Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Urban Boyz bazanye bishasha mu giteramo n’Abanyarwanda batarabona
Urban Boyz bazanye bishasha mu giteramo n’Abanyarwanda batarabona
mardi 30 Kigarama 2014
Mu ntumbero yo gushira ahabona urukurikirane rya gatanu, umurwi wa Urban Boyz na Sat B bazogirana igiteramo. Bavuga kandi ko iterambere ry’umuziki w’Uburundi n’Urwanda rizova mu runinani rugizwe n’inkingi zine.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umurwi wa Urban Boyz ufashwe mu mugongo na SUPER LEVEL wariko uvuga hanini ibijanye n’igiteramo bise "UBUCUTI CONCERT" uzogirisha kuri Musée Vivant aho bukera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama kuva igihe c’isaha icenda. Muri ico giteramo, Urban Boyz bazoshira ahabona urukurikirane rwa gatanu ( 5eme Album) rwitwa " TAYALI" igizwe n’indirimbo 12. Bazoririmba kandi ku mugaragaro ururirimbo "Urankirigita" baherutse gukorana na Sat B
Bahejeje kuvuga ibijanye n’igiteramo, habajijwe ibibazo ku bijanye n’iterambere ry’umuziki, haba intambwe umuziki ugezeko mu Rwanda canke uko babona umuziki w’Uburundi iyo bari mu gihugu iwabo. Muvyo bavuze, humvikanyemwo inkingi zine zishoboka gutuma umuziki utere imbere kandi ushobore no gutunga umuririmvyi.
1) Inkingi ya mbere, n’umuririmvyi ubwiwe yiyumvira ururirimbo akamenya ivyo agira aririmbe n’ubutumwa atanze mu ruririmbo n’abo buraba, n’ico ashaka gushikako,
2) Umuhinyanyuzi nawe araheza agahinyanyura ururirimbo bamushiriye maze akarukora neza n’ubuhinga bugezweho, haba mu gokora amajwi n’isanamu yarwo,
3) Ikingi ya gatatu kandi ihambaye ica isigarana igikorwa gikomeye co gutangaza ururirimbo no kumenyekanisha ibikorwa vy’umuririmvyi. Abo babiri (Umuririmvyi n’umumenyeshamakuru) basabwa gukorana kugira umuziki utere imbere.
4) Abo bose bamaze gukora ico gikorwa hasigara igikorwa c’abakunzi b’umuziki baheza bagaterera mu kugura indirimbo z’umuririmvyi, uwo nawe agaheza agatungwa n’akazi kiwe k’umunyamuziki.
Umurwi wa Urban Boyz uvuga uri mu ntambara kugira izo nkingi zine bikunde zijeho mu Rwanda kandi baremera ko bamaze kubona intambwe mu gihugu iwabo. Urban Boyz isaba ko abamenyeshamakuru b’Abarundi bokorana n’abo mu Rwanda nk’uko abaririmvyi bobo babitanguye.
Mwomenya ko abaririmvyi nka Emery Sun na Happy, Allioni, Mico na Riderman bo mu Rwanda bazofadikanya na Urban Boyz na Sat B muri ico giteramo bitiriye ubucuti.
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Nyakanga 2015, 11:59, par Niyongabo Kitoko Donatien (Git,kabogo)
Tubari Inyuma Kabisa
6 Gitugutu 2015, 07:27, par Jay-flow
ahaa!jew kubwanj nkumu sani nzwi kwizina rya Jay-flow ark nkab ntaramenyekana vya danger ndatey integ umurw arban boys hamw n’umuririmbyi wac twemera can saturamabafre bos bazeberekan ko bashoboy ham natw dushoboy ark tutaraj hejur bazebatwibuk
2 Mukakaro 2016, 21:56, par Sibomana Adrien
None Ko Bavuze Ngo Nubucuti Ubu Arban Boyz Bobo Bakigize Itsinda Rimwe? S Bt Nawe Narabe Ic’afasha Abamura Muntege.
10 Myandagaro 2016, 05:07, par Je Nitwa Mapenzi Brack
Je Numva Biryoshe Ico Twosaba Nabamenyesha Makuru Baba Rundi Biteho Gukina Umuziki Cane Ikind Sat B Yiteh Uruvyiruko Rutaratera Imbere Nkaw Amenye Ko Nawe Yarahangayitse Akiyumvira Kuririmba Atwibuk Twe Ntituragara Neza Itsinda Ryabant Batatu
26 Ruhuhuma 2017, 16:55, par BLACK stone
Ongela Sana Mimi Nawamini ,huku Sosumo Tunapenda Sana Nyiyeoto,
10 Ruheshi 2017, 22:57, par TALES
NASHIMYE