari batevye kumwirukana umuntu yatwimye nama unite
12 Rusama 2015, 13:49, par ms
ico azira turakizi nuko bamusavye ko banjya bumviriza amatelephone y abo batavuga rumwe na leta no gufasha kulocalisa aho bari we akababwira ibyo bitari muri mu shingano zivyo bagenera umuclient ntakindi nakomere yubahirize inshingano ze akazi n umugabo ntiyakorera mu kwaha kwa leta
12 Rusama 2015, 15:29, par Gipisi
peter akura abatamuyoboka
mbona kazungu,ayubu na dorufu bidegemvya!
12 Rusama 2015, 16:23, par Paul Njyongabo
Ivyo intwaro y’uburundi isigaye ikorera abanyagihugu bamwe bamwe bisa n’ibintu vyakorewe aba juifs kuva muri 1938 gushika muri 1944.Ntihavjre uwuzovuga ngo ngitwakomye induru.
8 Mukakaro 2015, 22:01, par IRAKOZE
NONE BAMUSUBIRIJE? KUBA BAMWIRUKANYE NICO CATUMYE MUHUZA IYO MIHORA?
11 Ruheshi 2018, 17:46, par NKURUNZIZA
MUKAVUNGEREHARAYEHATEMBAGAYEIMODOKAPOROBOGISI