Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA uratanga ivyokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu
UPRONA uratanga ivyokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu
vendredi 17 Mukakaro 2015
Umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira uramenyesha ivyokorwa kugira ibibazo vya politike biri mu gihugu bitore inyishu.
Ku bijanye n’amatora,umugambwe UPRONA usaba ko hosubirwamwo ibiharuro vyavuye mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,amatora y’umukuru w’igihugu akigizwa inyuma mu gihe abahinga bokwerekana ko ata ngorane vyotera mu bijanye n’ubutegetsi.
Ku bijanye n’umutekano,umugambwe UPRONA usaba ko urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi rwokwakwa ibirwanisho,urwego rw’umutekano rugasubira gutunganywa kugira hagaruke icizere hagati y’urwo rwego n’abanyagihugu.
Mu kugarukana icizere hagati y’abanyagihugu,umugambwe UPRONA usaba ko abapfunzwe bagirizwa kugira imyiyerekano borekurwa,hakaronderwa n’icuka ciza cotuma abahunze bahunguka.
Umugambwe UPRONA urangiza usaba ko amaradiyo yokwugururwa, n’abamenyeshamakuru bagakora mu bwigenge.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Mukakaro 2015, 07:43, par Scott
Ariko none wewe ga concilie wagiye mumatora none ubonye intebe wari witeze utazironse none ngo basubiremwo guharura ahubwo wari watevye kuvuga,jewe nabona utavuga nkibaza ko amatora wayashimye ,komera abo wakurikiye ntabo waruzi reka rero baguturutumvye wicuze icabiguteye, narinzi ko nawe ushigikiye Imbonerakure none wabaye uzanka? Yaba wazanka uba wabihevye kare nk’abandi.
17 Mukakaro 2015, 07:51, par Aone
Mb Basha Namw Mwatanguy Kukubna Ko Icuka Atari Ciza?Nibaz Ko Nabandi Bagiy Kubibona;non Ko Utavuz Kuva Kera Bignz Gut?Nihatari.
17 Mukakaro 2015, 08:15, par emma
K6 mutavuz mbere hose canke n’uko namwe ataco mwahanovye mu bijanye n’ibibanza.ni mube mukunda igihugu canyu murek gukunda ibibanza,niho muzoba indongozi zize n’abene gihugu.
17 Mukakaro 2015, 08:26, par benjamin nettanyahu
Burya concilia na uprona yiwe baratanguye kwisubirako?nasubize umugambwe wabandi nyabuna kuko amatora aheruka yaramaramaye.ariko icocipfuzo ciwe niciza.
17 Mukakaro 2015, 08:45, par Biz
Wamufasoni ubu niho ukibona ko wadandaje basaza bawe nivyiza ko uriko urakanura barya mupfana ayo maronko bave inyuma hakiri kare tora amahoro?
17 Mukakaro 2015, 09:09, par Biz
Twapfuye iki muga iciyumviro canje ntukikivuga sivyiza frere igihe turota amahoro fuss
17 Mukakaro 2015, 09:23, par ASMAN
AHUBWO NIVYO YARONDERA AHAVA ABITOBA VYOSE.
17 Mukakaro 2015, 09:24, par Athanase NDUWAYO
Uwo muvyeyi avuze neza cane !Twama tuvugako UPRONA yigenga !abahora bavugako iri mukwaha kwa CNDD-FDD nibabone kwatarivyo !some mutahure n’ikirundi?
17 Mukakaro 2015, 09:31, par Kevin
Ewe Concilie uratwenza,mugabo ntaco turakubabariye kuko kugwa sibibi ikibi nukuvundagara kandi ubugabo butisubirako buvyara ububwa.
17 Mukakaro 2015, 09:38, par Racha
Ahubwo nimuje kumavi musenge mureke kuguma mutanako ibirake ngwaba naba nibo baturiye mumenye kwivyo bikomeza kwongereza uburake bw’Uhoraho igihe ciwe cokuza kwimara ishavu kubanyavyaha kiriko kiregereza ahumuntu wese azobazwa ivyo yakoze agahabwa ingero bikwiranye hatarinze kubabwa umugambwe wumwumwe wese, Umunyabwenge niyibaze ko umunsi Sentare y’Uhoraho idaca ugwankunzi ahizosasira ko muzoshobora gutsinda canke gutsindwa.
17 Mukakaro 2015, 09:47, par aime mugisha
mbe yemw yavyubahuts gut concilie?arko manda ya3 ntaco uyivugako ga niyibigira!!?abagore nta bwenge,m bandanya gutyo harubwo wovayo.
17 Mukakaro 2015, 10:00, par Grace
Ewe concilie sha urantwengej!ubu rer nih ukibona kuvuga?uranantey akagongw uribuk ukunt sindimwo yatyoz abari mumyiyerekano?nn ngabafunzw bayihorw ngo nibarekurw?nih ugicubweng?reka kwih amenyo yabatwenz nintebe2 babahay ninyinsh mwasambuy umugambw mwibaza ngo wwe na gaston muzoc murongor igihugu?siko kiri
17 Mukakaro 2015, 10:36, par Jean Bosco NKUNDWANABAKE
Ariko akabi gatwerwa kakeze urabonye ko ivyo wariwiteze utabironse none ngo basubiremwo guharura,ahubwo ni kuyafuta yose tukazotangura bishasha,ahubwo niwegere abandi ureke gushigikira ibidashigikirika.
17 Mukakaro 2015, 10:44, par KIRENGE
NONE UCA UJA HEHE KO ABANDI
BAGUSIZ?JE MBONA WOJA KWA NDITIJE.MUGA SINZI WOMWUBAHUKA IMBERE.
17 Mukakaro 2015, 11:02, par MOÃ SE
Jew mbona ko Conciliya ariko yita abarundi ko ari ibiju!!Ubu niho agez kuvuga ko imbonerakure zokwakwa ibirwanisho?Iyobumenya umw bwarikindi,Ico avuga muriryo kete turazi ko ari politik asangiy na CNDD FDD,bamutuma ivyavuga kugira vyitw ko umugambw wa Conciliya wigenga naho shwii!Abarundi"Turazi,turumva kandi turabona"Ntatwit rero ibijuju,Ko wumva bigenga ivyo yasavye leta nibishire mu ngiro rero abarundi duhez twogoror,kandi bica bigenda neza cane.Conciliya weee,reka guhuma amaso amakungu,bitebe bitebuke ico CNDD yaguhay kizomenyekana????Ndavuga simvura.
17 Mukakaro 2015, 11:33, par tito
concilie arateye isoni!namajwi yaronse nayo nyene ateye isoni reka gusyeta ibirenge twara izo2 ziramaze kko ntuzwi n ’abarundi urazi komuzogeregwa hamwe na jacques !mwabambuzimwe!subiza imigambwe yabandi?
17 Mukakaro 2015, 12:29, par Cissé
Nukuri ikibi sukurwa ikibi nukurwa hama ntuvyuke! mugabo sinibaza kari concilia yabivuze!
17 Mukakaro 2015, 12:31, par Cissé
Nukuri ikibi sukurwa ikibi nukurwa hama ntuvyuke! mugabo sinibaza kari concilia yabivuze!
17 Mukakaro 2015, 12:34, par Amuri Juma
Concilie yabaye Francois Ngeze,urabe neza izo mbonerakure nawe ziraguhitana.
17 Mukakaro 2015, 14:42, par tuyishemeze
nizere ko atari uprona ya concilie yavyandits reka turindire tuzobona
17 Mukakaro 2015, 14:49, par fidelite
Ngo abakoze imyiyerekano barekurwe?Ivyo bononye navyo tubibahebere?Abavyeyi bahekuwe abana babo ngo ni imbonerakure bo si abantu,?Nibafungwe nyabune niho bazomenya kwiyumvira imbere yo guhangana n’abategetsi izo mbwebwe ,ico cuka kibi kiri he?Na bado.Imihimbiri itere umudugararo,ingwano hanyuma tubareke,iyaba jewe nabamanika bose haut et court nkazisigura imbere y’amakungu.
Amatora arabandanya kandi ntaco twongerako,izo ngwano baririmba tuzozigwane twitanguye.
17 Mukakaro 2015, 15:23, par Nice
Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!
17 Mukakaro 2015, 15:23, par Nice
Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!
17 Mukakaro 2015, 16:04, par emma
emma
ewe concilie wotwenza nabapfuye, usabako reta igirante? amaradio? abapfunzwe? namatora aharugwe ukundi? nayandi yigizwe imbere? sha wehoho ntuje uriwe, mbwabundi yarimitwe yanyu? namwe shake muvemwo turabandanya ahubwo urumusazi nkabagumutse.
17 Mukakaro 2015, 16:35, par Nice
Icishe Uburundi ni uko abafise uburyo bwo kuvuga batakigira ubuntu. Ivyo bintu uyo mupfasoni avuze avyibutse ateba. Ngira ntiyahora ngaha mu Burundi. Sindimwo wiwe yarasaze atyoza abantu ngo bari mu myiyerekano, none ko babimye ibibanza babahendesha aradutse gusubiramwo ivyo abandi bamaze amezi bavuga nawe abigwanya? Abantu mutagira isoni mwarahiriwe!
17 Mukakaro 2015, 20:20
Consiriya Weee!!! Urantwengeje Nimba Ari Wewe Batakubesheye Mbega Imbonerakure Baziha Ibirwanisho Niho Wari Uri? Barya Bagomvye Guihirika Ubutegetsi Bagaturira Abantu Nibintu Bakagaba Ibitero Kubirindiro Vyabaporisi No Muntara Cibitoke Na kayanza Nahandi Zari Imbonerakure?Hoshi.
17 Mukakaro 2015, 22:35, par OKAY
Hahahaha Concilie nawe arashavuye hahahahah. Je nshaka umu journalist umwe amumbarize ati: Mbega ubabajwe n’ivyo aba dd bakugiriye? canke ubabajwe n’ihohoterwa ry’abana b’uburundi hamwe n’ihonyangwa ry’amategeko yose y’igihugu? Hanyuma ateko adusobanurire igituma bimukozeko. Kuko ibiriko birabera hano mugihugu arabizi, kandi bimaze igihe biba nawe yihorera. Arinze avuga naho yaca abishigikira. Nimba yaje muruhande gw’abanyagihugu, namanze adusabe ikigongwe. Nayahandi nitwatembagaza ibi binywamaraso, nizo 2 ntazo azoronka.
18 Mukakaro 2015, 08:26, par KIMERSONG
AHAHAAAA!!EWE CONSILIYA WEEE!!ABA DD WABIYOMEKAKO WIBAZANGO BARAMENYERWA?BARAKUGARUYE AKENGE KWELI!AHUBWO NIZO NTEBE2 NTAZO WARUKWIYE."INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA N,UKO AMASO ATUKUYE."
18 Mukakaro 2015, 08:28, par KIMERSONG
AHAHAAAA!!EWE CONSILIYA WEEE!!ABA DD WABIYOMEKAKO WIBAZANGO BARAMENYERWA?BARAKUGARUYE AKENGE KWELI!AHUBWO NIZO NTEBE2 NTAZO WARUKWIYE."INYANKA KUBWIGWA IBWIGWA N,UKO AMASO ATUKUYE."
18 Mukakaro 2015, 12:50, par un froidais
uyo avuze ngo ivyo bononye abari mumyirekano ko bobibahebere mbese harivyo mwubatse? ugra niya ngoro yanyu twamenye cnke twa du stade twanyu tugira ikimaze urarab neza attentio
18 Mukakaro 2015, 13:29, par Ndababonye
Sha,burya Ishavu Niribi Bagezibe Baramuhanuye Aravyanka None Umve Atanguye Gutabaza.Ntiyarazi Kuja Mwishamba Utazi Ugaca Inkoni Utazi.Araruta Umukumuru Winama Nshingamateka Yabikuyeko Nabandi Benshi Bahevye Aba DD.Nasabe Imbabazi Agaruke Muruhongore.Ok
18 Mukakaro 2015, 15:43, par MVUZO
kekekekekekekeee Mbe ubu nihubonye ko aba DD ari babi!!!! Kuko baguciyemwo sha ntibamenyerwa ahubwo genda ufukame kwa Nditije mugasinzi kwakubabarira
18 Mukakaro 2015, 15:57, par viateur
Nzokwemera ko atari akenge agomba guhendesha abanyagihugu niyasokora mumatora y’umukuru w’igihugu nayahandi tuzomucira urubanza rumwe n’akakarwi gapfukamye igihugu munda
18 Mukakaro 2015, 20:22, par fatukobiri
Aaa,uyomugabo,arabizinezako,abarundi karabanyabwenge,kandi badafakwibagira,icoyakoze kadege na domisiyano nubwicanyi 2005 kumigambweyindi,ahubwo,aragowe!