IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > UPRONA : Uwari asigaye mw’ibohero azira gutera Gaston Sindimwo (...)

UPRONA : Uwari asigaye mw’ibohero azira gutera Gaston Sindimwo yarekuwe

jeudi 2 Gitugutu 2014

Uwari asigaye mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ko yoba ari mubateye igisasu ntezwaminwe (Grenade) ku rugo rwa Gaston Sindimwo umunywanyi wa UPRONA ishami rya Conciliya Nibigira, ariwe Fabrice Shurweryimana yarekuwe.

Fabrice Shurweryimana yari asanzwe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho yari amaze amezi arenga atandatu aboshwe azira gutera urugo rwa Sindimwo, akaba yarekuwe, inyuma y’aho sentare isangiye atakimwagira. Uwo asanzwe ari mu muhari mparaniramajambere wa Rwagasore JRR akaba yapfunzwe ari kumwe na Lionel Ninteretse, umukuru wa JRR muri komine ya Kanyosha, bakaba bafatiwe mu mihana iwabo, baca bapfungwa kuva kuwa 25 Ntwarante 2014.

JPEG - 1.2 Mo
Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana bagipfunzwe

Yaba abari basanzwe baburanira iyo misore ibiri canke ndetse na bamwe mu badasigana b’umugambwe UPRONA, bakaba batasiba kwerekana ko iyo misore yapfunzwe izira indyane zugarije umugambwe wa Rwagasore, aho amashami abiri rimwe rishigikiye umushingamateka Karori Nditije n’irishigikiye Conciliya Nibigira yariko aranyinyuranira uburongozi bw’uwo mugambwe washikanye Uburundi ku kwikukira.

Mukamenya ko abo ba JRR babiri Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana basanzwe bashigikiye UPRONA irongowe n’umushingamateka Karori Nditije, ndetse no mu manza zabo yaba muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura canke sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu ndongozi za UPRONA itemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, wasanga baje kubashigikira n’ugukurikiranira hafi urubanza rwabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • MBEGA KO MU BURUNDI BENSHI BAFISE AMA DIPLOME AKOMAKOMEYE HARABUZE UWOKURA INDYANE MWIKI GIHUGU!!!ABANYE POLITIQUE muvibuzimu mujibuntu muhuzimitima yanyu imbere yo kuzimagiza twebwe ba nyarucari.mbega ko abami batwaye mu burundi kera hari ama UNIVERSITE zingahe?mumenye neza ko igihugu caccu kitagikeneye abihishahisha!!!ahubwo dukeneye umuntu azoza guhuza abakene n’abatunzi maze abarundi tukibera mwi paradizo!!!!ikibwirwa nicumva icerkwa nikibona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.