IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umwana yagandaguwe yagirizwa kwiba umwembe

Umwana yagandaguwe yagirizwa kwiba umwembe

dimanche 3 Munyonyo 2013

Inyuma y’aho muri komine Mutimbuzi harwiriye ibara, umwana aragandaguwe azira ko yivye umwembe ku mubanyi wiwe, mw’ishirahamwe SOJEPAE ( Solidarité de la Jeunesse Chrétienne pour la Paix et l’Enfance) basaba ko amatohoza akwiye yokorwa, kugira uwo yakoze ubwo bwicanyi ahanwe bisunze amategeko.

Umwana Filimino niwe yagandaguwe yagirizwa ko yivye umwembe. Uwamugandaguye yaciye amumanika ku giti kugira ababibona bahave biyumvirako ko yapfuye ariwe yiyahuye. David Ninganza, umuvugizi w’ishirahamwe SOJEPAE ( Solidarité de la Jeunesse Chrétienne pour la Paix et l’Enfance) ryitaho ineza y’abana amenyesha ko hari hakwiye gukorwa amatohoza akwiye, kandi abushitse kugira uwuzokwagirwa n’ico caha azohanwe, mu ntumbero yo gutuza ubwo bubisha bwo guhohotera agateka k’abana.

David Ninganza, umuvugizi wa SOJEPAE BURUNDI

Mu kurindira amatohoza azokorwa n’inzego zibijejwe, David Ninganza, umuvugizi wa SOJEPAE asaba abanyagihugu bo muri ako karere harimwo n’umuryango wabuze kwihangana, ntibagire uko ishavu rigize, birinde kwinjira mu bikorwa vyo kwihorana.

Mwomenya ko ku mvo z’amatohoza, umunyagihugu azwi kw’izina rya Pascal, ari nawe akekwako kuba yaragandaguye uwo mwana, ko amaze gutabwa muri yompi n’igiporisi, ku mvo z’amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Birababaje cane turasavye ubutungane ko bwokora hama uwagirizwa ikibi agahanwa hisunze amategeko

  • Birababaje cane turasavye ubutungane ko bwokora hama uwagirizwa ikibi agahanwa hisunze amategeko

  • EMWE,HARI AHO NIBAZA KO NDIKO NDAROTA !!

    NDABABAYE CANE, KANDI NDAMARAMAJWE N’IRYO BARA !

    ARIKO GA YEMWE,UWO MUNTU VYAGOYE GURTYO AKIKORA MU NDA,YOBA YARAVYAYE ,CANKE ? MBEGA HO NIMBA ATAVYAYE,YOCA ABURA UMUTIMA W’IMPUHWE GUSHIKA HIYO ? ARIKO ICO NABONYE CO N’ABANTU BATAVYARA USANGA BAKUNDA CANE ABANA.

    MBEGA IYO UMWANA BIMUGOYE AKARYA UTUBOGA WARAJE MU NKONO,NA HO NYENE KUKO ASHONJE: MUKUHANA UMUNTU ACA AMUCA UKUBOKO,CANKE AKAMWICA?

    ARIKO VYONGEYE,ABAHINGA BIZE NI BENSHI,KANDI N’ABIZE IVY’INDWARA ZO MU MUTWE NA BO BARAHARI MU BURUNDI. ABO BANYUMA RERO NOBASABA KUGARAGAZA UMWUGA WABO,MUGUSUZUMA UWO YAKOZE IRYO BARA: KUMBURE MU BWONKO HOBA HARI AGA COURT-CIRCUIT.

    NAHO,ASANGWA UYO YAKOZE IRYO BARA YOBA ATA CHOCK AFISE MU MUTWE;;; NCA MVUGA NTI BARUNDI BENEWACU,OYA OYA OYA,TWISUBIREKO TWIYUBAHIRIZE,KUGIRA NGO TWUBAHWE.

  • Jewe nibaza ko igihugu cacu kiri modu kuko ubonye ibintu biba mugihugu cacu jewe nibaza ko atamuntu akimeze neza mumutwe, jewe nibaza ko abiyita ngo nabasenzi baracafise igikorwa.

  • Yesu,iyereke abarundi niho umuzi w’ubwicanyi woranduka.
    Akira uwo mumarayika yazize innocence yiwe kuko en realité ntaco yazize.
    Babarira abo bose bakora ivyo,bakuremwo umutima w’agatimatare ubahe umutima woroshe niho boshobora kubivamwo.Amen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.