Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Ihimbazwa ry’imyaka 53 y’intsinzi hari indyane zidasanzwe mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Ihimbazwa ry’imyaka 53 y’intsinzi hari indyane zidasanzwe mu (...)

UPRONA : Ihimbazwa ry’imyaka 53 y’intsinzi hari indyane zidasanzwe mu badasigana

jeudi 18 Nyakanga 2014

Imyaka 53 irarangiye mugambwe w’Abadasigana UPRONA utahukanye intsinzi y’amatora yo mu mwaka w’1961.

Jean Claude Banyiyezako umwe mu barongoye UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira

Ariko uwo munsi ukaba ushitse uwo mugambwe uri mu ndyane zidasanzwe. Haba mu ruhande rw’umushingamateka Karori Nditije canke mu rundi rurongowe na Concilie Nibigira bose bavuga ko uwu munsi baza kuwuhimbaza, ndetse bikavugwa ko umwe wese aza gutwara ukwiwe urugori rw’amashurwe nkuntatemwa ya Rwagasore.

Mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira ari naryo ryemewe na Reta, bakavuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira bagarukane Abadasigana batakiri kumwe, mu gihe mu murwi w’abashigikiye umushingamateka Nditije, bamenyesha ko ica mbere ari ugukurikiza amategeko, imanza zaciwe na sentare zigakurikizwa, abagize komite nkuru y’umugambwe bo mu mwaka w’2009 bonyene bakitorera indongozi y’umugambwe, mu gihe abari muri uyo murwi badahengeshanya gushikiriza ko umugambwe wabo uriko usamburwa n’akarwi gashigikiwe n’umugambwe CNDD-FDD.

Muri ivyo birori iyo mirwi yose ivuga ko iza gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, bivugwa ko abari mu murwi w’ishinze kunagura uwo mugambwe baza guhurira kw’isengero yitiriwe umweranda Mikaheri, mu nkuka y’imisa. Mukamenya ko izo ndyane ziri muri uyo mugambwe w’uwarondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, zatumye haba imirwi hagati mu bashingamateka n’abakenguzamateka bakomoka muri uyo mugambwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • komera nditije hanyuma nimwahuriraho na concilie muce mubakubitireho nduwimana aze kumutabara

  • biratwengeje kuko ninkina mico.Edware uwo ashigikiye agira ivyo ashaka none hamwe uruhigi rwohindukira bizogenda gute.ndababazwa na bantu kahise katigisha ntawarazi ko cndd yotwaye igihugu aravye uko Abatutsi bayigwanya ariko vyarabaye bisigura ko atawuzibira icanditswe.

  • UPRONA KUVA ISHIITSSE KUBUTEGETSI YISHE ABAHUTU BENSHI!!!!!!!!!!!!! NONE UBU NAHO IYO UPRONA NYENE IHAMBWE NUMUHUTU UMWE WENYENE NDITIJE HAHAHAHAHAHAAAA BAYI BAYI UPRONA. WISHE ABAHUTU INDIRI NAWE WISHWE NUMUHUTU UMWE GUSA!!!!!!!!

  • UPRONA YABATUTSI NTAKO ITAGIZE KUVA MURI 1993 MUGUKUMIRA ABAFODEBU!!!!!!!!!! UYUMUSI TURATANGAJWE NUKUMVA UPRONA NYENE YABATUTSI IGIYE KWAMBAMBIRA FRODEBU YABAHUTU MURI ADC-IKIBIRI YAYAYAYAYA

  • Mbega yemwe!!Karashize ingani bampema yuzuye bahambe Uprona yaRwagasore!Wewe uhemuka;wew wiba;wewe wica ;uriye abarundi benshi harimwo abo wavyaye!Ivyo ukoze n’umwuzukuru wawe azobibazwa KO wahemukiye Abasigwa bâ Rwagasore!Ukuri ntikuzikwa niyo kuzitswe kuzikurukana ubukari kukarusha ubukari nyene kukuzika.Uprona siy abahutu si y’ abatutsi ni y’ abarundi Bose.Uprona Tsinda!ganza!Hangama Nditije turinyuma yaw.Mpemuke ndamuke aracibwa!Mana tabara kumwe wadukurako ikimoko n’ubu dukize ikimoko ça Cndd fdd.Amen!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.