Accueil > Amakuru > Poritike > Uprona: Integuro y’ibwirizwa nshingiro nshasha n’iyitsimbataza umugambwe CNDD (...)
Uprona: Integuro y’ibwirizwa nshingiro nshasha n’iyitsimbataza umugambwe CNDD FDD
lundi 18 Munyonyo 2013
Umurwi w’abashingamateka ba Uprona baremeza ko integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro batarayibona mu gihe bivurwa ko yoba ija yarashitse mu nama nshingamateka, nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye umurwi w’abashingamateka ba Uprona Gasutwa Bonaventure, igihe yari mu bikorwa yatumiwemwo n’urwaruka ruhurikiye muri uyo mugambwe rwo muri kaminuza y’Uburundi.
Mu kwishura ku kibazo yari ahejeje kubazwa n’umwe mu barongoye indarangavye za Uprona ku bijanye n’integuro nshasha y’ibwirizwa nshingiro, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba Uprona akaba n’umukuru wa JRR ku rwego rw’igihugu Gasutwa Bonaventure, akaba yabishuye ko iyo nteguro batazoyemera na gato, kuko babona y’uko ari iyoshira igihugu mu ntwaro mbi, hakavurwa umugambwe umwe gusa CNDD FDD, igakumira iyindi migambwe, mu gihe ari mu gihe c’intwaro rusangi. Kuri ivyo rero, akaba yaremesheje abo badasigana umugambwe wa Rwagasore utazobahemukira, iyo nteguro nayo bakaba bagiye kuyiyamiriza ukwo bashoboye.
Umushingamateka Gasutwa, akaba yasubiye abamenyesha ko kugira ibwirizwa nshingiro rihinduke, umugambwe uri ku butegetsi ubwirizwa kuba ufise amajwi ane kuri atanu, ayo nayo, akaba yavuze ko umugambwe CNDD FDD atayo ufise, ari naco gituma baremye. Kubona kandi iyo nteguro iri mu nama nshingamateka naho batarayibona, bibaza ko ivya referendum bivurwa, iyo nteguro itakigiyeyo kuko abashingamateka aribo baserukira abanyagihugu, bayikanye izoba ihakanywe. Ariko kandi akaba yasubiye abamenyesha ko hamwe iyo nteguro yojanwa imbere y’abanyagihugu, abadasigana n’urwo rwaruka batobatako umwikomo hagize ibihinduka, ariko aho hose, akaba yabasavye ko bofashanya iyo nteguro ntiyemezwe.
Uyo mushingamateka akaba yemeza ko gushika ubu baremye kuko n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye basanzwe bari kumwe mu nama nshingamateka, yasavye abashingamateka bose ko hatogira uwuhirahira ngo yemeze iyo nteguro. Ku bwa Gasutwa rero akaba yavuze ko iryo jambo ry’umushingamateka Minani Yohani ryabanezereye, kuko ariwe vyari bizwi ko acuditse cane n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, none yanse iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro.
Aristide Nizigire
Messages
18 Munyonyo 2013, 22:07, par bugesera
porona na nyakuri ntimwova muri iyo leta tukaraba ,,,ko baguma babandanya ayo mabwa yabo!!!
19 Munyonyo 2013, 16:44, par NICAYENZI Melchior/Journaliste RSN
ikindyohera kukinyamakuru canyu nuko maze gukoresha 8 articles au cours de mes animations radiophoniques.uno musi honyene nakoresheje 1.abakobwa 16 bafise moins de 18ans bafise kazoza mumateka y-isi 2.ubugwaneza....3.ingene ministre francaise de la justice yatitswe n-ikinyamakuru Minute co muri France