Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : "André Ndayizamba na Marcelina Bararufise ntibatanzwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : "André Ndayizamba na Marcelina Bararufise ntibatanzwe (...)

UPRONA : "André Ndayizamba na Marcelina Bararufise ntibatanzwe n’umugambwe"

mercredi 20 Myandagaro 2014

Mu murwi w’abashingamateka ba UPRONA bavuga ko abashingamateka André Ndayizamba na Marcelina Bararufise batarungitswe n’umugambwe wa Rwagasore mu murwi w’abashingamateka bazosesangura amadosiye y’abazoja mu murwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ugusubiza hamwe.

Gasutwa Bonaventure, umushingamateka yatowe mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA akaba anarongoye umurwi w’abashingamateka bo muri uwo mugambwe, avuga ko abo bashingamateka bava mu mugambwe UPRONA batowe kugira baje mu murwi w’abazosesangura amadosiye y’abazoja muri uyo murwi, bagenywe umugambwe utabajijwe, ndetse batarungitswe n’umugambwe. Abo bashingamateka Marcelina Bararufise yatowe mu ntara ya Rutana na André Ndayizamba yatowe mu ntara ya Bururi, bakaba aribo bamaze kumenyekana ko aribo bazofashanya n’abandi bo mu mugambwe CNDD-FDD hamwe na FRODEBU Nyakuri, mu kwiga aboja muri uwo murwi wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe.

Mwomenya ko muri umugambwe wa Rwagasore ubu harimwo impande zibiri, ndetse izo mpande, zikibonekeza no mu murwi w’abashingamateka. Aho uruhande rwemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rukarongorwa na Concilie Nibigira rwari rusanzwe ruyobokwa n’uwo mushingamateka André Ndayizamba yatowe mu ntara ya Bururi, nayo Marcellina Bararufise akaba asanzwe ayoboka umugambwe UPRONA ishami ry’umushingamateka Nditije Karori. Mu nama nkenguzamateka iserukirwa n’abakenguzamateka babiri ba UPRONA akaba ata n’umwe yashizwemwo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.