Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwe mu vyabona vy’amasezerano y’i Arusha arahanura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwe mu vyabona vy’amasezerano y’i Arusha arahanura

Umwe mu vyabona vy’amasezerano y’i Arusha arahanura

mercredi 27 Rusama 2015

Salim Salim Ahmed Salim yahoze arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, avuga ko amasezerano y’i Arusha ari mu vyabona vyayo, aho yari iruhande ya Nelson Mandela.

Uwo yahoze ari umushikiranganji w’igihugu ca Tanzaniya, ndetse hakaba haheze imyaka cumi n’itanu yari arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, avuga ko ayo masezerano yatumye hagaruka icuka ciza mu Burundi, amahoro akaboneka, inyuma y’intambara z’urutavanako. Avuga ko igihugu kiri mu karere aho ihonyabwoko ryahitanye abantu indiri mu gihugu c’Urwanda, hakwiye gukingwa kugira intambara hagati y’abarundi ntizaduke.

Avuga ko igihugu c’Uburundi kitari bwakire ibikomere vy’intambara, n’ubu, kiri ku munwa w’imanga, mu gihe hari abashatse guhirika ubutegetsi bikanka, ari naco gituma hakenewe gufatwa ingingo vyihuta, izo nazo zigatuma igihugu gikingirwa akaga, intambara hagati y’abonse rimwe ntisubire kwaduka.

Salim Salim Ahmed Salim yibutsa umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko ibihe vya poritike n’umutekano Uburundi burimwo bidahagije, kugira amatora abe, ari naco gituma hageze ko umukuru w’Uburundi na Reta yiwe bubahiriza intwaro ibereye. Abandanya agira ati :’’ Kuneza y’abarundi, tubandanya tubasaba gukomeza ubumwe mu gihugu canyu biciye mu kuyaga, nayo ibihe Uburundi burimwo amatora meza abereye ku mugaragaro, yizewe na bose kandi ataho ahengamiye bitoshoboka.
Nayo kugira ivyo vyose vya nkenerwa kugira amatora nyayo abe, hakenewe ugushaka kw’Uburundi n’amakungu.

Salim Salim Ahmed Salim akaba yashikirije ivyo, mu gihe muri Reta bavuga ko amakungu ariko akorera ku majambo ya bamwe, kandi intumwa zirungikwa mu Burundi zitishikira ku rubuga kugira zirabe uko ibintu vyifashe. Amatora akaba yongerejweko iminsi cumi, akazotangura ku wa 5 Ruheshi uwu mwaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • uko biri kose itegeko nshinga niryo rikuru kuko nirryo ryatowe nabanyagihugu kandi numuyobozi iyarahira yemerera abaturage namahanga kwazaryubaha ntabwa arahira kwazubahiriza arusha

  • uko biri kose itegeko nshinga niryo rikuru kuko nirryo ryatowe nabanyagihugu kandi numuyobozi iyarahira yemerera abaturage namahanga kwazaryubaha ntabwa arahira kwazubahiriza arusha

  • Abo Bazungu Bagomba Ko Tuguma Mubukoroni?Amatohoza Mukuyagira Ni Baze Ino Iwacu Mu Misozi Barabeko Umutekano Atari Wose.Mbe Ko Batohoreza Mu Ma Cite Y’inkehwa Gusa?Muko Babavugira Uburundi N’igihugu Barazwe Nibaje Kurubuga Batubwire Imigambi Yabo Ni Twayishima Tuzobatora.

  • Ubutumva Buranga Abarundi Bamwe Bamwe Buzotuma Tugwa Mu Kaga Katavugwa.Imana Itadukingiye Ngo Idukureko Abo Bagomba Guhemukira Amasezerano Yatugejeje Ku Ntambwe Twariko.Banka Babesha Mandat Zabaheranye.Peace

  • juma niwigumire abazi ko arushya ariyo yazanye amahoro i burundi turarazwe ishinga nukuntu Nkurunziza amarishije abantu kolera amasasu gufungwa nibindi bibi............naho ibwirizwa nshingiro ntaco ryatumariye ngo rizane amahoro i burundi amahoro urimo ivyinangamo uyakesha arusha

  • ewe wa kitazi ngo abazungu bagomba ko tuguma mu buja ego mama ni mukire mwikure ko abazungu, nabatari twebwe abarundi abazungu baravuga bakunva. Ewe sinokutuka uri ikitazi. Uburundi s uburundi umuzungu akuye mwakarenge ntaco dushobora kwimarira ego icutazi nico ba uridigadiga mwe na peter wawe jewe ndazi ko ataco muzoshikako.

  • nimukomeze mugamike izosi muzovuna gurika mutagira gitabara

  • Uburundi bwigenga ariko butirebanga burashoboka kuko na Basogokuruza bari bikwije kandi babayeho neza ata mfashanyo zitangwa n’abazungu baronka. Ahubwo ibintu vyatanguye kumerera nabi aho abo bazungu nyene muvuga baziriye.

  • nuko nyene nibaze barahanura nakare ahari abagabo ntiharwa ibara

  • nuko nyene nibaze barahanura nakare ahari abagabo ntiharwa ibara

  • PIERRE BISOBANURA IBUYE NARYO NTAMATWI MWAHANURA NUKO MUBARIRA IKITUMVA .UGOMBA KWUBAKA INZU IKOMEYE UFATA IBUYE RININE UKARIMENA UKARUBAKIRAKO.HABAYE IBUYE RYAVUGA MUBURUNDI RITI IGISODA GISAMBURWA NIKINDI.ABARUNDI NTA PREZIDA MWIZA BAZORONKA YITIRANWA NIBUYE NIMWATORAMWIKEBUKE NTANTWARO ZABASIRIKARE...
    MURAKANURAPEEE!!!!!UWARIKUBOGORA UBURUNDI NTIYARI UMUSODA NUBU EHEEE.

  • @Juma
    Nk´aho usanga utazi n´ibiri muri Constitution y´uburundi hanyuma ugapfa guhurutura ibijambo. None art 96 na 302 wewe urazi uko zivuga? Ibwirizwa nshingiro izo articles zifatanye ntizemerera Peter gusubira kwitoza.

  • Kananirabagabo Ntiyimye Umukuru Wigihugu Cacu Naje Hamwe Nabakuru Bibihugu Bakakare Bamufashe Kubaka Igihugu Cuburundi Kuko Abanyagihugu Dufise Inkovu Zintambara Tuvuyemwo Ejo Urumva Kwoba Arugusongera Isibe.

  • IMANA IRUMVA IVYO UVUGA NAHO WOBA UVUGA IVYO UTAZI ! INYISHU YAYO IZOBONEKA VUBA ! WEHO BANDANYA USIGURE IVYO USHAKA. ARIKO NIPFUZA KO ABANTU BOJA HAMWE BAKUMVIKANA KU NEZA Y ABARUNDI BOSE. Kaneza

  • mb w wiyita juma woba ufis amashur angah kugr wiyit l constitutionalist??urantey akagongw!uyo yatway UA urabimurusha wa njiji w!!tu e con

  • MBONAKO UMUKURUWIHUGU YOHINDURA KUKO IGIHU SICIWE TWARAKIMUTIJE

  • Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabobabona

  • UWUTAZI UBWENGE ASHIMA UBWIWE

  • Au BURUNDI plus d’amalgame

  • You burundians, stand together,shoot that rabish animal and remove him out from the palace as we did in Rwanda in 1994,we need serious mhutu or mtutsi to lead our nations in peace not such so colled presidents.

  • Oh!!Africa!!URAMBABAJE!

  • Imana Niyo Yonyene Yogutabara Uburundi.

  • ahaaaaaa ngwaho tubirabe yansekumvira nyina ndakeka agiyekumvira mukase nakarengowankabangwe ntiwankazana #ndabe#

  • Barundi Barundikazi UMwewesenahagararemagabo Mugutoraumurongozimwiza,turabekandiigihuguntigitembagare Kandimwamemwibuka Kugisengera,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.