Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’amahinguriro ntiwifashe neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwimbu w’amahinguriro ntiwifashe neza

Umwimbu w’amahinguriro ntiwifashe neza

mercredi 28 Munyonyo 2012

Mu myaka 20 iheze ngo amahinguriro ntiyateye imbere bimwe biboneka mu Burundi. Amwe yarugaye kubera guhomba, ayandi nayo yashizwe mu minwe y’abikorera utwabo.

Ibiharuro vyerekana ko ibiterwa U burundi bushora mu makungu arivyo icayi, isukari, ikawa n’ipampa bidatera imbere ku rugero rushimishije mu vyerekeye ubutunzi. Ariko abarongoye amahinguriro y’ivyo biterwa barahumuriza ko ibintu bigiye gutangura guhinduka.

Alexis Nzohabonimana arongoye OTB ihunguriro ry’icayi yabwiye bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu ati’’ amahinguriro nka yose arerekana ko ibintu bigiye guhinduka’’.
Ihinguriro ry’icayi OTB rikorera ahantu hatanu mu gihugu, mu Rwegura, i Teza, i Tora, mw’Ijenda n’i Buhoro.

Mu myaka iheze ryarahuye n’ingorane ariko ubu umuyobozi waryo avuga ko ubutunzi bwifashe neza. Umwimbu ngo wagiye urongorekana, mu mwaka w’2006 habonetse amatoni arenga ibihumbi 6, mu mwaka w’2011 naho habonetse amatoni arenga ibihumbi 8, aho ngo OTB yungutse amafaranga arenga imiliaridi 10.

Alexis Nzohabonayo avuga ko intumbero ya OTB ari uko mu mwaka w’2015 hazoboneka amatoni arenga ibihumbi 12. Yamenyesheje kandi ko OTB iriko iragwiza imirima hirya no hino mu gihugu kugira umwimbu wongerekane cane. N’akanovera ngo ninkeza cane.

Igiterwa c’ipampa naco nyene ngo cifashe neza. Kuva mu mwaka w’1960 gushika mu mwaka w’1993, umwimbi wari hagati y’amatoni 8900 na 4500. Mu nyuma umwimbu waragabanutse gushika aho mu mwaka w’2011 haboneka amatoni arenga gatoya 800, n’imirima ngo yaragabanutse cane. Umuyobozi w’ihinguriro COGERCO ry’ipampa Pierre Claver Nahimana avuga ko vyavuye ku ntambara u Burundi bwaciyemwo hanyuma imirima itari mike y’ipampa igaturirwa.

Ikawa nayo nyene ngo umwimbu ntiwifashe neza.
Mu mwaka w’2002 ushira 2003, habonetse amatoni arenga ibihumbi 36, mu mwaka ukurikira habonetse amatoni arenga ibihumbi 5gusa. Mu mwaka w’20111 habonetse amatoni arenga ibihumbi 24 hanyuma muri uyu mwaka w’2012 habonetse amatoni arenga ibihumbi 14.

Pascal Girukwishaka arongoye igisata giteza imbere ikawa ARFIC avuga ko umwimbu wagiye uragabanuka kubera abanyagihugu basa n’abahevye ico giterwa, ngo hari n’abateye izindi mbuto mu bipimo vy’ikawa kandi ngo n’ibiti birashaje, nawe nyene araremesha ko ARFIC igiye kunagura ico giterwa.

Isukari niyo yonyene ifise umwimbu mwiza. Ibiharuro bitangwa n’ihinguriro SOSUMO ry’isukari vyerekana ko umwimbu wagenze neza. Mu mwaka w’1998, habonetse amatoni arenga ibihumbi 18, mu mwaka w’2011 habonetse amatoni arenga 20. Umuyobozi wa SOSUMO avuga ko mu munsi iri imbere hagiye kongerezwa imirima gushika aho haboneka nimiburiburi amatoni ari hagati y’ibihumbi 35 n’ibihumbi 40 ku mwaka.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri arashima aho ihinguriro SOSUMO rigejeje mu guteza imbere igihugu. Aho yari yagiye gutanguza umwaka w’iyimbura. Asaba amahinguriro yose ari mu Burundi kugwiza umwimbu n’akanovera kugira haboneke amafaranga menshi y’agaciro.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.