IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU yatumweko mu butungane

Umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU yatumweko mu butungane

samedi 14 Munyonyo 2015, par egide

Antoine Kaburahe, umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU yarungikiwe umutahe w’ukwitaba ubutungane kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 16 Munyonyo 2015.

Umutahe w’ukwitaba ubutungane washikiriye Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU kuri uwu wa gatanu, akaba yabwiwe ko ari mu ntumbero ya dosiye RMPG nomero 697/MA, ijanye n’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

JPEG - 60 ko
Antoine KABURAHE umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU

Kuri uwu wa mbere kw’isaha zitatu z’agatondo, niho Antoine KABURAHE azokwitaba muri sentare ntahinyuzwa, akaba azokwumvirizwa na Barbatus Ntakarusho.


IGIHE

Messages

  • Ntatunye ubutungane bubereyeho ukure.
    Ariko kandi bimubere isomo

  • ARAGENDA AGAVYE HARANYERERA

  • Uburundi ikibazo ntikiri imbere ahumbwo. Kiri inyumaa.ntagihugu nakimwe nibi vyiburay . Vyemera akajagari.itagazamakuru ntiriba opposition riba umuvugira bose.
    Kwitaba rero sagacamutwe Twizeye ko azoba umwere yarafashije canemukuduha amakuru twebwe abari inyuma yigihugu.
    imanaimuje imbere.

  • Kora kora irabandanya mtama Kaburahe bagira baguhore kurumututsi mugabo barahumba imana ntiheranwa iteba gusa kwishura.

  • Ngo ubutungane bwamutumyeko??? Burya burabaho? Hah! Bwana Kaburahe uraraba neza ko itegeko ritoba ryavuye hejuru umenye uko uzokwifata.

  • imana iramubona niyo ikingira ikongera ikazigama impahazwa

  • SHAWEWE URAGIYE PEEEEE JEWENDAGIZUBWOBA NARIRYA URUMUTUTSI BAYI TUZAHURIRAKUMPANDA KUMBURUGENDE UBACIKE

  • Yewowe !! Uwo mupfapfa nibintu yandika asebya uburundi. Nimumukanire urumukwiye

  • mbe uwo yotembagaza ubutegetsi bigenze gute? azira umwuga. twarabonye ko yerekanye amasanamu y, abagandaguwe n, abapolisi bavuye gushingura uwabo. ntakindi bamuhoye ntibabese.

  • Niyitabe Mugabo Ha barabe Neza Ntibaje Bararenganya Babantu

  • Uravye ivyoyandika ashobora kuba arimubisigisigi vyabashatse kudushira mucago cakudeta , jewe buryanamankurikiraba ivyoyandika nkahebankibazako icokinyamakuru cobagikorera mukinyegero kitazwina l’etat!? Namanategereje ngondebe ahocanditse ivyo leta yakozevyiza nkasanga ntabibako ariko nagenda mugihugu nciye kurubuga rwitwango KU KIVI nkabona ibikorwa vyishi, nkibazanti ikikinyamakuru kibibwiye amasomyi vyocononera iki? Nkacanibaza kwarikinyamakuru cabatavuga rumwe na reta, abamenjeshamakuru nabanditsi bamezeguti ntibazigera bicarahamwe ngobatekane nubwowokorera mwivyo bihugu vyatubanjireje guterimbere ntamahoro wohagirira ariko muvyambere bogukorera bokwaka urupapuro ruguha uburenganzira bwogutangaza amakuru

  • Ubutungane,ego tuvyemere kandi uyo Antoine aritaba ntaco azoba kandi ni mureke kumutera ubwoba Ubutungane nyakuri ni ubwa Yehova. soma Yesaya 12:2

  • nukugenda witunganije ikintu cose wasenze wishire mumaboko yimana amen.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.