Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Inkebuzo > "Umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe"
"Umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe"
mardi 9 Ndamukiza 2013
Umurwi w’abaririmvyi witwa inkebuzo mu ntumbero yo kumenya ibijanye n’indirimbo zabo kuko zivugwako cane n’abazumva kubera impanuro zitandukanye z’uburyo bwose ziba zirimwo.
Uwo murwi ukaba ugizwe n’abantu icenda harimwo abahungu indwi n’abakobwa babiri abenshi muri bo akaba ari abanyeshure bava mu ntara ya gitega mbere akaba ari naho bakorera ibikorwa vyabo.
Twarabegereye tuganira kubijanye n’indirimbo zabo bavuga ko biyemeje kuririmba impanuro z’uburyo butandukanye ari naho bakuye izina ryo kwitwa Inkebuzo kuko bakebura benshi mu ndirimbo zabo.
Iyo wumvise nk’indirimbo yitwa Bifise manda, aho bavuga ko bidakwiye guhunga igihugu watayemwo uruzogi aho kukirwanira mu ngorane kiba kirimwo, wokwumva kandi indirimbo bita Ubutungane aho bavugamwo ko hariho abakora amakosha ntibahanwe yamara inzirakarengane zigatabwa mu mvuto ,wumvise indirimbo zabo zose uca wumva iri zina barikwiye nkuko twabibariwe nabo.
Inkebuzo bafise icivugo cabo citwa ngo umviriza indirimbo zacu hama ukeburwe ukebuke twubake u Burundi busagambe iwacu no mu makungu.
Barangiza batera iteka umuntu wese wumviriza indirimbo zabo akumva ko yobaterera muri ico gikorwa biyemeje kuko bateganya vyinshi bakabura uburyo kuko benshi mu bagize uyu murwi ari abanyeshuri.
Joel Sengurebe
Messages
20 Ndamukiza 2013, 09:19
Ni mukomere cane, burya uburyo bwo kwigisha si mwishure gusa, ahubwo n’umuziki uri muburyo bwiza bwo gutanga inyigisho mubantu. Nimukomere kw’ibanga