Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urban Boyz yatahukanye ikibanza ca mbere muri Primus Guma Guma Super (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Urban Boyz yatahukanye ikibanza ca mbere muri Primus Guma Guma Super (...)

Urban Boyz yatahukanye ikibanza ca mbere muri Primus Guma Guma Super Star

lundi 15 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abaririmvyi batau aribo Safi, Nizzo na Humble Jizzo bagize umurwi Urban Boyz nibo batahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star rigira gatandatu, ritunganwa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa (Bralirwa).

Uwo murwi watahukanye ico kibanza ca mbere usanzwe ukundwa cane mu gihugu c’Urwanda, ukaba ubaye umurwi wa mbere mu Rwanda utahukanye ico kibanza, mu myaka itandatu iheze.

Urban Boyz yahawe ibahasha y’amafaranga imiriyoni 24 z’amafaranga y’amanyarwanda. Uwa kabiri ahabwa 7,500,000, uwa gatatu yatahukanye imiriyoni indwi.

Ku ncuro ya mbere haraheze imyaka itandatu, ikibanza ca mbere c’ihiganwa rya PGGSS catahukanwe na Tom Close yari imbere mu baririmvyi bari bakunzwe muri ico gihe.

Muri uwu mwaka, abahiganwa bari 10 : Young Grace, Urban Boyz, Jules Sentore, Bruce Melody, Allioni, Christopher, Danny Nanone, Danny Vumbi, Umutare Gaby hamwe na TBB.

Uko bakurikiranye

10.Umutare Gaby
9.TBB
8.Danny Nanone
7.Jules Sentore
6.Allioni
5.Young Grace
4.Danny Vumbi
3.Bruce Melody
2.Christopher
1.Urban Boyz


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.