Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umwanditsi w’amareresi Luputa Nuyong’o ntiyashoboye gutwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Kenya : Umwanditsi w’amareresi Luputa Nuyong’o ntiyashoboye gutwara (...)

Kenya : Umwanditsi w’amareresi Luputa Nuyong’o ntiyashoboye gutwara agashimwe

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Igihugu c’Ubwongereza caratanze imidari yahariwe ireresi ya mbere nziza na bamwe mu bakinyi b’amareresi haba ku ruhande rw’abagore n’urw’abagabo baratowe barahabwa ubushimwe.

Ireresi “12 Years a slave” yanditswe na Steve Mc Queen avuka mu gihugu c’Ubwongereza n’iyo ya mbere, yaronkejwe agashimwe bise Bafta du Meilleur Film. Iyo reresi yaraye itwaye ako gashimwe ivuga inkuru y’ukuri yivyashikiye umuririmvyi w’umwirabure yaba mu gihugu ca New York yitwa Solomon Northup. Uwo muririmvyi yarafashwe ataco yagirizwa mu mwaka w’i 1841, aca ajanwa gukoreshwa nk’umushumba “Esclave”. Umukinyi mukuru muri iyo reresi acteur principal avuka mu gisagara ca Londres yitwa Chiwatel Ejiofor yaciye nawe ahabwa agashimwe k’umukinyi w’igihangange “Bafta du meilleur acteur”.

Ireresi ya Steve MacQueen yatwaye ikibanza izindi zari mw’ihiganwa nka “Gravity” yanditswe na Alfonso Cuaron, na American Bluff ya David O Russel, “Capitaine Philips”ya Paul Greengrass na “Philomena”ya Stephen Frears.

Ireresi “Gravity”ya Alfonso Cuaron yatowe nk’iyambere irimwo amashusho meza “Photo”, kandi Alfonso nyene yatowe nk’umu “realisateur de Film wa mbere.

Mu gihe Chiwatel Ejiofor yahawe agashimwe k’umukinyi w’igihangange ku ruhande ry’abagabo, Cate Blanchett ava mu gihugu ca Australiya yatowe nk’umukinyi wa mbere w’umugore kubera uruhara yagize mw’ireresi yitwa “Blue Jasmine” yanditwe na Woody Allen.

JPEG - 277.6 ko
Cate Blanchett

Mwomenyako n’umuwigeme aturuka mu gihugu ca Kenya yitwa Luputa Nuyong’o yari yitavye ayo mahiganwa ku ruhande rw’abanditsi b’amareresi bandika mu rurimi atari icongereza naho wewe atashoboye gutahukana agashimwe.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.