IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwaka uraheze Musenyeri Eliya Buconyori yitavye Imana

Umwaka uraheze Musenyeri Eliya Buconyori yitavye Imana

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Haraheze umwaka wose musenyeri Eliya A. Buconyori asezeye isi. Kuri uwu wa gatatu hari hategekanijwe ibirori vyo kumwibuka vyabereye aho yashinguwe mu Ngagara.

Ivyo birori vyari vyateguwe na kaminuza Espoir d’Afrique (Hope Africa University), vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye, aha twovuga nk’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza, umuryango w’uwo muhisi, abayobozi n’abanyeshure b’iyo kaminuza, abaserukira amasengero n’abandi.

JPEG - 265.6 ko
Joy Buconyori, umutambukanyi w’umuhisi Eliya Buconyori

Mu majambo yashikirijwe n’umutambukanyi wiwe Joy Buconyori, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza, hamwe n’uwutwara iyo kaminuza Gerald Bates n’abo bagendanye, bose bagaruka ku butwari bwaranze uwo muhisi. Nk’uko babishikirije, ivyo birori ni akaryo ko kwibuka ibikorwa vyaranze musenyeri Eliya Alexandre Buconyori, kugira n’abandi bamufatireko akarorero.

JPEG - 305.2 ko
Denis NKURUNZIZA, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Ivyo birori bikaba vyasozerewe no gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa yiwe.

Musenyeri Eliya Alexandre Buconyori yatwara amasengero ya Methodiste Libre mu Burundi hamwe na kaminuza Espoir d’Afrique, ari nawe yayishinze mu mwaka w’2000. Yavutse mu mwaka w’1952 i Nyarusange mu ntara ya Gitega, akaba yari yubatse afise n’abana bane. Yitavye Imana kuwa 31 Ndamukiza 2013, ariko bakaba bamwibutse kuri uwu wa 23 Ndamukiza kuko ukwibuka urupfu rwiwe muri uwu mwaka vyahuriranye n’ibikorwa vy’ukwitegurira Pasika.

Mwomenya ko musenyeri Eliya Alexandre Buconyori yari mu biganiro vyabereye i Arusha, mbere akaba yari n’umwe mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Mu ntumbero yo kumushimira no kwibuka ibikorwa yakoze, Reta y’Uburundi yaramwitiriye rimwe mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura (Chaussée Monseigneur Elie Buconyori).


Isabelle Simbarakiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.