Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuziki w’Uburundi uramaze gutera intambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Umuziki w’Uburundi uramaze gutera intambwe

Umuziki w’Uburundi uramaze gutera intambwe

jeudi 14 Ntwarante 2013

Abaririmvyi batari bake bo mu Burundi baramaze kumenyekana mu makungu.Muri abo,harimwo abaririmbira hanze y’igihugu n’abandi bari mu gihugu kandi ntibasiba kwiyerekana mu karere.Naho hari ivyateye imbere, n’ingorane ntizibuze.

Ku ntara 17 zigize igihugu,ishirahamwe ry’abanyamuziki mu Burundi(Amical des musiciens du Burundi) rifise ivyicaro 9 harimwo ico mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 7.3 ko

Abanyamuziki bose baharurwa hagati ya 300 na 400,ariko benshi muri bo ntibaronse akaryo ko kwiga kuvuza ibikoresho bikoreshwa mu muziki,ikaba ari intambanyi ku muziki.

Kubwa Bruno Simbavimbere batazira Memba arongoye ishirahamwe ry’abanyamuziki,muri kino gihe umuziki w’Uburundi waramenyekanye kuko abarundi baba mu mahanga bawurondera kandi n’abaririmvyi batari bake baramaze kuremesha ibiteramo nka Kidum,Lolilo,Steaven Sogo na Yoya ari kumwe na T-Max baheruka mu gihugu c’Ububirigi.

JPEG - 9 ko

Bruno simbavimbere ati:«Novuga ko tumaze gutera intambwe,ariko dutegerezwa gukora n’umwete.»

Umuziki w’Uburundi uri mu kibanza ca mbere mu karere ka Afrika y’ubuseruko kuko mu bindi bihugu vyo mu karere bafise ababafasha mu gihe mu Burundi hoho ari ingabirano bafise kuva mu myaka yo muri 1980.

Bruno Simbavimbere yamenyesheje kandi ko ibice 10 kw’ijana vy’abaririmvyi b’abarundi biyungunganya mu mazu yo gukoreramwo umuziki hamwe n’abahinyanyuzi.

Kuri ivyo rero bamaze kubona habuze inyigisho,rero hakenewe ko hotunganywa inyigisho ku rwaruka kuko ari nkenerwa.

Bruno ati:«Umuziki si urukino rw’abana, ni akazi nk’ubundi bwose,ari naco gituma washizwe mu bikoreshwa cane mu rudandazwa.»Iyindi ngorane ngo ni iyo kubura amazu yagenewe umuziki.

Mu gihugu hagati, hari umugambi watanguye mu kwezi kwa ruheshi kw’umwaka uheze wo gutunganya ibiteramo ku rwego rw’akarere.Ivyo vyarabaye mu ntara ya Ngozi mu giteramo cahuje abaririmvyi bo mu ntara zo mu buraruko arizo Ngozi,Kayanza,Kirundo na Muyinga,inyuma y’amezi 6 haratunganijwe ikindi giteramo mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Mwomenya ko kuwa gatandatu igenekerezo rya 16 ntwarante 2013,hatunganijwe isabukuru ku baririmvyi bo mu ntara zo mu burengero,hakaba n’ikindi kizoba igenekerezo rya 21 Ruheshi mu ntara zo hagati mu gihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.