Accueil > Amakuru > Poritike > "Umwumvikano urakenewe ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)
"Umwumvikano urakenewe ku vyerekeye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro"
mercredi 4 Kigarama 2013
Mu runani rw’amashirahamwe y’abakenyezi RAFL basaba Reta hamwe n’abanyeporitike, gushira imbere amahoro n’umwumvikano hamwe n’ibiganiro bihuza bose.
Mu gihe hamaze imisi hibonekeza impari zitari nke ku vyerekeye umugambi wa Reta wo guhinyanyura ibwirizwa nshingiro, abatari bake barabandanya kugira ico babivuzeko. Urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi ashira imbere iterambere mu Burundi, RAFL (Reseau des associations des femmes) bateye akamo Reta y’Uburundi gushira imbere ibiganiro, kugira hashikwe kw’ibwirizwa nshingiro ryemerwa na bose. Ivyo vyamenyeshejwe, mu kiganiro umupfasoni C hristine Niyonkuru umuvugizi w’iryo shirahamwe yagiranye n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 3 Kigarama 2013.
Intumbero rero yari iyo kwerekana aho bahagaze nabo muri kino gihe ku bimaze iminsi bivugwa mu Burundi, na cane cane amajambo amaze iminsi ashikirizwa n’abanyeporitike na Reta kuvyerekeye ibwirizwa nshingiro.
Floxella Karire
Messages
4 Kigarama 2013, 11:52, par Emery
Nukuri Birakwiyeko Reta Nabanyepolikike Boshira Imbere Ibiganiro Bakumvikana Gusumba Kuja Mumabarabara Bajinama Kuvyobohurirako Bose Nakare Ngo Ibigiye Inama Bigir’Imana.
5 Kigarama 2013, 15:44, par bugesera
aba dd ntibshoboka bobo bazi ko abandi batakwiye kuvuga nimurindire..
Peter ntasubire kutubesha nabanze arwaze Adolphe ...