Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA : Abashingamateka n’abari bitavye inama bakiriwe n’inkoni n’ivyuka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Abashingamateka n’abari bitavye inama bakiriwe n’inkoni n’ivyuka (...)

UPRONA : Abashingamateka n’abari bitavye inama bakiriwe n’inkoni n’ivyuka bikoroza amosozi

dimanche 16 Ruhuhuma 2014

Mu gihe Abadasigana bari bahamagariwe kwitaba inama nkuru y’umugambwe yahava ishiraho inzego zemewe n’amategeko, bamwe mu bashingamateka n’abandi badasigana bakiriwe n’inkoni z’abaporisi hamwe n’ivyotsi bikoroza amosozi.

Bariko bararirimba ko atanyungu n’umutahe bizova mu maraso, abo badasigana batemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bashwiragijwe n’abaporisi isinzi, bamwe baragwa hasi, abandi bararaba, abandi barafatwa bajanwa n’abaporisi ahantu hataramenyekana mu gihe abandi bashoboye kuyanyaga, n’aho inkoni zo zari ku migongo y’abo baporona.

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe abo badasigana bari baje gushiraho inzego nk’uko babisabwe, ko komite nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009 ariyo izosubizaho inzego. Ivyo rero ntivyabaye bigikunda ko izo nzego zikoranira aho ku Mugumya, kuko abaporisi bari bameze magabo, ndetse n’imitahe yo gufata bamwe nk’umushingamateka Karori Nditije bikavugwa ko yoba yamaze gusohoka, eka ayandi makuru akavuga ko Tasiyano Sibomana umwe mu badasigana bakomeye bariko barafasha mu mugambi wo gusubiza hamwe we, akaba yahagaritswe, n’uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura Joseph Kenyata.

Tasiyano Sibomana ahagaritswe na Joseph Kenyata arongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura (Photo Teddy Mazina)

Umushingamateka Gloriose Ntawe yatowe mu gisagara ca Bujumbura yari mubitavye iyo nama, akaba yatewe ubwoba n’uwutwara igiporisi mu karere k’Uburengero ko ashobora gukurwako ubudahangarwa, mugihe yamwagiriza kuja mu migumuko izuba riva. Uyo mushingamateka akaba avuga ko ivyo bitamuteye ubwoba kuko adashobora kureka kuraba abanyagihugu aserukira, bariko barakubagurwa atacamira.

Umushingamateka Gloriose Ntawe ariko ariruka mu bandi

Uyo mushingamateka, ariko ariruka co kimwe n’abandi, akaba yagenda arahamagarira abo baporisi kudakora amaraso kuko bamwe ari bashiki babo, abandi bakaba abavukanyi babo. Yanasavye kudakoresha inguvu, no kudahohotera abari aho ku Mugumya. Ariko ivyo ntiyavyumviwe, kuko yaba uyo mushingamateka canke abandi bose, batewe ivyuka bikoroza amosozi, bariruka, bagenda baratembagarira hasi.

Ingoro ya UPRONA iri ku Mugumya ikaba muri aka kanya icungerewe n’abaporisi benshi. Ariko abakurikiranira ibintu hafi vya UPRONA, bakavuga ko abashigikiye Karori Nditije bariko baraburagizwa kugira umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yimike neza, atawuryogoye n’umwe yaba umushingamateka canke umukenguzamateka ava muri uyo mugambwe, Niyoyankana Bonaventure ku burongozi bwa UPRONA, eka kandi kugira Prosper Bazombanza icegera ca mbere gishasha c’umukuru w’igihugu ashobore kurangura neza amabanga yiwe yagenywemwo.

Bamwe mu batamakazi vyanse ko biruka baravye
Uyu mutama ahejeje guhenurwa n'umuporisi, yasavye Imana avyutse gukiza igihugu ciwe
Uwutwara igiporisi mu ntara z'Uburengero ariko avuga ko ubudahangarwa bw'uyo mushingamateka abukuweko
Bamwe mu bakibasha, bayanyaga mu gihe abandi bo bagwa hasi
(Photo Ntare Mwambutsa)

Aristide Nizigire

Messages

  • Aba DDngira bibaza ko ari ukuvyina ,bibaza bishe aba tutsi ,:none ubu naho ari ku ba twara indogozi zabo ihibabewe ingwano yubu ntaho isa niya1993 ubu ni contre aba DD ahobari hose niba mwibaza ngo nivyubwoko murihendA rindirA gato murabe mufuga abantu muja mukuzimu turA TANA MUMITWE VYANKA VYAKUNDA,

  • Bari babwiwe ko ikoraniro ryabo ryasibijwe,kuki akokamo batakumviye?Bagomba gukwega akarambaraye!Rindire basha mwihangane ningorane zawa mwuzurira ntituzobibagira vuba!!

  • Wow wow wow... Well done! Abatutsi nabo boba bagezwe ko? Abakera barayamaze Ngo " Ntamvura idahita" ubu barabaye I boro. Ndibuka muri 1994 bakunagura Data baka mu Mena umutwe Ngo Ni boro. Ni muhungure mu Rwanda Canke muri Uganda. Ntimwafashije Museveni, ntimwatujije Inzirabwoba (EX: FAR) Kagame mwimitse muhejeje kugandagura ABA President 3 Baba Hutu mwibaza ko muzobaherana. Harageze ko mwisgura credit. Mwakoresheje ABA Hutu bi vyitso nka Ngeze, Mukasi Agata Uwiringiyimana, Twaguramungu, Pasteur Bizimungu. None namwe reka tubereke mugukoresha abanyu Eduard, prosper,Bonaventure nabandi.

  • uko babirukako niko nabo bazirukwako, bareke babe baraja guhenda Imana ngo barakijijwe naho ari utu demons gusa, Imana yo izobereka. Raba abo batama vrm, umukuru w’igihugu, ntusinzire, kuko bakadafi, mobutu, ben ali, morsi, havyarimana, idiamini, n’abandi bagiye akagirire, kandi ntanuwabaririye.

  • uwukize isemu yibagira icayimuteye. sinarinzi ko dd yokora ivyo, izi icayijanye mw’ishamba. mbe umusi abo bafashe ibirwanisho, mwibaza ko bizogenda gut, ko nzirikana n’abaporisi b’uburundi mugutinya ari abambere

  • Mana nzima tuvahe tukajahe?

  • la politique burundaise échoue vraiment!!!!!!
    il faut penser deux fois avant de réagir comme ça !!
    si vs saviez ce qui s est passée au RWANDA il vs faut d y apprendre

  • Nifuza gushimira bivuye kumutima IGIHE itwereka ivyo iyo ntwaro iriko irakora! Bamenye neza ko gutwaza igikenye n’inguvu ataho bizobageza!

  • aho ga mwabarundi mwe ntimwo reka kuryana mugasenyera kumugozumwe tukubaka igihugu cacu kigatera imbere muma kungu.

  • Abakubaguwe mwihangane, turasaba ababijejwe ko ayo mafoto mwoyajana kuri Embassade ya leta zunze ubumwe z’america, ububiligi,france no kuwuhagarariye ONU mu burundi barabe ivyo intwaro ya dd iriko irakora. iri ni ihonyabwoko ariko tuzatsinda

  • Ndasaba abahagarariye UPRONA mutegure imyiyerekano-kaminuza mu gihugu hose abapfa bapfe ariko abasigara bazoba mu gihugu gitekanye. icafashije FPR-INKOTANYI BARAVUGANGO ’’ watatu wakikufa wawili watabakia watajenga taifa. ATARIVYO DD Iratumaze. Mukure amaboko mu mpuzu,ubwoba mu bute kuko nta gisigaye.

  • Wa wawwwaaaaa karabaye noneho bigeziyo hose numushikiranganji bakubise??none ya mikwara ya UPRONA reka tuyirabe;;ariko nibo babikweze rekanabo bawunwe bagira ngo aba DD nugufyina niba batabona ayobagize FNL aho nugufa birabamwo ushaka yoba arayanyaga kare

  • Je vous informe que Sindimwo fondateur de l’UproDD, a pris le soin de mettre àl’abri, dans un asile doré, au Canada, dans la ville de Montréal, sa femme et ses enfants avant d’aller allumer le feu àl’uprona au risque de provoquer la guerre civile. L’information est vérifiable : demandez aux burundais de Montréal. Sindimwo était àMontréal l’été passé.

    Certains burundais du Canada ont juré de porter l’affaire Sindimwo àl’attention de l’Immigration canadienne. Il n’est pas acceptable que des mauvais politiciens comme Sindimwo cachent leurs familles pour aller ensuite brûler son pays.

  • Karikurubu,ninde yakubwiye ko uburundi ari reta itwarwa muri amerika, canke mububiligi, nomubu Frasa? Icowomenyanuko ivyobasanzwe babizi ntagishasha kirimwo kandibasanzwe baziko ibintuvyagasuzuguro ariko gatuma ivyobiba mpereye kuriwewe nyene winyegeza inyuma yizina Karikurubu waravuzengo umutwe wa perezida wu Burundi ngowuzuyemwo amazi nonewobufise imvugo nkiyo woyibwira ivyobihugu wavuze bakacabiruka guhangana na reta? canke wewe niwewebofasha bakagutwara kwa muganga? Reta nireta kandi reta ntivyaruzwa. Ndakwibutse ko Ivyobihugu wavuzevyose duhurira kukubera badufatiyerunini mukudufasha kubera inzara nubukene burimugihugu cacu nayubundi nivyobihugu wavuze natwe turafise ivyotubinegura iwabo arikontutubivuga kubera umworo nubwabafise ivyavuga kandivyumvikana ntagendagucira imanzabantu nakare ntibomwemerera ko yicara nomuribo araheza akigira mumahwane y’inzira kwirebera uwogira icamufashisha. UWONAWE NUMVISEBAVUGA NGONUMUSHINGAMATEKA YARINZE AJAKWAMBARA UMUTAMANA WUMUGAMBWE IMBONANKUBONE NTIBIKENEWE KO MURUWOMWANYA TUMWITA UMUSHINGAMATEKA OYA ACABAUMUNYAMUGAMBWENKABANDI.

  • OK;wewe MWARI nabo bandi mwanditse muvyiyunviro vyanyu muvuga ko mwiteguye kugwana,nokugira imyiyerekano,natwe turabarindiriye mukoze akaguru muntozi zibanze zibarye,sibimwe vyakera mwica ,mugaturiza amapine abantu,ubuho ntamutaru muzodutambukana,reka abatutsi bategereye ko kubana tudakumiranye batware IPRONA,nayo abanyabururi banza muruhuke kuko mwatwaye kera,mwica mugakiza uwo mushaka,ejo nibashireho abo bashikiranganji nabo,muheze muduz,Amazuru turabe,basha mwihende mwice PRESIDANT wacu twitoreye,canke mukubite coup d, Etat mubanze muhumigwe,twarahunze mwishe NDADAYE ubuho namwe nimwe muzohunga ndabarahiye,nimureke iryo terabwoba,murungike aba JRR mwibarabara,bahurireyo nabacu,EEE tuzorabe basha ayo manyama mwitwaje,

  • Goriath amaze kubona ka Dawudi kaje ngo barwane yarasetse cane ati mbega mwahereje akabwa mwibazako jewe ndi mbwa? NKURU nawe yigize nka Goriath asuzugura UPRONA ariko amenyeko gutwaza umukazo en plus ucinyiza ubwoko bumwe kuko ari bukeyi mu gihugu yibuke uko vyagendeye habyarimana, yanse amahoro abona umuriro. abasoda bamugendaniraga ubu baheze mu kinyegero abandi muri prison àvie. kwica abatutsi amenyeko bimusema kandi abahinga baramaze gutahura umugambi wiwe. uwububa abonwa n’uwuhagaze

  • Mbega ndababaze mwa ba DD mwe. Ngo mwahabuje abahutu none inzara n’ ubukene bibagejeje aho umwansi ashaka Kubera igihugu cabananiye gutwara. Ubu naho mugire mubasubize mu ntambara kandi ndaziko ruzopfa kuvuga mwese mugatora imisambi muja muri congo na Tanzaniya. Ivyo muvuga ngo si bimwe vya kera ubu mwaronse iki mutahorana ko 85% mwari mubifise na kare.
    Reka ndambe gusa ndabe uwibesha ko nzi tuzinanye neza ga benewacu. Kanatsinda aho twabaniye si vuba.
    Jewe mbona vyiza twobana ako gahugu tukagasangira nayo ivy intambara ntawuzi ingena bihera. Erega abatutsi ni bake beza. None ntimubona ko mwama muriko murabira akuya bobo bugariye aho nyene ntimuzobaririre bazirwanira muraririra abo bene wanyu bishwe n inzara hamwe n abo bana muvyara murungika mu mabarabara. Abatutsi nta ntambara bashaka, erega nibo bafise ivyo bahomba ariko muyiteye bazoyirwana. Hanyuma muronke ivyitwazo vyo kwama muriko murarira ngo mwaranizwe, bababujije kwiga,....
    Mais aho mubereye SMART ni uko aussitôt arrivés au pouvoir muciye mukura bourse yahora ituma la majorité des étudiants hutu bashobora kwiga kuko benshi muribo ata yandi mikoro bafise. None au fait mwahabuje nde. Tout le sang versé pour remplir quelques estomacs, c est pas vraiment fort comme victoire.

  • Uwiyise Nyabenda, aradushiriye mumuco ko hariho akarwi gashaka gukora nki Nkotanyi igihe zatera u Rwanda, icowomenya nuko atawoguhaririza ariko muburundi dufise abatutsi beshi batabishigikiye nicogituma mubona icokibazo cafashwe nkankama na batutsi na bahutu ndetse na batwa kugira akokarwi mengo kize ibijanye nabacenga kiranoneho sikibazo cabatutsi kuko hariniyindi mirwi ihuje ama problem nuwomurwi wabamwemuba. Gerageza rero ureke gufata abantu bateyintambara baharanira nko ubwokobwabo, nabantu bariko barakana imigambwe kuyitegeka.

  • Nyakubahwa ww witwa MAMA nariko ndasoma ivyiyunviro vyawe ,ndagushimiy cane,ww tuvyunva kumwe,abobose bagomba gukinisha umuriro ntawobazi,barabaza abana barugwanye ugwa Democrasi yuburundi,inyuma yaho bishe NDADAYE.ntibamwishe ivyo bihugu vyarutura bihari,Abitwa ABASHINGANTAHE mugihugu bahari?.abobose bariko bihenda ngwintambara reka bawucane bazowota,turazi ko bashigikiyw FRONABU TABARA,bamenye ko tuzorugwanira ngaho ibujumbura honyene,ntakuja mukibira,bamenye kwamayira yo mukibira twayugaye,jewe ubu niyondi ndazibiriye ngaha kumuciro abodugana ibubanza.mwebwe mundabire ngaho nanje ino ndahabona.kandi siterabwoba,ukwo nukuri ndababwiye,Aboba PORONA ntibahirahire ngobisarishe badashaka kwibonerako,nibatekereze tubarongore neza dufadikanije nabo baporona bafise umubano mwiza,barongowe nuwo MUFASONI wumutima mwiza.nimugire amahoro mwese mushaka kubana mubahana,mwongera mwubaha IMANA yaturemye twese.

  • Reka kuryana muze dufukam dusenge amajambo mabi ntanumwe atezimbere

  • Uno musi ibishikiy UPRONA sivyubwoko namba ntimuhav mwihenda, muribuka mu matora yo mu 2010,FNL ya Agathon, FRODEBU ya Leonce,UPD, MSD,CDD ya Nyangoma,... bakuy ama dossiers yabo mur CENI bavuga ko amatora yibw bakabona ko batobandanya adasubiwemwo,bagatako bagasaba UPRONA ko nayo yosokora dossier mur CENI ariko abatutsi baranana,baca baha uburenganzira CDD-FDD iratsinda kand amatora yari guca asubirwamwo hama igatsindwa ngo bakeney ibibanza muri Leta,kandi Barabironse,unomusi rero inda niyo ibahumiye, hatanzw amahera menshi cane kugira CDD-FDD ishobore guhindura ibwirizwa nshingiro kugira ngo umukuru w’igihugu ahite aronka uburenganzira bwo kwitoza mu kiringo ca 3 kuko ivyo bitoshobots bagikorana naba UPRONA b’umutima. UPRONA itemew na Edouard murahaw ikaz mu KIBIRI mutegur amatora yo mur 2015.Murakoz.

  • Ndasaba umutekano mwishi ukwiye kuri nyakwubahwa wacu Nkurunziza nisazi ihita canke indege ica hejuru itazwi ikoroke urwanda sindarwizera.FDLR namwe nihagira agakoma muce mujabuka murwabavyaye tuzobafasha

  • uwiyita Mama na giramahoro nibirwarudubi bishigikira amakosa aba mugihugu aho ntimubona kumuri inkwezi yakarongo mubandi none uvuze ngo leta nireta kandi icomutokwibagira nuko intwaro zizohinduka nkuko nibindi vyahindutse aho rero mwohitondera.

  • Oya n’ukuri birateye isoni kubona igihugu kiguma gisubira inyuma muri vyose. Ubutunzi, ubutungane, amahoro ... gutwarira inda n’itera bwoba ntibiramba kandi ubu nketse abarundi benevyo barabibona kandi n’amakungu arabibona. Peter iyunvire ingene wohava neza kubera ivya mandat ya gatatu woshaka ukavyibagira nimba udashaka gusesa amaraso y’abarundi.

  • Oya n’ukuri birateye isoni kubona igihugu kiguma gisubira inyuma muri vyose. Ubutunzi, ubutungane, amahoro ... gutwarira inda n’itera bwoba ntibiramba kandi ubu nketse abarundi benevyo barabibona kandi n’amakungu arabibona. Peter iyunvire ingene wohava neza kubera ivya mandat ya gatatu woshaka ukavyibagira nimba udashaka gusesa amaraso y’abarundi.

  • Ntakintu kizigera coroha muburundi umushikiranganji wo hagati mugihugu akiri Eduard NDUWIMANA kk niwe acanishamwo abanyeporitike biburundi ninawe ateza umutekano muke mugihugu kubwivyo akora. ariko nkumurundi abaporisi bafise umutima wogukorera igihugu n’abanyagihugu nibakore ivyo bashinzwe bareke gutoteza abanyagihugu kuku turi benewabo. kubakorera abantu badakorera igihugu bibukeko ejo uwo bakorera azohava haje uwundi. Ndibaza nkanje nkumuporisi yantoteje munyuma hakageraho nkamurongora nomutwara gute ko iyisi turiko tuyizi? Gusa nibakore neza bakorere abanyagihugu bajejwe kk naho tudashangiye icarico cose biyumvira ndizera neza ko twese uburundi tubusangiye. Dukore nkabakorera benewacu twitange twitangire abandi turwanye ihohotera rya kiremwa muntu, ukwivanga muvyimigambwe, eka nabandi bashaka guhohotera abandi. Agathon RWASA, leonce NGENDAKUMANA n’abandi benshi nibakore nkuko iprona iriko irakora mukwumvikana basubize hamwe imigambwe yabo maze Eduard NDUWIMANA n’abo barikumwe bamaramare.

  • wewe JACQUES urateye ikigongwe nimba utekereza uko, reka mbanze ndakubwireko gutera u rwanda FDLR itanabitinyuka kuko batsinzwe bafise gouvernement n’amahera y’igihugu yose ubu siho batera inzara,sida,amavunja n’ibindi bitaboroheye. IKINDI wamenya nuko gutera u Rwanda uba uteye na UGANDA, KENYA,ETGIOPIA n’agace gato ka SUDAN. ibi bihugu nkubwiye byibumbiye muri LIFT VALLEY NILOTHIC COALLITION. niyo mpamvu uwubangamiye inyungu za kimwe muri ibi bihugu ataramba ku butegetsi. ingero nawe urazizi nimba utari ikijuju. RURATERA NTIRUTERWA

  • Abo bapolice mbega bahemberwa gokora icaha? mbega bakorera umugambwe? je nagira dukorara igihugu tugakurikiza amategeko y’Igihugu? naje ndumupolice ariko ndanegura abadutez’urubwa!

  • nagomba mpanure umuntuwese atukana koyobireka kwita amazina abandi atariyo!kuko imigambi yabobantu imeze nkiyabantu batarezwe!mugabo abarundi barayamaze bati ;intimenya,niyo ntinegura.

  • Murantunge kuko kand nuburenganzira bwanyu; mwebwe muriko muterana amajambo mabi atagira ifatiro mwitwaza imigambwe na moko mwoba muzi kahise neza kiburundi? cank hapfuye abahutu gusa cank abatutsi gusa? mufise imyaka ingah mwese ese mwaravyaye ibibondo? mubitegurira kazoza akahe?ihibambew ivyombona murimwo ntakazoza bigira.umututsi az ayo yabony cank umuhutu twokwibagirwa kahis tukagafatirako tugahuza mukubaka igihugu... naho mwabatutsimwe canke mwabahutumwe naho muzoteka amabuye agatota ntabgoko buzotuza ubundi ngobuhone aho niho mwihendera cane turibamwe Imana ntamoko yaremye. mubikunde cank mureke uwiyumvira kwihora kukahise aragow akanka nabiwe nabarundi bose naboyavyaye muzikumwana ariwe aza imbere turonderera kazoza keza."hinduka muhindure ngendo mwebw mwese. ntarinz kudondagura ama. zina"

  • ERIC N vraiment ibyo uvuga ni vyo!!
    Pierre urucira muka so rugatwara nyoko.
    Il ns faut la paix pour ns tous

  • ewe mama nimba urumugore ndabona urugo rwawe ataco utitaho wirirwa muri politique yuburundi aba dd baragukoropye muga ngira baraguhaye wirirwa urarya inda namazuru vyaravyivye ubona ko arivyo bitangura kuvyimba kuri bene mwebwe mwirirwa murya Uburundi nabarundi.ico noguhanura nuko wocisha make ukitaho urugo rwawe ejo utazosanga abana bakubanye ibibandi cnke ukitaho ikizokubeshaho ejo kuko poliytique ya ki dd izoteba ihera.ukunde imana nabantu nuburundi muri rusangi

  • uwo yiyita mama usanga ari za malaya za dd. baramwenda bakamuriha nawe akishura amadeni ubuzima bukagenda uko nyene

  • MS:Ngiramahoro haaaa hiii hewe vuga ico urico ureke kuvuga mubwishi nturi umubugizi ok hewe urahamagara imbonerakure hanyuma tuje muri stad bugare turabe uwosohoka rekaaa mwanawama ,uti izuki zizo turya haa twaka umuriro ntazuki ziturya, reka sha ndakubarire wa mu DD we ,turarabiwe nubwicanyi bwanyu ,jewe haraho nibaza ubwoko bwanyu bukasiga sizi ko wewe wobubarira,kuko nti muri Abahutu,ncanke abatutsi,ncanke abatwa, sinzi ubwoko bwanyu

  • Namwe muranyishe jewe ahongereye nobankifise abana ntunga ahubwo nibobantunga ndaheza nkigumira nimariza ubute ngahanyene kurutu tujambo mubona nandika, Uwo ambwiyengo aba dd baranyeda yewe sindabizi rekangezaho ariko urarengeje numutama wanje ivyonti..................haha!!!

  • Ego nyabenda uvuzevyo kwica abahutu vyazaniye umuvumo uprona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.