Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Bamwe mu ba JRR bashigikiye Nditije bahawe imitahe y’ukwitaba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Bamwe mu ba JRR bashigikiye Nditije bahawe imitahe y’ukwitaba (...)

UPRONA : Bamwe mu ba JRR bashigikiye Nditije bahawe imitahe y’ukwitaba ubutungane

jeudi 27 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu rwaruka rw’umugambwe w’Abadasigana UPRONA basanzwe bashigikiye Karori Nditije n’abandi bari kumwe, baronse imitahe ibahamagara kwitaba ku bw’imvo z’amatohoza ku nyamiramabi yo mu Kanyosha.

Amakuru ikinyamakuru IGIHE cashoboye kuronka, ni ukwo urwo rwaruka rwatumweko kugira babazwe uwoba yarakubise umwe mu badasigana ashigikiye umupfasoni Concilia Nibigira n’abo bari kumwe muri UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Dieudonne Nshimirimana batazira Wembo, bikavugwa ko yakubiswe mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana igihe c’isaha y’umunani y’ijoro, akubitirwa iruhande y’aho aba muri komine ya Musaga, avuye mu bunywero.

Bamwe mu barungikiwe umutahe wo kwitaba mu biro inomero 7 kuri uyu wa 27 Ruhuhuma bavuga ko batazi n’ingene yakubiswe, narirya yakubiswe mw’ijoro hagati. Bavuga ko bagiye ndetse no kumusuhuza aho yari arwariye mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imbere y’uko ataha. Ikindi abo ba JRR bashigikiye Nditije bavuga, n’uko ari irementanya bariko baragirirwa, rifashwe mu mugongo na Gaston Sindimwo, kugira batabwe muri yompi, narirya bavuga ko barahiye kumushigikira mu mugambi wo gusambura umugambwe wa Rwagasore, bakemera kuguma inyuma y’umushingamateka Karori Nditije, n’abandi bafashanije.


Aristide Nizigire

Messages

  • IREMENTANYA RIRABANDANYA.ARIKO UKURI NI KUMWE IHANGANE NTA MVURA IGWA IDAHITA.

  • igihe cose uzoshika kuvyugomba urinze kuremerantiriza abandi ntanyungu bizovamwo.umuntu ashikiruwagomba atagahato.aba uprona bagize mariage nabataribo reka baboniyongarukambi.amaronko nimambi ntabushingantahe cank ubugabo arimwo.

  • Ni mureme na SIBOMANA barabuze icobamwagiriza baramureka! mbega izosaha yaravuye he;ahubwo ntacobamugize!

  • NIMUKOMERE IREMENTANYA ABA CNDD FDD MURAZI KO ARICO BASHIRA IMBERE UMUGANI WA SIVYUBU NTAMVURA IDAHITA KANDI NTAJORO RIDACA NASHAKA MPANURA NDUWIMANA SIWE ATEGEREZWA KUGENA ABAKURI BIMIGAMBWE.ABA CNDD FDD BAZOMUHINDUKA NKICOMUNDA NA HUSSEIN YARABONYE IVYO BAMUKOREYE.

  • Ahubwo abantu bamukubisa, baramukosoye naho ntabazi, ubwo gutaha samunani y’ijoro ntiyumva ko ari urukozasoni kumuntu afise aho ataha n’aho aryama. Nibareke abo ba JRR barundi, nubundi yari igishusho c’umugabo. Mwihangane mwa rwaruka, turi inyuma yanyu. Concilia nashigikirwe n’imbonerakure zirahagije.

  • canke numugore wiwe yamukubise kubera yatashe yatevye samunani yose yaramukosoye urazi kuvyura abiryamiye.ntandero arikaha abiwe sunumva nicamaze atanguye kuraraguza.

  • Mbanje kukukeza, abo bashingantahe bakosoye icogihemu ,uwo fata urya mukecuru nawe,akabaza akuviriza ,mumyuma bakamwabira inyuma nimbere ngira yoruha akuva? Nibaze ko bitebe nitebuke azoshikigwa

  • ahubwo iyo bamuturitsa urwo mu gutwi

  • EMW CNDD FDD,IZAMA IBAKOZA ICISHAKA KUKO MWARAHOMV KUB MWATAHUYE BUKE IVY GWAGASORE YAKOZE.MB UWO MUPFASONI YOKUBITA UMUGAB WIW GT?MB AHO BAGUMA BABACANISHANYAMW BABARUSHA UBWENGE?MWIBUTS KUYORA MWASHESHE MWAB PRONA MWE.EDWAR MUZOKWIHURIRA.IYOMUTAJA MUKWAH KWABO NGO MUJ MUR LETA KAND MWABONYEK AMATORA YIBW UB NTIMUB MUTEKANIW.BABANTU BATABWA MUMAZI HARICO MWABVUZEKO.NAMW MWAGEZWEKO PE.AHUBW UWO YAKUBISW IYO ATABWA MUR RUSIZI.MURAGUMA MUYASAMVYA MURABE YAMARA BCR IRIHO.UBW MWEHO GAMWABA PRONAMW NTARUDARUDA MWAKORESHEJE.EW CONCILIE SHA,URIJAMBO.MBUMWE YISUBIRAKO AKIVUGURUZA MWOMENYERA YARIBWATIGW NKAZANDIKIR INAMA YABASHNGANTAHE IKAWMWATURURA KUMBNESHAKURE.YARADUHEMUKIYE PEG

  • Uwo Kilinyota ni intagondwa yo murwanda zimwe ziri gukona abahutu b’abagabo bose!!! Izo ntagondwa za FPR kandi inyinshi zifite doctorat mu kwica abantu ni nkaba Bikomagu bo muri UPRONA

  • Emwe bahutu bo murwanda murigorewe na kilinyota.ayo ma doctorat yose bafise nayo gukona abo bahutu gusa?bari kuri mission ya FPR ariko Imana irabona.kandi ntawuhonya ubwoko.uko zivugijwe nuko zitambwa.ntakundi nikwihangana iryo muzobivamwo nabo bazotinda bashikirwe.pole sana?

  • Icintije na mutabazi muri ibirofa vyomuba DD gusa!!mwuzuyemwo amacakubiri gusa niyo mpamvu Uburundi tutazopfa duteye imbere!!Mu Rwanda mureke kubamaramarirako baradusize!ivyabo mureke kuvyinjiramwo mutwereke mwebwe data abahutu bomuburundi ico muriko muradushikanako citerambere nk Murwanda!!huuu ibijuju gusa mwuzuye amazi mumitwe nokwicana gusa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.