Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwana wa Sat B amaze guhakwa kwica kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Umwana wa Sat B amaze guhakwa kwica kabiri

Umwana wa Sat B amaze guhakwa kwica kabiri

jeudi 27 Munyonyo 2014

Sat B ahejeje gutangaza inkuru mbi ku biriko bishikira umwana wiwe Leila. Yandika yibaza ico yoba yarakoze kugira abagizi ba nabi biyumvire kugandagura ikibondo ciwe.

Photo Sat B: Leila Burundi imfura ya SAT B

Ku murongo wa Facebook, Sat B yanditse ko umwana wiwe Leila yahawe isumu ku ncuro ya kabiri mu mezi atarenga abiri. Akibaza ico uwo mwana yoba ariko arazira kugira ababisha bagerageze ku mwica.

Sat B yandika n’umubabaro mwinshi ati:"Habari mbaya ni kwamba mtoto wetu kipenzi ‪‎Leila‬ Burundi kapewa sumu kwa mara ya 2 katika myezi 2. Why do you want to kill my leila ???". Hivi ndo shukrani Twapewa kuitumikiya nchi …???Anza na mimi basi ila acha mtoto wangu. Ndugu zangu mtoto wenu anaitaji duwa zenu …ameen".

Bisigura:" inkuru mbi n’uko umwana wacu Leila Burundi yahawe isumu incuro ya kabiri mu mezi abiri. Kuki ushaka ku mwica Leila wanje? Iri niryo shimwe duhabwa dukoreye igihugu...? Utangure wice jewe basi kugira undekere umwana. Bagenzi banje umwana wacu arakeneye igisabisho canyu...Amen.

Ahejeje kwandika uko, hari abamwandikiye bamubwira bati:" Pole sana, iyo uriko uratera imbere ntiwibaze ngo ni bose bakenguruka! kandi uzorabe uzosanga ari abajama banyu ba hafi! BERA HINO muta! be careful.

Umwana w’imfura wa Sat B, Leila BURUNDI yavutse kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka w’ 2014, uno munsi akwije amezi, indwi.

Mwomenyako ivyo biriko bishikira umuryango wa Sat B nawe ari mu gihugu ca Kenya mu bikorwa vy’umuziki. Turiko tugerageza kumurondera kugira tumubaze ico uwo mwana yoba azira n’abo yikeka ariko ntituramuronka.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.