Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UPRONA ya NDITIJE ntiyemera abanywanyi bayo bari i Arusha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA ya NDITIJE ntiyemera abanywanyi bayo bari i Arusha mu (...)

UPRONA ya NDITIJE ntiyemera abanywanyi bayo bari i Arusha mu biganiro

lundi 23 Rusama 2016, par egide

Umugambwe UPRONA, ishami rirongowe n’umushingamateka Karori NDITIJE umenyesha ko utigeze urungika abawuserukira mu biganiro biriko bihuza Abarundi i Arusha muri Tanzaniya.

Mu gihe Evariste NGAYIMPENDA, icegera c’umukuru w’uwo mugambwe hamwe na Tasiyano SIBOMANA umuvugizi w’uwo mugambwe bari i Arusha mu biganiro biriko bihuza Abarundi, mu mugambwe UPRONA urongowe na Karori NDITIJE bamenyesha ko abo bitavye ivyo biganiro batarungitswe na UPRONA, ko bagiye ku gatwe kabo, bakavuga mbere ko n’ibizova muri ivyo biganiro bitazoba biraba uwo mugambwe.

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bamenyesha ko batangajwe n’ukwumva Evariste NGAYIMPENDA hamwe na Tasiyano SIBOMANA bari muri ivyo biganiro kandi batarungitswe n’umugambwe bakomokamwo.

Iryo tangazo rya UPRONA rivuga ko uwo mugambwe utitavye ivyo biganiro kubera urunani CNARED uwo mugambwe usanzwe urimwo rutatumiwe, bakavuga ko ibiganiro bazokwitaba ari ibidakumira.


IGIHE

Messages

  • Uprona na CNARED nabo nyene bari bakwiye kwitabira ibiganiro kuko nabone nyene turabakunda kandi tubaronderako amahoro.

  • ereganibansumirinda kuko bumvisamahera bacabagendabinyegeje izobwa batazi umukino

  • Umuntu asomye neza iyi nkuru aca yumva ko UPRONA igizwe n’umuntu umwe. Atabonetse ntakigenda. Abarundi ntiduhinduka kweli.

  • NONE KONABONE BATABATUMIYE MURIVYO BIGANIRO NTIBIBARABA? BOBO NTAKIBAZO BOGANIRA NARETA NIBAZAKO BOGIRA IBIGANIRO VYABOSE HANYUMA TWEMBWE ABANYAGIHUGU MUKADUHA AMAHORO.

  • Cnared idatumiye ntakizoshoboka mukora ubusa iconosaba abagize cnared nukoboguma bafatanye munda bareke gucanamwo nukugira igihababu nkabotwumvise batanguye kwidobora mugagusa iconabo ndabashimira nuko ijambo ariryarindi nyene

  • ABO BANKA KWITABA IBIGANIRO NIBABANDI BAKUBITA KUDETA AHUBWO IVYO BIHUGU BIBAHAYE INDARO NIBIBATANGE BACIRIBWE URUBANZA RUBAKWIYE KUKO NABASI BUBURUNDI

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!

  • zezeta nditije, hazambuka intwari gusa

  • Ewe Burundi uragasimba imbanga,!

    Umuntu yakoresheje izinaryanje ashaka kujijisha abakunzibanje konoba nsigaye nshobora kuvuga ibinuka canke ibisesema, nibiboze nkivyo yanditse yihenze cane, kuko munama duherukamwo yabakunzi bu Burundi bujuje ibisabwa barambariye ko mukwandika ivyiyumviro vyanje ngo ndabashiramwo akanovera kerekana ko nshiririye vyukuri nanje naciye ndabemerera ko noneho ngiye nogutangura gukoresha kuza ndaganirisa abantu babakozibimana cane kugira nshobore kumenya akahise kabantu bakunda Imana cane koboba baragize umunezero mwishi mwinosi.

    Mwebwerero namwe bakunzibanje ntarinababwiye ukwongiye gutangura gukora mugutanga ivyiyumviro nimuce muboneraho kumenya kwubu mugiye kuroswa ibishasha.

    Abakozi b’Imana mwitegure ngiye kubiyegereza cane abazonyima inkuru nzokwandiko ko bazinyimye abazozimpa bashizemwo zamvugo ngo beretswe Nyangoma ariwe mukuru wigihugu ngokandi ngo umuhisi Adolph Nshimirimana ngoniwe azosubirira prezida Nkurunziza amazegupha nabo nzobasorongora mukuvuga ivyobambwiye.
    Hariho utuntu twishi nkoresha dufasha abakunzibanje kumenya uwokwihenda agakoresha izinaryanje mugutanga ivyiyumvirovyiwe bacabamenya kwatarijewe, there is our confidential.

  • Ahaaa nukuraba neza iyo cenard iratambikije izokwarura aho bihiye

  • gusaba ibiganiro byaba ntuvyitabe ni ubujuju. bizobagaruka!!! ubuse urwaruka rwitanze rwazize iki!!!

  • Nibirekere kuko ntakizovamwo ayonamanyanga ya reta y’uburundi.Gusa inzira nyamukuru nuko boganira n’umurundi wese asha ibiganiro.kku ukuri gushirira mu kuyaga.

  • ukwo nukwiboha mumutwe bokwitaba ibiganiro kubera ntibaba kumiye kubera nabonabarundi.

  • URHTWENGA WABATUMAYO WARUVYEZEKWIKI MWATOVYIMWE MWABAGUMUTSIMWE NONE NKAWEWE NABAGUKURIKIYE NIBIJUJUNKAWE REKA UMUVYEDUKUNDA KONSIRIYA NYAKUBAHWA WEWE NAFADIKANYE NUMUGABWE BAKURIKIRANA BATWARE IGIHUGU NAYONDIJAVYIBAMUREKE EGA HARABAZUMIRAKURUSHATN URHTWENGA WABATUMAYO WARUVYEZEKWIKI MWATOVYIMWE MWABAGUMUTSIMWE NONE NKAWEWE NABAGUKURIKIYE NIBIJUJUNKAWE REKA UMUVYEDUKUNDA KONSIRIYA NYAKUBAHWA WEWE NAFADIKANYE NUMUGABWE BAKURIKIRANA BATWARE IGIHUGU NAYONDIJAVYIBAMUREKE EGA HARABAZUMIRAKURUSHATN NKINYODWI

  • Abantu bose banka kwitaba mu MIBONANO canke mu BIGANIRO kandi baba batumiwe ngo nuko batatumiwe kw’izina rya kanaka,ahumbo je mbona ko bose base bopfuma bitaba IMANA ikabakira mu bwami bwayo kuko vyoba AKARUSHO ku BANTU n’IMANA.

  • abo batanguye gucanamwo bakiri murunani noneho niboshikira ubutegetsi bazomarana. hababaje urwaruka bahendesha uduhera.

  • Ewen NDITIJE uragowe,wiruka inyuma yabobatutsi ngo hageza amagaburanyama ngowobaserukira! Barikurondera inyungu zabatutsi birunvikana kowewe atazo wobaronderera kko uri umuhutu wikigodyi.

  • Tari Aguma Agumijye Isimbizo Umwana Yarakorotse , Ewe Nditije Uzopfa Wangara Nka M 23 , Ntanikiroberi Mwoshobora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.