Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana w’imyaka 8 yagirizwa gushigikira abihevyi bateye ikinyamakuru Charlie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umwana w’imyaka 8 yagirizwa gushigikira abihevyi bateye ikinyamakuru Charlie (...)

Umwana w’imyaka 8 yagirizwa gushigikira abihevyi bateye ikinyamakuru Charlie Hebdo

jeudi 29 Nzero 2015

Mu gihugu c’Ubufaransa, umwana w’imyaka 8 y’amavuko ariko arumvirizwa n’impanavyaha ya Nice kubera yavuze amajambo yo gushingikira abateye ikinyamakuru Charlie Hebdo

Umwana w’imyaka 8 yafashwe n’impanavyaha yo mu gisagara ca Nice mu gihe yariko avuga amajambo yo gushingikira abateye ikinyamakuru Charlie Hebdo. Uwo mwana akaba yabivugiye kw’ishure ritoya , niho umwigisha wiwe yavyumva. Amajambo uwo mwana yavuze n’uko ari ku ruhande rw’abihevyi, akisigura avuga ko atemera ibicapo bagira ku ntumwa Mahomet.

Abatwara iryo shure baciye bamenyesha impanavyaha yo muri ico gisagara ivy’uyo mwana. UmupoRisi yitwa Authier yaciye ahamagara se w’umwana kugira batahure igituma umwana angana gutyo ashobora kuvuga amajambo nk’ayo, mu gihe uwo mwana yariko arikinira n’igikinisho ciwe.

Uwo mwana basanze atazi nawe insiguro y’ivyo yavuze vyongeye bamubajije insiguro ry’ijambo "Terrorisme" ntiyashoboye gutanga insiguro.Gushika ubu bakaba bataramenya neza aho uwo mwana yakuye ayo majambo.

Mugabo ivyo vyateye icuka kibi hagati y’uburongozi bw’ishure yigamwo uwo mwana n’abavyeyi biwe, kubera ukuntu iryo shure ryaciye ryitwarira umwana wabo. Abavyeyi baciye basigurira umwana wabo ko ivyo yavuze atari vyiza, igikorwa cari gukorwa n’abarezi b’indero b’uwo mwana aho kumwitarira.

Umwana na se bakaba babajwe n’ukuntu bafashwe, ivyo bikerekana ko abantu bo mu gihugu c’ubufaransa bahahamutse kuva ikinyamakuru Charlie Hebdo gitewe n’abihevyi kigahitana abantu 12.

Abantu benshi babajwe ni vyashikiye uwo mwana w’imyaka 8 nk’uko benshi bagiye bavyandika ku rubuga rwa Twitter, nayo abandi bakavuga ko ubuyobozi bw’iryo shure bwavyifashemwo neza.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Ntamwana yifondera ikintu harya yarunva ingene se na Nyina wiwe barikuyaga kuvyerekeye Charlie,,,,,,,,,,,,,,abo nibo bavukamwo agatima kubu terroriste bivuye kubavyeyi babo..........nibara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.