Accueil > Amakuru > Poritike > FNL ya RWASA hamwe na UPRONA ya NDITIJE yoba yakuwe mu runani (...)
FNL ya RWASA hamwe na UPRONA ya NDITIJE yoba yakuwe mu runani RANAC
mercredi 4 Ntwarante 2015, par
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yemeje urunani RANAC rugizwe n’imigambwe itatu yaheruka kwirukanwa muri urwo runani. UPRONA ya Karori Nditije na FNL ya Rwasa Agathon ntirimwo muri urwo runani RANAC rwemejwe n’umushikiranganji Edouard NDUWIMANA.
Naho tutarashobora kuronka abakuru b’iyo migambwe UPRONA na FNL yakuwe mu runani RANAC, amakuru dufise amenyesha ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yemereye gukorera ku mugaragaro urunani RANAC rugizwe n’imigambwe itatu yaheruka kwirukanwa muri urwo runani, ariyo FRODEBU Nyakuri, FNL irongowe na Jacques Bigirimana, hamwe na PASIDE IMBONEZA.
- Umushikiranganji Edouard Nduwimana yari amaze kumenyesha ko atazokwemerera urunani rurimwo abatagira imigambwe
Ayo makuru y’ukwemererwa kw’urunani RANAC rutarimwo Nditije Karori na Rwasa Agathon, amenyekanye mu gihe ata minsi myinshi yari iheze umushikiranganji Edouard NDUWIMANA amenyesheje ko ubushikiranganji arongoye budashobora kwemerera urunani RANAC ko rukorera ku mugaragaro. Edouard NDUWIMANA yari yasiguye ko amategeko atemera ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe (Acteurs politiques) biyunga n’imigambwe.
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko amategeko adategekanya ko abakinyi ba poritike batagira imigambwe yemewe (Acteurs politiques), biyunga mu runani n’imigambwe, aho umushikiranganji Edouard NDUWIMANA akavuga Rwasa Agathon avuga ko ariwe arongoye umugambwe FNL, hamwe n’umushingamateka Karori NDITIJE avuga ko ariwe aramutswa UPRONA.
Tubibutse ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yaheruka kandi kwemerera urunani ADC IKIBIRI gukorera ku mugaragaro rutarimwo umugambwe MSD, naho muri uwo mugambwe bemeza ko bakiri muri urwo runani ADC IKIBIRI rurongowe na Leonce NGENDAKUMANA.
Egide Nduwimana
Messages
4 Ntwarante 2015, 11:44, par Saguil
Edouard akora nk’uwita mwakagira Imana mwee,nta Ranac itagira Rwasa ntigire Nditije erega imigambwe barayfis nirya nyene.non ko abanywanyi aribo tuzi aho arahumb sindababasha.asigaj imisi mike aho ubona,yoshak yokwtonda
4 Ntwarante 2015, 14:45, par nakiarthemon@yahoo.fr
ntaco nakore ivyashaka vyose hasigaye igihehegito akagaragara inyuma yuguhemuka wicwa nibimaramare
4 Ntwarante 2015, 16:27
none ga basha nkubu hagati ya Rwasa na Nditije hovamumwe agatwara igihugu,Edouard yonyikira hehe?
4 Ntwarante 2015, 17:56, par Lead
Ma question a E. Nduwimana: Peux-tu nommer l’article de la loi sur les partis politiques qui t,autorise a agreer des coalitions AVANT la campagne electorale?
Peux-tu nommer l’article qui interdit aux LEADERS politiques (non des acteurs politiques comme toi) d,organiser une conference de presse dans un restaurant? Peux-tu nommer l,article qui leur interdit la rencontre avec leurs fideles? On voit que tu bats les ailes. Jamais les Upronistes ne se sont sentis aussi proches des FNL-Rwasa. Merci de continuer a nous malmener.
5 Ntwarante 2015, 03:21, par egide jay butoyi
mana y’uburundi aho ntiwoza ugahonya abantu bose bipfuriza inabi abandi.ewe E.Nduw.urahumiwe sinokubesha kuko ufise iherezo ribi kuko ivyukora vyose ntasi idahamba na Bagbo yaratekereje nawe woshaka wokwicisha bugufi.Abarundi ubarye ariko ntuzobamara ikibabate nuko uzosanga usize umuryango wawe kungoyi ugaruka gusaba abo watuntuje.
5 Ntwarante 2015, 03:23, par egide jay butoyi
mana y’uburundi aho ntiwoza ugahonya abantu bose bipfuriza inabi abandi.ewe E.Nduw.urahumiwe sinokubesha kuko ufise iherezo ribi kuko ivyukora vyose ntasi idahamba na Bagbo yaratekereje nawe woshaka wokwicisha bugufi.Abarundi ubarye ariko ntuzobamara ikibabate nuko uzosanga usize umuryango wawe kungoyi ugaruka gusaba abo watuntuje.
5 Ntwarante 2015, 07:59, par Irakoze
Ariko uwo mugabo adushakako iki arihenda kabisa RANAC turazi aba fondateur bayo erega burirya afise ubwoba amenye ko azodusaba akazi vuba
5 Ntwarante 2015, 07:59, par Irakoze
Ariko uwo mugabo adushakako iki arihenda kabisa RANAC turazi aba fondateur bayo erega burirya afise ubwoba amenye ko azodusaba akazi vuba
5 Ntwarante 2015, 08:14, par Christopher
Minani yamye Ari umuhemu akomeye, yahemukiye abarundi igihe ndadaye yarahejejwe kugandagugwa. Leta Yu Rwanda yamusavye ko baha ABA FNL ibirwanisho Ngo batere Leta yaba putschusts I Burundi aranka. Ntivyatevye arahemukira FRODEBU mukuyicamwo ibice. Uyo n’Umumaraya WA vyose. Abarundi baramuzi. Nawe umu maraya nkawe Jacques ATI ndaje kugufata mu mugongo maze ubuhemu bukomere. Murahumba abarundi turi maso.
5 Ntwarante 2015, 08:28, par mukobwajana
NGAHA MU BURUNDI NTA MUNTU AGOWE NKA EDOURAD ARARUSHA NA ADOPHE NA PETER AMARUSHWA..EWE BATUTSI BANYOYE ISUPU Y IGIHUNA MURAPFA RUBI//ARIKO RANAC NAYO NIGIRE ICO ISHIKIRIJE IREKE GUSHIRA IMBERE ABANTU ATACO BASHOBOYE
5 Ntwarante 2015, 10:40, par ndayi
nduwimana ntakwatagira mugukumira rwasa ariko amukumire areke azoruhira kubatwara uyumwaka2015 mbona nduwimana yoreka rwasa agakora
5 Ntwarante 2015, 13:17, par Iyumenya
Indongozi z’imburabwenge nka Edouard zimaze iki mugihugu?
5 Ntwarante 2015, 14:41, par kwizera
minani hamwe na jeack ubwenge bwabo buracuritse basumbwa na nyarucari ataciye no mwishure wewe yirimira,karashizingani ibigabo bibiri nimida aho kujahamwe nabandi bikaba arivyo bifatanya na mpema zuzuye ewe ba mpemuke ndamuke muragowe!
5 Ntwarante 2015, 17:32, par Nuwera
Harihabantu bihendacane hano iyobatanga ivyiyumvirovyabo, ndavuga ahusanga umuntuyinamura akavugango: Mbega ahubutegetsi bucabuhindukira Edwardo azocajahe!? Ndashaka kubabwirako hakiruho democratie iha uburenganzira abenegihugu bwokwitorera abazobarongora ntamuntunkuwo avugako abatiyumvamwo arukuzobatuza mugihugu tuzigera duhijambo kiretse mufashe igihugu kungufu nkukomwamamwavyipfuje, uwomushikiranganjirero numugambwewiwe aturukamwo ngiyo politike babasumbije, kuko uwomushikiranganji yarifise ivyoyanegura muntwaro zahahora ariko urabonako bataribafise intumbero yokubagiriranabi nkukwokwanyu murotamibona muriko muratekeza uwomushikiranganji! Ndababwizukuri murafise indoto zibicane.
6 Ntwarante 2015, 02:06, par @#
nditije n’a rwasa nabagabo nibihangane baharure imisi isigaye simyishi twebwe benegihugu duce urubanza..ico kijuju ngo ni minani bakireker iryo zina batore irindi
10 Ntwarante 2015, 05:40, par NTAWUHORIWABO
None Gayemwe Eduard Umugire Gute?Arajwe Ishinga Noguaanya Abarikobaja Hamwe?Nukuri Aragowe Kuko Sikobizohora Kandi Namvura Idahita.
13 Ntwarante 2015, 05:37, par kelly
mbega ko nduwimana yakoreye umugambwe cane mu gusambura iyindi migambwe kuki atotangwa nk’umu candidat?
13 Ntwarante 2015, 05:38, par kelly
mbega ko nduwimana yakoreye umugambwe cane mu gusambura iyindi migambwe kuki atotangwa nk’umu candidat?
14 Ndamukiza 2015, 14:05, par niyitunga aboubakar
hhhm umushikira nganji nukuri akora ibitabaho harigih azojugumira
9 Rusama 2015, 14:21, par adolphe irankunda
birababaj kuko ha6gay imi6 mike baj mumatora nn bariko baraburabuzwa.nabareke kuko ntaz uko buzoca ejo.
19 Rusama 2015, 21:22, par Irakoze
Ahubwo Yanse Gukubitwa Impaga N’areke Rwasa Yitaratarize
3 Ruheshi 2015, 05:06, par MTALA
UMWANA YANKWA NIWE AKURA AGAHURU GAKOMEYE KIRINDA UBUPFU
6 Ruheshi 2015, 14:43, par Philbert
ESe basi boduha amahoro tukituriza twebwe abanyagihugu batobato.kuberiki badukina nkumupira!
28 Mukakaro 2015, 21:17, par Izayi
nditije ndaguteye intege uba ndanyeporitike urekerwa abe ukoziwaba DD
28 Mukakaro 2015, 21:22, par Izayi
nditij ndaguteye intege uba ndanyeporitike ureka rwasa abe umukozi waba DD