Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuziki w’Uburundi wungutse umuririmvyi, azanye bishasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Umuziki w’Uburundi wungutse umuririmvyi, azanye bishasha

Umuziki w’Uburundi wungutse umuririmvyi, azanye bishasha

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Mu nzu ihinyanyura amasanamu n’amajwi y’indirimbo "Golden Records" ikoreramwo umuhinyanyuzi akongera akaba n’umuririmvyi Kook-k, bariko bafasha umwana muto cane yinjiye mu muziki w’Uburundi. Ururirimbo rwiwe rwa mbere rwaraye rusohotse.

Mu nzu Golden Records ikoreramwo Kook-k niho Butoyi Daniel azwi kw’izina rya Dany w’imyaka 13 yasohoreye ururirimbo rwiwe mbere "Mundekere". Tubajije Kook-k akorera muri iyo nzu uko yahuye n’uwo mwana, yishura ati : "Dany yaje iwanje aje gusohora ururirimbo, maze kwumva ko ashoboye kandi ata n’amahera yo kundiha yoronka, namusavye ko twogirana amasezerano yo gukorana imyaka 3. Ivyo nabisavye abavyeyi biwe maze baravyemera. Bamaze kuvyemera, naciye ndamutegurira ururirimbo rwiwe rwa mbere nise "Mundekere".

"Mundekere" yayirimbanye na Mkombozi. Twashatse kumenya igituma uwo mwana agitanguye kuririmba ashitse akorana n’igihangange nka Mkombozi. Kook-k afasha Dany yishuye ati : "Kugira Dany ace ubwenge kandi amenye ibijanye n’umuziki, yokwegera ababizobereyemwo, kandi nashatse ko yoja ahabona, nawe amenyekane". Ururirimbo ruri mu mudiho w’ikinyafrika "Afrobeat", ariko igitero ca Mkombozi kiri muri Hip Hop, nk’uko ariwo mudiho wiwe. Indirimbo yaheze gukorwa ejo ku munsi wa kabiri, izosohoka mu mpera z’iyi ndwi.

Mwomenyako Dany avuka muri komine Cibitoke, akaba yiga mu mwaka wa gatanu w’amashuri mato mato.

JPEG - 17.7 ko
Dany na Mkombozi kwa Kook-k

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.