Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uprona : Ntibari bakwiye kwiyamiriza ingingo za Leta barimwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Uprona : Ntibari bakwiye kwiyamiriza ingingo za Leta barimwo

Uprona : Ntibari bakwiye kwiyamiriza ingingo za Leta barimwo

mercredi 12 Ruheshi 2013

Mu mugambwe w’Abadasigana Uprona muri iyi minsi, barerekana ko hari ingingo nyinshi zo muri Leta badashigikiye, kandi iyo Leta nyene bayirimwo, aha tukaba twovuga nk’ibijanye n’ibwirizwa rigenga abamenyeshamakuru, n’inzindi ngingo zimwe zimwe zifatwa n’umurwi CNTB.

Kuri ukwo kwiyamiriza ingingo zifatwa n’ubutegetsi, ndetse ugasanga izo ngingo ziba zafashwe kenshi zagirizwa umugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi, abari mu murwi wishinze gusubiza umutamana umugambwe wa Rwagasore, bavuga ko uravye muri iyi minsi abari muri Uprona bariko bariyamiriza izo ngingo zitandukanye zifatwa na Leta barimwo bimwe vyakarorero, ariko bagatangazwa n’ukuntu abategetsi baserukira Uprona muri Leta n’abarongoye umugambwe w’Abadasigana bomara imyaka itatu bidogera izo ngingo nyene zifatwa n’ubutegetsi, hanyuma bakaguma muri iyo Leta nyene, batemera ingingo bafata.

Ku bw’umushingantahe Evariste Ngayimpenda arongoye umurwi wiyemeje gusubiza umutamana umugambwe Uprona , atanga akarorero ko mu bushikiranganji bw’ukumenyesha amakuru burongowe n’umudasigana, akavuga kandi n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ava muri Uprona nawe, hanyuma agatanagazwa n’ukuntu muri Uprona boguma bariko baridoga ng’iryo itegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru ni ribi, kandi ibimenyeshamakuru bitwarirwa mu bushikiranganji burongowe na Uprona.

Twobibutsa kandi ko igihe iryo tegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryariko riratorwa n’inama nshingamateka y’Uburundi, habonetsemwo bamwe mubari mu mugambwe w’Abadasigana Uprona baryemeje.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.