Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Komite nkuru yatowe mu 2009 yahamagaje inama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Komite nkuru yatowe mu 2009 yahamagaje inama

UPRONA : Komite nkuru yatowe mu 2009 yahamagaje inama

vendredi 2 Nzero 2015

Komite nkuru y’umugambwe UPRONA yatowe mu mwaka w’2009 yahamagaje inama izoba kw’igenekerezo 11 Nzero 2015. Iyo nama bitegekanijwe ko izobera Ku Mugumya ikaba ari iyo gutora indongozi z’umugambwe UPRONA.

Nk’uko bishikirizwa na Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, komite nkuru y’umugambwe UPRONA yatowe mu 2009 yatumyeko iyo nama kubera Reta itunguruje urubanza yatsinzwe ruheruka gucibwa na sentare ya Afrika y’ubuseruko yahaye ububasha iyo komite nkuru bwo gutunganya umugambwe UPRONA.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano SIBOMANA, umuvugizi w’umugambwe UPRONA, ishami ritemewe na Edouard NDUWIMANA

Ku ruhande rwa UPRONA ishami rirongowe na Conciliya Nibigira, bamenyesha ko iyo nama yatumweko ataco bayiziko. Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru wa UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko bitumvikana ingene abo bagize komite nkuru botumako inama yo gushiraho indongozi kandi basanzwe barashizeho umushingamateka Karori Nditije nk’umukuru wabo, hamwe na Varisito Ngayimpenda nk’icegera ciwe.

Ku bijanye n’uko iyo nama yahamagajwe bitegekanijwe ko izobera ku Mugumya, Gaston Sindimwo amenyesha ko ingoro y’umugambwe UPRONA Ku Mugumya iberamwo inama n’ibikorwa vy’umugambwe UPRONA gusa, akavuga ko iyo iriko irategurwa mu mugambwe UPRONA batayizi.

JPEG - 43.7 ko
Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA urongowe na Concile Nibigira.

Egide Nduwimana

Messages

  • Eeeeeeehhhh muragabe dd buca yongera kugomora ca gipolisi gisigaye gikora nkabanyapolitike aho kuba neutre.Ark ivyo bakora vyose nubusa kuko umugambwe uzoruhira kuja mu minwe ya badasigana.Nayo.izombonerakure zibaza ko zirongoye uprona nizicire nirarura.

  • Aba Prona muragaba bagombakubahenda kugira Kumugumya bahamorere yanama yarwarunani baherutse kuvuga rwaba Agathon, Yohani Minani, Nditije nabandi, aba prona murareba mufazhanye nanyakwubahwa Concillia mukugemetemerera abobantu bahindagurika burikwumusutashe kuzakubanduriza ingoroyanyu binyibukije umuntumwe yambwiye ngo arashimira vyimazeyo Nditije ngokukwarumuhutu arikwarashaka kwihora aba Prona amabiyagakozwe babona mugusambura uwomugambwe UPRONA!. Jewe nobwira aba Prona nambabakundavyukuri umugambwewabo boshaka bagafashaka na Concillia batamushigikiyenaho bemere ivyumugambwe UPRONA biyangare gushika nkomumyaka 40 uhereyuyumusi!.

  • Uprona nibayinyagire amabi yakoze arimwo arayigaruka consilie narawuramutswe kandi arawukwiye

  • Uprona ya conciliya turazi ko ar igikoresho ca CNDD FDD turabizi kandi conciliya arafum aja muri CNDD FDD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.