Accueil > Ukwemera > Papa Fransisko ariko ategekanya kugendera akarere Uburundi buherereyemwo
Papa Fransisko ariko ategekanya kugendera akarere Uburundi buherereyemwo
jeudi 22 Nzero 2015
Umwungere wa Ekereziya Gatorika Fransisiko ariko arategura urugendo mu karere mu bihugu vya Ouganda na Centrafrika.
Iyo nkuru y’urwo rugendo ikaba yashirijwe n’ikirimba ca Papa Fransisiko i Vaticano kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Nzero. Papa rero akaba ategura urwo rugendo mu kwezi kwa Ruheshi muri ivyo bihugu bibiri. Ica mbere arico Centrafrika, Papa azokigendera kugira yifatikanye n’abanyagihugu baco mu nzira barimwo y’ukwiyunga nk’uko bivugwa na musenyeri Dieudonné Nzapalainga w’i Bangui ku murwa mukuru , igihugu c’Ubuganda naco gisanzwe abari mw’idini rya Gatorika atari benshi cane, akazokigendera kubera kahise kaco, mu kwemera kw’abaganda.
Bikavugwa ko hari n’intumwa zo ku kirima kwa Papa zoba zatanguye ingendo mu karere, mu gutegura urwo rugendo. Urwo rugendo kandi rukaba rutanguye gutegurwa, mu gihe mu karere ivyo bihugu birimwo nk’Uburundi, hari ingorane mw’itohozwa ry’urupfu rw’ababikira batatu b’abatariyaokazi, bishwe bunyamaswa, kugeza ubu abishe abo batamakazi b’imyaka iri hagati ya 75 na 80 bacidegemvya.
Abatari bake bakabona ko abakoze iryo shano, aribo kugeza uwu musi basa n’abariko barita ku rutare, kugira iyo dosiye yegekwe ku bandi nka Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu, iradiyo yari yanatanguye amatohoza ku bishe abo babikira, ndetse yariko inafasha kugira ukuri kuje ahabona kuri urwo rupfu rwahitanye Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75.
Aristide Nizigire
Messages
22 Nzero 2015, 21:28, par irib
turasavye ntazoshike muburundi?plz
22 Nzero 2015, 23:29, par KAKA
Naze nyene mutinya iki??? Reka aze tumuhe ukuri kubwicanyi bwakorewe abana b,IMANA
23 Nzero 2015, 05:32
Hamwe uwomuvyeyiwa Ekleziya katolika yacu yoshika mu Burundi, bohava bamugira nkaba babikira.Aratangira ubutumwa mubuganda,ahandiho twoba turyambaye.Twumvirize mukama.
23 Nzero 2015, 06:35, par Nelson
Hahahh karabaye ahubwo nanyaruke ababishe bataratoroka.
23 Nzero 2015, 08:14, par jpierre
narungike ariho abaza i burundi gutohoza ku bwicanyi bwagiriwe ababikira bari ku murimo w’imana hano iwacu
23 Nzero 2015, 08:14, par jpierre
narungike ariho abaza i burundi gutohoza ku bwicanyi bwagiriwe ababikira bari ku murimo w’imana hano iwacu
23 Nzero 2015, 11:38, par Boubou
Dusavye ko Papa yosaba ubutegetsi bw’I Burundi kurekura Bob Rugurika hamwe n’amatohoza mpuzamakungu ku bishe ababikira OLGA, BERNADETTE, na LUCIA kugira ababishe bahanwe aho gufata inzirakarengane nka BOB.Erega ntawutazi ko yishwe n’abo hejuru muri LETA .
23 Nzero 2015, 13:52, par MVUZO
Ahubwo naze ukuri kuje ahabona abobicanyi agende ababonya twebwe abanyagihugu nitwe tuzomucungerera umutekano ntamupolice cank umusirikare dukeneye ko yomucungerera umutekano kuko nibo bicanyi nibo badufukamye munda raba nigisirikare twari twizeye naco caramaze guhengamira kumugambwe urikubutegetsi raba nananiwe nukuvuga abateye uburundi kandi aribo barwanye nabo bakanafatamwo nabandi muga ngo ntibaramenyekananibaje hiyo ubu nabajejwe umutekano twizeye igipolice co ntuvuge nimija ya DD
24 Nzero 2015, 23:18, par jean-bosco
karibu nyen’Ubweranda turabeko twotekana mumitima tubihawe na nyen’Ububasha
26 Nzero 2015, 15:55, par desy
J.Bosco, nyen’ubweranda ninde? nyen’ububasha ninde?
31 Nzero 2015, 09:07, par nahina jean
papa mu bihugu arko aritegurira kugendera vyoba vyukuri uburundi burimwo?
7 Ruhuhuma 2015, 01:38, par Jean Claude BIGIRIMANA
Mworetse iyo leta y’’iburundi, ikagira ivyo yifuza . Imana yaratubujije gucira imanza abandi , yo nyene niyo ishobora kumenya ikibi niciza , umubi numwiza . Abaguma basemerera haraho boba ataribo banyakuri , ntimute ukwizera Imana irabibona vyose.Mwame mwibuka ko nimwicisha bugufi , mugasaba ikigorwe , iryavuzwe rizotaha , abari imbere bazoja inyuma ,abari inyuma baje imbere....Papa nawene ataegerezwa guca munzira Imana yamuteguriye , mwe ntamutekano mwomucungira kubera nuwanyu ,mukoma induru ngurabangamiwe na Leta. Ntimugate ukwizera bantu b’’Imana , niyo yonyene ishobora kubakingira ,niyo butungane ,niyo nzira.
3 Gitugutu 2015, 15:30, par Mbazumutima
That Nuns.Its Hard To Hear What Happened To Them,IMANA NTIZOKWEMERA KOBAGENDA UKONYENE BENE DATA
8 Myandagaro 2018, 21:30, par NGENDAKUMANA JEAN BAPTISTE
ABARUNDIMURANYOBERA UWOMWITANGO NI PAAPA,NUMUNTUNKABANDI.ESEAJEYOHINDURA IKIKUVYABAYEMUBURUNDI ??AHUBWOAJEMUBURUNDIYOBA AJEKUDUTEZAINTAMBARA.KUKONTARUKIZAYOBA ATUZANIYE.
8 Myandagaro 2018, 21:49, par NGENDAKUMANA JEAN BAPTISTE
ABARUNDIMURANYOBERAESE UWOMWITANGONIPAAPANIMANA ?ESEMUBONAAZOMARIKIMUBURUNDI?GUSA IJAMBORY’IMANA RIVUGANGO VBWENGEBWABANYABWENGE IZOBUHINDURAUBUPFU AZOJEAHANDINTAZOZEMUBURUNDI.KUKO IVYABOBAGABO BIGIRA NGONIBAPAAPAA TWARABIBONYE_93_AHOBAZAMUBURUNDI MUMIRONG90<=>91HAGATAHO