IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Unicef yateguye inama yo kwiga uruhara rw’abana mu kubumbatira (...)

Unicef yateguye inama yo kwiga uruhara rw’abana mu kubumbatira amahoro

lundi 10 Ruheshi 2013

UNICEF yateguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi 2013 inama y’imisi itatu yo kurondera ku bumenyi hamwe no gusaba imigambi yo kubumbatira amahoro.

Kubwa Johannes Wedening aserukira Unicef mu burundi ngo ni mu bana bazovuka babonamwo kazoza.
Muri iyo nama bakazoba bashaka kurondera kwumva ukuntu ihohotera ry’ikiremwa muntu rihanahanwa mu miryango, mu mashure, mu kibano hamwe no mu runganwe.

Azoba ari n’akaryo ko kuraba ukuntu bashobora gushiraho impinyanyuro z’ubuhinga bwerekana ukungene ihohoterwa rihanwahanwa, gukomeza umutima wo kwakira ku bana baba barahahamuwe, kuvyakira hamwe no gushigikira ubushobozi mu gukomeza amahoro. Iyo nama ikazoba ari akigoro rusangi kukugira bashire abana hamwe n’urwaruka hagati y’isuzumwa kugira binjire cane mu vyobashoboye mu gutsimbataza amahoro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.