IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abagirizwa ko bafatiwe ku rugo rwa Nyakabeto mu Ngagara (...)

Urubanza rw’abagirizwa ko bafatiwe ku rugo rwa Nyakabeto mu Ngagara rwatanguye

jeudi 30 Rusama 2013

Urubanza rw’abakekwa ko bafatiwe ku rugo rwa Justin Nyakabeto rwatanguye mu sentare ya Mairie ya Bujumbura. Nk’uko twavyiboneye, urwo rubanza ruriko
rurakurikiranwa cane n’abatari bake. Aha twovuga nk’abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka’APRODH, na ACAT, ndetse n’abanyagihugu batandukanye.

Abafashwe muri ako kajagari kariko karaba ni 24, ariko muri abo hakaba harimwo umwe vyagaragara ko adakomeye neza mu mutwe nk’uko abatari bake babivuga, haba mu bashingwamanza b’abo canke mu bandi bantu bava muri karatiye ya Ngagara, n’umuryango w’uyo yafashwe.

Abo bafashwe rero bakaba bamaze kuronswa bose abashingwamanza bababuranira, batanzwe n’amashirahamwe nka ACAT na APRODH. Ishirahamwe ACAT ryatanze abashingwamanza batanu mu gihe APRODH naryo ryatanze abashingwamanza babiri mu ntumbero yo gufasha abo bafashwe kuburana. Ikindi kiboneka mu bafashwe bagirizwa ko bateye amabuye abapolisi, n’uko benshi vyaboneka ko ari abakozi bo mu mazu.

JPEG - 321.6 ko
Ababuranira abo bafashwe batanzwe na ACAT na APRODH

Aho ku kibanza ca sentare ya Mairie, hari abapolisi batari bake ndetse biboneka ko barikanuye kugira ntihagire n’umwe abacarukana mu bafashwe. Ariko icababaje imiryango y’abafashwe, n’uko ababo bafashwe bariko bararenganywa kuko bamwe bafatiwe iruhande y’inzu ata ruhagarara barimwo, mu gihe abandi nabo ngo bayowe n’igipolisi mu gihe bari baroye kwugara impangu zabo, kugira ntihagire n’umwe yohava yikika mu kajagari kariko karaba aho mu Ngagara ngo bahave biterera mu mazu mu bugizi bwa nabi.

Nk’uko rero abashingwamanza bari aho babitumenyesheje, bavuga ko bagire basabe ko urwo rubanza rutosaswa muri bimwe bita ikibiriraho, kuko bisunze itegeko ryo mu gitabo c’uko imanza zicibwa, mu ngingo ya 73 igice ca 10, ku gace kagira gatanu, abashingwamanza bafise uburenganzira bwo gusaba ko boronswa akanya kugira baje gutegura imanza z’abo baburanira neza, ubu rero abo bashinwgwamanza bose bakaba barindiriye ko boronswa uyo mwanya.

Urwo rubanza rukaba ruriko rurabandanya aho rwashashe kuri sentare nkuru ya Mairie ya Bujumbura


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.