Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afrika y’Epfo : Hateguwe ibirori vy’ukwibuka umwaka uheze Nelson Mandela (...)
Afrika y’Epfo : Hateguwe ibirori vy’ukwibuka umwaka uheze Nelson Mandela asezeye isi
vendredi 5 Kigarama 2014
Umwaka urarangiye Nelson Mandela yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo asezeye isi. Ibirori vyo kwumwibuka bikaba vyatanguye kuri uno wa gatanu mu gicugu, mu gihugu ca Afrika Y’Epfo.
Ivyo birori vyatangujwe n’amasengesho hamwe n’imigirwa yabo, ku gasozi kamwe kaho i Pretoria kitiriwe abaharaniye umwidegemvyo mu gihe bariko barwanya intwaro za karyanishamiryango. Mw’ijambo ryiwe, umupfasoni wa Nelson Mandela, Grâca Machel agira ati : "Ndazi ko Madiba ari ahantu heza kandi atari wenyene, ivyo rero bikaba vyarashoboye kumbungabunga muri uno mwaka wose urangiye yitavye Imana."
Uwo mupfakazi abandanya avuga ko yagize amahirwe yo kuba ibitugu Nelson Mandela yishimikije mu bihe vyiwe bigoye, na cane cane ibihe vya nyuma vy’ubuzima bwiwe, ivyo rero akavuga ko azokwama avyibuka gushika ibihe bidashira, kubona yaratowe kugira abe uwo muntu yishimikizwa.
Ariko rero, n’ubwo muri ico gihugu bariko bahimbaza umwaka uheze Madiba yitavye Imana, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, ari mu rugendo rw’akazi mu gisagara ca Pékin.
Tubibuste Ko Nelson Mandela yari yavutse mu mwaka w’1918, akaba ariwe yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri ico gihugu ca Afrika y’Epfo, akaba yitavye Imana kuwa 5 Kigarama 2013 i Johannesburg. Yahambwe ahitwa i Qunu, akarere asanzwe yarakuriyemwo, mu bumanuko bw’ico gihugu.
Floxella Karire
Messages
6 Kigarama 2014, 16:54, par PANCYKOS
MZEE MADIBA TWEBWE WABOHOJE MU MPIMBA TWAKATIWE IMINYORORO YO GUHERAYO N’IFATWA NABI HABA MUGUFUNGWA CANKE GUFUNGURA NABI VYARANGWA MU MPIMBA,NYAKWIGENDERA TUZOKWAMA TUBIBUKA KANDU TUBUBAHA AHO MURI HOSI.KUMBURE JEWE N’UWO WESE YARI MU MPIMBA IGIHE WADUSANGA MU MPIMBA UJE KUDUSUHUZA MU MACHUNGU TWARIMWO NDABIBUKA AHO WATURAMUTSA MUKIRONGOZI PRINCIPAL IRUHANDE YAHAHORA ISOLEMENT HAMWE NA QUARTIE FEMME KURI GRILLAGE URABA MU KIBUGA CA CONTRAINT HAGATI YA TRANSIT NA MAGASIN HAMWE TWARABIRA TELEVISION IVYO TUKABIKESHA MWEBWE NYAKWIGENDERA IMANA IBAKIRE.
7 Kigarama 2014, 17:19, par R G
Mzee kabisa yarumugabo abanyapolitike ba africa bari bakeneye kumwigirako
8 Kigarama 2014, 18:57, par knowmore
imana iguhe iruhuko ridashira wabaye intangarugero kw isi yose
8 Kigarama 2014, 18:57, par knowmore
imana iguhe iruhuko ridashira wabaye intangarugero kw isi yose