Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Woba ari umugenzo wo gusubiriza icegera c’umukuru w’igihugu adahejeje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Woba ari umugenzo wo gusubiriza icegera c’umukuru w’igihugu adahejeje (...)

Woba ari umugenzo wo gusubiriza icegera c’umukuru w’igihugu adahejeje ikiringo?

jeudi 17 Gitugutu 2013

Abadasigana b’umugambwe Uprona baremeza ko itorwa rya Bernard Busokoza rije hageze, mu gihe abadasigana batanguye inzira nziza y’ukwiyunga, inyuma y’aho biciyemwo imirwi, umwe ukavuga ko uje gusubiza umutamana uyo mugambwe, uwundi nawo uri muri Leta userukiwe na Terensiyo Sinunguruza.

N’aho abari mu murwi wishinze gusubiza umutamana Uprona bavuga ko kugira izina rya Busokoza rirungikirwe umukuru w’igihugu batigeze babazwa, bo barashima ko Sinunguruza Terensiyo yakombowe, mu gihe yagirijwe n’umukuru w’umugambwe Nditije Karori ko ari intambamyi mu kwanka ko abadasigana biyunga, co kimwe n’ukuryanisha inzego nkuru z’umugambwe.

Tasiyano Sibomana, umwe mu bagize umurwi wo gusubiza umutamana Uprona avuga ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mushasha yari asanzwe ari muri batanu bari bashinzwe gusubiza hamwe abadasigana. Kubwiwe rero, barizeye ko ivyatumye Sinunguruza akomborwa harimwo ukwo kwanka ko basubiza hamwe. Uwo yatowe we bivugwa ko bitazomugora mu gihe yari asanzwe ari mu murwi w’abo bashingamateka bariko barabumvikanisha. Ivyo kuba batagishijwe inama kugira aje mu bokwizerwa n’umukuru w’igihugu atangorane ndende bizobatera, ko igikuru ari ico azorangurira igihugu n’abadasigana.

Tasiyano Sibomana

Abatari bake bakaba bavuga ko mu mugambwe w’Abadasigana Uprona, ibijanye n’ukwama bakombora ivyegera vy’umukuru w’igihugu adahejeje ibiringo bisa n’umugenzo. Kuva mu mwaka w’2005 gushika uyu munsi, umugambwe w’Abadasigana Uprona umaze kurungika ivyegera bine. Mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2008, yari muganga Martino Nduwimana, uwo nawe akaba yakombowe yagirizwa amwe mu makosa adatandukanye cane n’ayagirijwe Singuruza. Inyuma ya Nduwimana hakaba haciye hakurikira muganga Yves Sahinguvu. Amakuru ava muri Uprona avuga ko yagumaniwe icizere rwose mu mugambwe, ndetse no mu badasigana, kuko nka bose bemeza ko muri Leta yarimwo kuva mu mwaka w’2008, yashize imbere inyungu z’umugambwe wari wamurungitse muri Leta kuruta iziwe.

Ariko kandi, hari n’abavuga ko ico kibanza kigoye narirya ari ikibanza c’icubahiro, gifise uturusho tudasanzwe. Bamwe mu badasigana bigeze kukiramutswa, ndetse vyanagaragaye ko bashira imbere ivyo bari batumwe n’umugambwe, bamwe babogozwa, canke ikiringo giheze, ntibagaruke muri iyo Leta. Aha akarorero kakaba ako kuri Alphonse Mariya Kadege mu kiringo c’imfata kibanza, aho yakombowe n’umukuru w’igihugu w’ico gihe Domisiyano Ndayizeye yagirizwa kutarangura neza amabanga yiwe, co kimwe na Muganga Yves Sahinguvu, inyuma y’ikiringo ciwe atasubiye kwizerwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Ubu rero abarundi bakaba barindiranye igishika ibikorwa bizorangurwa n’uwo yahoze ari umusirikare, akaba ari n’umuhinga muvyo gutumatumanako amakuru, Bernard Busokoza, kuko haba mu migambwe, mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, mu gisata c’ukumenyesha amakuru, muri amwe mu mashengero havugwa ingorane zitandukanye, eka n’indyane zitandukanye, mu gihe ivyo bisata vyose ubushikiranganji bubitwara bwegukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Kuva aho umugambwe UPRONA umenyesheje ko atagifitiye icizere Terensiyo Sinunguruza, mu nyum agaca agaca atanga imihoho, dushimye kubibutsa ivyashikirijwe n’umukenguzamateka Emmanuel Nkengurutse, n’uwahoze ari umushikiranganji w’indero Julien Nimubona, bompi bakomoka muri uwo mugambwe w’abadasigana UPRONA. Ku genekerezo rya 16 Nyakanga 2012, igihe hariko haba ikoraniro ry’umugambwe UPRONA mu ntara ya Gitega, umukenguzamateka Emmanuel Nkengurutse yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo muntu adashoboye gufasha abanyamugambwe wiwe kwiyunga n’abanyagihugu ataco aba azoshobora kubafasha. Iryo koraniro ry’umugambwe UPRONA ryari rifise intumbero yo gotora indongozi z’umugambwe. Iryo koraniro ryariyamirijwe n’abadasigana bamwe bari bakomeye mu mabanga barimwo nka Julien Nimubona yari umushikiranganji w’ubushakashatsi na kaminuza. Julien Nimubona yamenyesheje ko iryo koraniro kaminuza rije ahubwo gusambura umugambwe wa Rwagasore.

Bamwe mu bagiye baraba ivyegera vy’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’2004 barungitswe n’umugambwe Uprona.

Alphonse Marie Kadege (2003-2004)
JPEG - 4 ko
Muganga Martino Nduwimana (2005-2008)
Yves Sahinguvu (2008-2010)
Térence Sinunguruza (2010-2013)

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.