Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UNESCO : Terefone ngendanwa zirafasha mu guteza imbere gusoma mu bihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > UNESCO : Terefone ngendanwa zirafasha mu guteza imbere gusoma mu bihugu (...)

UNESCO : Terefone ngendanwa zirafasha mu guteza imbere gusoma mu bihugu bitaratera imbere

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Mu cigwa cakozwe na UNESCO, ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana ivy’indero, ubuhinga n’imico, berekana ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bakoresha terefone ngendanwa kugira bashobore gusoma ivyanditswe.

Mu bihugu hagwiriyemwo abantu batazi gusoma no kwandika kandi usanga ata vyanditswe mu buryo bwa kijambere bihagwiriye, abantu basoma ibitabo n’inkuru biciye kuri ngendanwa. Ivyo bikaba biri muri ico cegeranyo ciswe "Gusoma mu gihe ca ngendanwa." (Lire à l’ère du mobile).
Muri kino gihe kw’isi, abantu bashika imiriyoni 774 muribo harimwo urwaruka rugera ku miriyoni 123 ntibazi gusoma no kwandika bivuye kwibura ry’ibitabo. Muri Afrika iri munsi ya Sahara, abafise ibitabo canke abanyeshure baronswa ibitabo vyo kwigiramwo ni bake cane. Muri ico cegeranyo ca UNESCO, ibiharuro vyerekana ko aho ibitabo bikenye ariho ubuhinga bwo gutumatumanako biciye kuri ngendanwa bugwiriye. Ishirahamwe rijejwe gukurikirana ivy’itumatumanako ry’amakuru kw’isi (Union Internationale des Télécommunications) rigereranya ko ku miriyaridi 7 z’ababa kw’isi, imiriyaridi 6 bashobora gushikira terefone ngendanwa.

Ishirahamwe UNESCO ryishimikije icigwa yakoze, ryasanze abana benshi basomerwa inkuru zivuye ku materefone ngendanwa, abagabo na cane cane abagore basoma gose iyo babikoreye kuri ngendanwa, kandi n’abantu benshi gusoma no kwandika atari ikirenga bakoresha ngendanwa. Ico cegeranyo kirasaba amashirahamwe y’itumatumanako amakuru biciye kuri ngendanya kwongereza ivyandikwa vyigisha bica kuri ngendanwa, kugira ababisoma baba abavyeyi canke abigisha biyungure ubwenge.

Mwomenya ko kuwa 23 Ndamukiza ari umusi mpuzamakungu wahariwe igitabo no gukingira ibikorwa vy’abanyamwuga.


Isabelle Simbarakiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.