IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abamenyeshamakuru ba RPA na BONESHA rwungurujwe ku rindi (...)

Urubanza rw’abamenyeshamakuru ba RPA na BONESHA rwungurujwe ku rindi sango

jeudi 19 Ruheshi 2014

Urubanza rw’ababamenyeshamakuru babiri Eloge Niyonzima akorera insamirizi RPA hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM rwungururijwe kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2014.

Umumenyeshamakuru w’insamirizi RPA Eloge Niyonzima hamwe Alexis Nkeshimana akorera insamirizi Bonesha FM ntibabaye bacumvirizwa kuri uwu wa kane muri sentare nkuru ya Bubanza. Urubanza rwabo rwungururijwe kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro.
Tubibutse ko mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi, abo bamenyeshamakuru bari barungikiwe imitahe yo kwitaba sentare nkuru ya Bubanza, imvo nayo kwari kugira babwirwe ico bagiye kuzobazwa mu minsi iza, mu mburano. Sentare nkuru ya Bubanza yari yamenyesheje rero ko abo bamenyeshamakuru bazorenguka kuwa 19 Ruheshi mu rubanza rujanye n’amakuru batanze kuwa 16 Ndamukiza 2014, ajanye n’ibirwanisho vyoba vyariko bihabwa urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Bitwariwe n’uwitwa Nephtali Niyongabo, asanzwe afise inzu y’ihoteri co kimwe n’uwuserukira abadandaza i Bubanza. Abandi bitwariye abo bamenyeshamakuru akaba ari umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza.

Bompi bagirizwa icaha c’uguhungabanya umutekano.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.