Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu (...)

UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu ntara

mercredi 1er Gitugutu 2014

Mu mugambwe UPRONA ishami rishigikiye umushingamateka Charles Nditije, bavuga ko batanezerejwe n’abagenywe n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, kugira babere ijisho uyo murwi mu ntara no mu makomine.

Tatien Sibomana, umuvugizi w’iryo shami ritemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba avuga ko abashizwe imbere bivugwa ko ari Abadasigana b’uyo mugambwe UPRONA batabemera. Tatien Sibomana akabandanya avuga ko abo bazocungera amatora mu ntara no mu makomine bashizweho hahonyanzwe zimwe mu ngingo, mu gihe hari haremeranijwe ko abanyamigambwe bose babwirijwe kuzoserukirwa mu ntumbero yo gutegura amatora meza, none umugambwe UPRONA arimwo utaserukiwe. Muri urwo rutonde rw’abazocungera amatora, abitwa abakinyi ba poritike (Acteurs politique) bakaba batigeze baserukirwa. Abo n’abo akaba ari abashigikiye imigambwe yose itemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nka UPRONA ishigikiye umushingamateka Karori Nditije, UPD yo kwa Chauvineau Mugwengezo hamwe na FNL yo kwa Rwasa Agathon.

Amazina y’abo bazoserukira CENI mu ntara no mu makomine yamaze kumenyekana, ariko abaserukira uwu murwi bari mu migambwe bakaba batamenyekanye. Ikizwi gusa n’uko batandatu ari abakozi b’Imana, 60 kw’ijana akaba abahutu, 40 kw’ijana ni abatutsi nayo 30 kw’ijana ni abagore.

Ukwo bagenywe rero ni uku, hatangura umukuru w’umurwi mu ntara hagakurikira icegera ciwe:

Rutana : Emeriyo Emile
Patiri Ndikuriyo Felicien

Ruyigi: Patiri Nkeshimana Ernest
Cubahiro Jeremie

Muyinga : Kamariza Goreth
Witonze Vincent

Mwaro : Patiri Ntigahera David
Niyonzima Virginie

Ngozi : Minani Desire
Baryimare Damien

Cankuzo : Nigoboka Alexandrine
Patiri Mvuyekure Gabriel

Cibitoke : Musenyeri Murwuwundi Theogene
Ndikumana Bernard

Gitega : Patiri Ntukamazina Dominique Adrien
Polisi Alphonse

Bubanza : Niyimpa Pierre
Hakizimana Belyse Abele

Bujumbura : Nduwimana Anne Marie
BigendakoSylvere

Bururi : Niyukuri Laurent
Nahimana Christine

Karuzi : Nshimirimana Prosper
Muhimpundu Aline

Kayanza : Patiri Mariko Manirakiza
Majambere Martin

Kirundo : Manariyo Pascal
Ryivuze Gerard

Igisagara ca Bujumbura : Bucumi Cyriaque
Mutwa Chrysologue

Makamba : Musenyeri Nyaboho Blaise Martin
Bugabo Emmanuel

Muramvya : Nahimana Coudra
MasamvyaChantal


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.