Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuhindi : Umwana yavukanye imitwe ibiri
Ubuhindi : Umwana yavukanye imitwe ibiri
lundi 17 Ntwarante 2014
Mu gihugu c’Ubuhindi havutse umwana w’umukobwa afise imitwe ibiri, amazosi abiri n’igiti c’umugongo kirimwo bibiri.
Kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2014, mu bitaro biri mu burengero bw’igihugu c’Ubuhindi vyitwa Cygnus biri ahitwa Sopinat, umugore yitwa Urmila Sharma w’imyaka 28 yavyaye abana babiri b’abakobwa bamatanye (deux sœurs siamoises).
Muganga Shikha Malik avuga ko uwo mugore yaje gupimisha imbanyi, arabonako afise abana bafatanye ariko ntaco yashobora gukora kuko iyo mbanyi yari igeze mu mezi menshi.
Ku kinyamakuru Daily Mail, muganga Shikha Malik asanzwe akwirikira ivy’imbanyi, avuga ko ivyo vyose vyatumwe n’ubukene bwokora amakara bugata buri mu muryango wa Urmila Sharma n’umugabo wiwe Subhash w’imyaka 32 kuko bananiwe no kuja gupimisha imbanyi kwa muganga, ikiri ntoyi. Uwo muganga avuga ko iyo ndwara yitwa "parapagus bicéphale" bisigura "umubiri umwe imitwe ibiri". Iyo rero abibona kare, uwo yibungenze yari guhitamwo ko iyo nda bayikorora canke akemera kuyivyara ariko azi neza ico izovamwo.
Kubera vyamaze kuba uko, umurwi w’abahinga mu buvuzi urimwo na muganga Shikha Malik, bavuga ko bazokora ibishoboka vyose kugira bakize amagara y’uwo mwana yamaze kuvuka afise imitwe ibiri.
Raba aha munsi uko uwo mwana ameze
Chérif Nkeshimana
Messages
17 Ntwarante 2014, 13:33, par Gicocoro
Nihatari!Imana nikore ibitangaza igarukire kuruwo muvyeyi yibarutse uwo mwana!Oh Mana kora ibitangaza!
17 Ntwarante 2014, 19:25, par Bizabishaka Innocent
Yemwe Ubuhinde Bwama Bwigira Ubuhinga Nibagerageze Ndabe Kuwo Mwana Yovamwo Umuntu.Mana Ha Ubukerebutsi N’ubushozi Imiryango Bazebaramenya Amagara Yabo Hakiri Kare.
17 Ntwarante 2014, 20:35, par Kozosi
Yoooo mana isi igeze ahatemba kweri ibintu biriko vyibonekeza biteye ubwoba Mana gira ico ukoze uteturure uwo muvyeyi nawe kuburuhe yagize kurico kibondo Mana kora igitangaza kugira kibere akarorero ku muntu wese ari kuriy,isi
17 Ntwarante 2014, 20:49, par Eric ntungwa
Imana irem ukw ishaka tuvuge duti shimwa Mana ahasigaye shikir ico wiremeye kuk umurezi ari wewe kand uremesh uwo muvyeyi mubitangaza wakoreye muruvyaro rwiwe.
11 Rusama 2015, 12:52, par Ntagahoraho Gabriel
Imana Ikora Ivyayo Kubwanje Nashime Uko Biri Kose
1er Ntwarante 2016, 10:33, par NGUBE
UYO NAHIMANA
28 Ntwarante 2016, 20:48, par ELIAZAR NSHIMIRIMANA
UWOMWANA IMANA IMUFASHE AZOKURE.