Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwe mu bashikiranganji bashasha yarahiye nabi baca bamusubizamwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwe mu bashikiranganji bashasha yarahiye nabi baca bamusubizamwo

Umwe mu bashikiranganji bashasha yarahiye nabi baca bamusubizamwo

mercredi 19 Ruhuhuma 2014

Mu birori vyo kurahira kw’abashikiranganji batanu bashasha muri Reta y’Uburundi, Marie Rose Nizigiyimana, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi yarahiye nabi, bica bituma bamusubizamwo, imbere y’umukuru w’igihugu n’abandi banyecubahiro bari bitavye ivyo birori.

Muri ivyo birori bitabonetsemwo umushingamateka n’umwe canke umukenguzamateka n’umwe bo muri UPRONA kiretse Bonaventure Niyoyankana, ababonetse ni bamwe mu bakuru b’imigambwe nka muganga Jean Minani arongoye Frodebu Nyakuri, Pascal Nyabenda arongoye umugambwe CNDD FDD, Concilia Nibigira avuga ko ariwe arongoye UPRONA, hamwe na Jacques Bigirima arongoye FNL yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

JPEG - 125.7 ko
Marie Rose Nizigiyimana, umushikiranganji w’ubudandaji

Marie Rose Nizigiyimana, umushikiranganji ava mu mugambwe UPRONA urongowe na Concilia Nibigira ahejeje kurahira irya mbere, abacamanza bo muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, bakaba bashoboye kwumva ko harimwo agasorobo mu ndahiro yiwe, maze baramusubizamwo irya kabiri, gutyo aca ashira umukono ku masezerano y’ivyo yiyemeje imbere ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Twobamenyesha ko abategetsi barongoye inzego zitandukanye bari bakoranye muri ivyo birori, na bamwe mu bakuru b’imigambwe, hamwe n’abaserukira bimwe mu bihugu vyabo. Ariko ivyegera vy’abarongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka bava mu mugambwe w’abadasigana UPRONA, bakaba batigeze bitaba ivyo birori.

JPEG - 145.5 ko
Abashikiranganji n’ivyegera vy’umukuru w’igihugu bo muri Reta y’Uburundi

Abo bashikiranganji batanu barahiye akaba ari :

1. Ernest Mberamiheto wo muri FRODEBU Nyakuri, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye. Yasubiriye mu kibanza ca Issa Ngendakumana wo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri

2. Dieudonné Giteruzi wo muri UPRONA ya Concilia Nibigira, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine. Yasubiriye mu kibanza ca Jean Claude Ndihokubwayo wo mu mugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije yaheruka gutanga imihoho.

3. Tharcisse Nkezabahizi wo muri UPRONA ya Concilia Nibigira, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka. Yasubiriye mu kibanza ca Léocadie Nihazi wo mu mugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije yaheruka gutanga imihoho.

4. Marie Rose NIZIGIYIMANA wo muri UPRONA ya Concilia Nibigira, umushikiranganji ajejwe ubudandaji, amahinguriro, ingenzi n’ama posita. Yasubiriye mu kibanza ca Victoire Ndikumana wo mu mugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije yaheruka gutanga imihoho.

5. Ir CIZA Virginie, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu wo mu mugambwe CNDD FDD. Yasubiriye mu kibanza ca Déo Rurimunzu wo mu mugambwe CNDD FDD.

JPEG - 112.4 ko
Dieudonné Giteruzi, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine
JPEG - 107.4 ko
Ernest Mberamiheto, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye
Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka
JPEG - 18.4 ko
Ir CIZA Virginie, umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu

Aristide Nizigire

Messages

  • Kurahira nabi vyavuyeko ubwiwe araziko kirya kibanza arahiriye kitamukwiriye asa nuwucivye. ikindi ga yemwe nimundabire ukungene PETERO Nkuru ahagaze, wagira ni umunyegoli agiye gufata penalite (Goal keeper) hama abo bazungu baserukiye ibihugu vyabo nabo basa nkabashavuye uravye neza baje kuraba uko izo nkozi zikibi zirahirira ivyo zitazoshobora kurangura.

  • @kamwenubusa
    Ivyo uvuze bijanye no kurahira kwa Marie Rose Nizigiyimana, nti ube wabigeraranije na Busokoza Bernard. Umwe ni umupfasoni, bishoboka ka yagize amasoni. Uyundi yari umusoda kandi azi ivyo benegihugu bamwagiriza. Ariko ngiye muri nankana, ni ico gituma bamushize n’ifoto yiwe abamenyeshamakuru bashimye kuyishira hejuru bikeka ko igihe cose ashobora kumijuka. Na yo ahandi, ifoto yiwe yari kuja hagati nka bagenzi be kugire barahire neza kandi bagaragaze koko ko bagiye kugamburuka no gukorera cane cane les interets du Burundi/Etat Nkurunziza et ceux des Grandes puissances.

  • ariko Mana abarundi baranse nyene baraniniye Uburundi!!ewe mana tabara murukundo nikigogwe wamanye udukize ibibazo bizoturuka kuraba bantu bakunda inda zabo gusa!!!nne nkuyu mugore ngo ni Ciza we murabona asa nuwuzomaririki igihugu ga Mana!!uwo atazi kurahira burya umutima uramwanka munda yibutse ivyo arimwo kwaramanyanga gusa

  • Mushingantahe canke Mupfasoni «nico» nibazako uwuzoshobora akazi batamurabira ku maso sinon abasa neza bari benshi mugabo karabananiye.Ndazi neza Madame Virginie ex Gouverneur wa Rutana.Ni Umupfasoni azi gutunganya neza akazi naho atawomugereranya na Bararufise Marcelline ariko akazi aragashoboye.Uwo mugore nawe yarahiye nabi yari afise ubwoba ce qui est normal.Giteruzi nahora ndamwumva kera bamuvuga muri Fonction Publique ko «aterura» nizereko agiye kugabanya akaboko(naho gasanzwe ari karekare).Uwo mu Tharcisse niwe ataco naribwamwumveko mugabo asa n’uwutera aja iyo bihiye!

  • @nico
    Mugenzi Kabizi, nibaza ko ibisabisho vya Nico kimwe na vya wa mufarizayo, Uhoraho yavyumvise. Reke dutegereze ico abashingamateka basigaye ba UPRONA bazotuzanira. Kumbure ko bazoba barongowe na Bonaventure Niyoyankana mu gihe Gasutwa n’abandi bazoba bakinjuye.

  • Mbega ko Nkurunziza atambikije ni kubera iki? Aragwaye mu maguru ? Ni signe yo kwiganza? Complexe de supériorité???

  • Premier vice-président muramutabara mumugurire ikoti ni ukuri arateye isoni ingene yambara

  • We wamugabo KAMWENUBUSA naNICO hamwe nabandi muriko mwandika ivyo mutiyunviriye neza,nimureke gufyinisha umuriro,mumenye kururimi gwonone,gusunvya ryasegenya duherukamwo ngaho ibujumbura,reka gukinisha amajambo,abo bashinganthe n,uyo MUFASONI nubaha cane,bazorangura neza cane amabanga bahawe kuko nabarya muvuga ko mwemera ntibavutse arabatware,vyose birigwa,kandi birigihwa,abo BAGASUTWA na BANDITIJE nabandi bamenyeko umugambwe IPRONA Atari ikidodo cabo cank ICIBARE cabo,ntibawuvukanye uwo mugambwe,ahubwo abo bashingamateka na bakenguzamateka batitaba imirimo bajejwe namabanga barimwo,bakaramuka batanze imihoho bamenyeko bazoca basubirizwa nabandi barundi,kuko ababishoboye nibenshi mugihugu,uwo mufasoni concilia nabe ariyunvira abo azosubiriza abo bigira ivyo bishakiye,kandi ashiremwo abakiri bato,musi yimyaka nka50,kuko abo batama ntagashomeri bafise,barakwije,babikora vyanke bikunde kuko ntanzara ntanyota bunva,ngejej,aha,murambabarira,muhumure ntantambara izosubira mwubu Burundi,kiretse intambara yinda ndende,iyo nayo mukuyigwana nimuje kubikogwa mugwize umwimbu.

  • Aba bashingantahe amahera biba bayashira hehe? ko batazi no kwambara neza, harakwiye kujaho umurwi wigisha abategetsi kwambara neza. Bazombanza azovayo iminsi yigiyeyo. Iyi niyo gouvernement yambara nabi kw’isi nzima

  • Erega harico mutazi, harya yarahiye nabi bakamusubizamwo nuko yaraziko arahiye ibintu atazoshobora harya bwari ubwoba bwuko agiye i KUZIMU , erega harya mu KUZIMU siheza ntanumwe ataziko uwiwe bamushize mu KUZIMU bitababaza.
    Ibintu vyateye ubwoba BUSOKOZA ari umusoda yaciye muri vyinshi nkeswe uyo bavunduruye! Arazi ko gukorana nab’IKUZIMU bitoroshe! Ntakundi mugore we washimye kurya umuhero none fungura uzozire ukuri !

  • Wewe GIRAMAHORO, ivyuvuze ndabishimye ndabishigikiye, vyosentanakimwe kivuyemwo.

  • Ndagucire agace Kabizi,uyo Tharcisse , Hon Sahinguvu yamukuye mwibarabara amazeyo imyaka ishika ibiri hamwe nuwitwa Delphin nawe nyene ari muri premier VP,babonye Sinunguruza ashitse baca bagenda iyo biri baca batangura gucafuza Sahinguvu!None Kiganda niyo yahemutse i Muramvya(Consiliya,Tharacissi,Delphin)!Twadamwe!!!!

  • Goldman’Zi asha ubujuju warabwamanye.Nkurunziza ni Etat?niho mugomba kukimwegurira nkitongo ryabaso.Buvuga ivyuzi nayo Honorable Major BUSOKOZA Bernard n’umugabo, ntiwegereza no kumurundi iwe, uri hasi cane.Hama umugani wa Kamwenubusa, uwivye agenda arakebuka, araba hirya araba hino, nugutsitara agatsitara.Arazi kwata mu Porona amurungitse kumuserukira nico gituma yarahiranye ubwoba.Kandi harya siwe wenyene, Atari Concilia aza yaragutse, inda yaruse umutima, abandi basha munda. Mugabo nawenyene ahari ngira ntiyorohewe kuko CATHEDRALE REGINA MUNDI aho yarafise ikibanza c’iteka mubikorwa yahakorera baheruka kumuhagarika. Shame on her.Honte àelle. Uwabonye abapfasoni nka Alice NZOMUKUNDA, Marrina BARAMPAMA, Agathe UWINGIRIMANA wo mu Rwanda ntiyobona ico gihemu. Ico nomubwira nuko "uhemuka bwaca ibigori bikera".

  • Abarundi ba kera bo bari abagabo bari bazi noguca imigani: "Umwana w’intabarirwa abarirwa n’uko amaso atukuye"
    Mw’abaporona mwe sindiko ndabakora mu nkovu ariko nashaka ndabibutse ko mwoja murumvira impanuro z’abandi barundi, aho mwikura mu kibiri ngo mugiye gushigikira igisizimwe citwa CNDD FDD, ntimwari muzi ko atari abantu?
    ibi vyashitse bibibatangaze, kuribo nibisanzwe cane, abantu bubahuka bagaturira isoko , ico bananira n’iki? garura akange rero ntimuryame umukondora zosi, mwibuke mu kiganiro uterera iki , imbonera yivugira ko abasinye les accords d’Arusha bose bazobica, umwana ntavuga igitwe c’inkende atayibonye iwabo, ni sebuja NKURUNZIZA yari yavyumvanye, nawe abura aho abika aca arabivuga, nivyo biriko biraba, kandi musamaye , nibindi biri inyuma
    agira ahindure ingorane afise agarukane ubwoko , ivyamazuru
    Dukeneye ko 2015 hitota abantu bafise iminwe yera atamaraso yakoze , NKURUNZIZA kinjura reka kutunukirako

  • Abo,bagabo nkaba karori bashakako igihugu,
    Cama mukajagari kadahera.nukubabogoza.mbe bibagiyekw’igihugu kidapfakara! Kanatsinda nibareke nabandi barye,imyaka nimyinhi.kandi nabo babigiriye abandi mur
    i kahise nkabo bashingamateka batiraba imirimo abo fired, akazi kagahabwa abagakeneye abarundi bagasinzira itiro.

  • Nyakubahwa muntu witwa MAMA.ndagushimiye caaane kukuntu unkurikirana ivyo nserura bindi kumutima,nawewe impanuro utanga uhanura ivyo bitazi bivuga ivyo bishakiye,batabanje nokwiyunvira ndazishima caaane,jewe mpora niyunvira ko abo bakamwenubusa kobatari abavyeyi,kuko ntibarunva kubura uwawe canke guhungana abana wavyaye ukuntu bibabaza,mumitwe yabo baririmba intambara gusa,ivyarivyovyose bashaka kwimbura ivyo batarimye.nobahanura kuja kubikogwa bakareka kuba indera maboko.umuntu udakora ntukarye.iryo nijambo ry,IMANA.nyakubahwa MAMA ndibaza kowewe urincabwenge mwabo bayobozi binama nshingamateka na nkenguzamateka bagomba kwanka gukora ivyo batumwe nabanyagihugu,wewe ufashemwo icicaro kimwe vyonezera,tukubahiriza nabakenyezi,Nfasha kubwira nabandi bantu biyubashe nkawe bomuri IPRONA bitegure gusubirira abo batabigomba gukora.ntantambara tuzigera twemera ngaha mu Burundi bwanyaburunga,ukwo nukuri ndabamenyesheje,nimuvyunve!!!!.

  • obo bose ni babuzire ndabwirire!!

  • ninde mushikiranganj w intwaro ibereye n uwintwaro yohagati mu gihugu

  • ninde mushikiranganj w intwaro ibereye n uwintwaro yohagati mu gihugu

  • ninde mushikiranganj w intwaro ibereye n uwintwaro yohagati mu gihugu

  • NONE UBU NKURUNZIZ ABAY NKA KADAFE AKORERA HASI NOHEJURU!TWARUMIWE PEEE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.