Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwigisha wa kaminuza asaba ko ishure shingiro ryofutwa burundu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umwigisha wa kaminuza asaba ko ishure shingiro ryofutwa burundu

Umwigisha wa kaminuza asaba ko ishure shingiro ryofutwa burundu

mercredi 18 Nyakanga 2013

Mu gihe abo mu gisata c’indero babona ingirakamaro ku mugambi w’ishure nshingiro mu Burundi, abatari bake mu gihugu babandanya biyamiriza uwo mugambi kuko atanyungu n’akamaro babibonamwo.

Mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu wa 18 Nyakanga 2013, Paul Nkunzimana, umuhinga muvy’ivyimibano n’inyifato (Sociologue), yashikirije iciyumviro ciwe ku bijanye n’ishure nshingiro avuga ko inshure nshingiro rije gufuta ubumenyi abanyeshure bari bafise, igihugu naco kirushirizeho kuja mu mwijima.

Kubwiwe, ishure nshingiro rikwiye gufutwa burundu hakaboneka amashure y’imyuga azoza araha ubumenyi abamenyeshure ku bijanye n’ubuzi bipfuza gukora. Yongeye ati : "N’aho ishure nshingiro ryinjira mu mugambi wa Leta wo kurwanya ubukene ( CSLP), muvy’ukuri ntaco rizofasha muri uwo mugambi, atari kwongereza ubukene n’ubushomeri, kuko umwana ahejeje umwaka w’icenda, afise imyaka iri hagati ya 15 na 16, ntazoshobora gutanguza akazi, yongere yibesheho" Ikindi naco, ntakuntu ishure nshingiro ryari rikwiye gutangura mu gihe hakicibonekeza ubukene bw’ibitabo vy’abanyeshure, hakicibonekeza urutonde rw’ivyirwa rudatunganije neza, hakiri ubukene bw’abigisha, aho bari naho, bakaba badafise ubumenyi bwo kwigisha bukwiye.

Paul Nkunzimana abona ko ishure nshingiro ryari rikwiye gusubirizwa n’amashure y’imyuga, umunyeshure akaronka ubumenyi muvyo yanonosoye, mbere Leta ikoronsa abo bigiye ivy’imyuga amadeni adasaba inyungu kugira batanguze ubuzi bujanye n’ivyo banonosoye, gutyo ubushomeri n’ubukene vyibonekeza mu gihugu bishobore kugabanuka.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.